Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYO WOKWIYIGISHA

Kwihanganira akarenganyo

Kwihanganira akarenganyo

Soma Itanguriro 37:​23-28; 39:​17-23 kugira ngo ubone akarenganyo Yozefu yihanganiye.

Rondera kumenya ingene ibintu vyari vyifashe. Ni ibiki vyatumye Yozefu bamufata nabi? (Ita. 37:​3-11; 39:​1, 6-10) Yamaze igihe kingana gute yihanganiye akarenganyo? (Ita. 37:2; 41:46) Muri ico kiringo, ni ibiki Yehova yakoreye Yozefu, ariko ni ibiki atamukoreye?—Ita. 39:​2, 21; w23.01 17 ing. 13.

Rondera kumenya n’ibindi. Bibiliya ntivuga ko Yozefu yoba yarisiguye ku binyoma muka Potifari yamwagirije. Ivyanditswe bikurikira bidufasha gute kwiyumvira icoba caratumye Yozefu ahitamwo kutisigura, canke ku gituma tudakwiye kwitega ko Bibiliya itubwira amakuru yose ku nkuru kanaka? (Imig. 20:2; Yoh. 21:25; Ivyak. 21:37) Ni kamere izihe zishobora kuba zarafashije Yozefu kwihanganira akarenganyo?—Mika 7:7; Luka 14:11; Yak. 1:​2, 3.

Rondera ivyigwa wohakura. Niwibaze uti: