Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 26

URURIRIMBO RWA 8 Yehova ni we buhungiro bwacu

Nugire Yehova igitandara cawe

Nugire Yehova igitandara cawe

«Nta gitandara kiriho kimeze nk’Imana yacu.»1 SAM. 2:2.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Kwiga igituma Yehova avugwa ko ari igitandara n’ingene twokwigana kamere ziwe.

1. Muri Zaburi 18:​46, Dawidi yagereranije Yehova n’iki?

 MW’ISI tubayemwo, turashobora gushikirwa n’ingorane tutari twiteze zigatuma ubuzima bwacu bugora canke mbere buhinduka cane. Turakenguruka cane kuba dushobora kwitura Yehova Imana ngo adufashe! Mu kiganiro c’imbere y’iki, twaribukijwe ko Yehova ari Imana nzima be n’uko yama yiteguriye kudufasha. Iyo twiboneye ingene adufasha, biradukura amazinda ko «Yehova [ari] muzima!» (Soma Zaburi 18:46.) Ariko Dawidi ahejeje kuvuga ayo majambo, yaciye avuga ko Imana ari «Igitandara.» None ni kubera iki yagereranije Yehova Imana nzima n’igitandara kitagira ubuzima?

2. Ni ibiki tuza kubona ku bijanye n’amajambo Dawidi yavuze ko Yehova ari ‘Igitandara ciwe’?

2 Muri iki kiganiro, turaza kubona igituma Yehova yitwa igitandara be n’ico ivyo bitwigisha ku bimwerekeye. Turaza kubona n’ukuntu twomwihekako, akatubera Igitandara. Mu gusozera, turaza kubona ukuntu twokwigana kamere za Yehova.

IGITUMA YEHOVA ARI IGITANDARA

3. Akenshi Bibiliya ikoresha gute ijambo «igitandara»? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

3 Bibiliya irakoresha ijambo «igitandara» kugira idufashe gutahura kamere zimwezimwe za Yehova. Akenshi iryo jambo rikoreshwa mu Vyanditswe aho usanga abasavyi biwe bariko baramushemeza kubera kamere ziwe zidasanzwe. Icanditswe ca mbere kivuga ko Yehova ari «Igitandara» kiri mu Gusubira mu vyagezwe 32:4. Mw’isengesho Hana yatuye, yavuze ko «[a]ta gitandara kiriho kimeze nk’Imana yacu.» (1 Sam. 2:2) Habakuki yise Yehova ngo «Igitandara canje.» (Hab. 1:12) Umwanditsi wa Zaburi ya 73 yise Imana ngo «gitandara canje.» (Zab. 73:26) Na Yehova ubwiwe yarivugiye ko ari igitandara. (Yes. 44:8) Reka turabe kamere Yehova afise zituma amera nk’igitandara, n’ingene twomugira «Igitandara cacu.»Gus. 32:31.

Abasavyi b’Imana babona ko Yehova ameze nk’Igitandara kibakingira (Raba ingingo ya 3)


4. Ni gute Yehova ari ubuhungiro? (Zaburi 94:22)

4 Yehova ni ubuhungiro. Nka kurya nyene igitandara gishobora gukingira umuntu igihuhusi gikomeye, Yehova aradukingira igihe turi mu ngorane zikomeye. (Soma Zaburi 94:22.) Aradufasha gukingira ubucuti dufitaniye na we, kandi akadukura amazinda ko ata kintu na kimwe gishobora kutugirira nabi ibihe bidahera. Aradusezeranira n’ikindi kintu gihambaye: Muri kazoza azokuraho ibintu vyose bidutera amaganya n’ingorane.—Ezk. 34:​25, 26.

5. Ni gute Yehova yotubera Ubuhungiro?

5 Kimwe mu vyo twokora kugira Yehova atubere Ubuhungiro, ni ukumusenga. Igihe tumusenze, araduha «amahoro y’Imana» arinda imitima yacu n’ivyiyumviro vyacu. (Flp. 4:​6, 7) Raba akarorero k’umuvukanyi yapfunzwe azira ukwizera kwiwe yitwa Artem. Akenshi yarasambishijwe n’umuntu akaze cane, akamukubagura kandi akamutera ubwoba. Artem yavuze ati: «Igihe cose uwo muntu yaba ariko aransambisha, naragira ubwoba. . . . Nama nsenga Yehova. Namusaba ampe amahoro yo mu mutima n’ubukerebutsi. Iterabwoba ryiwe nta co ryashitseko. . . . Ndabifashijwemwo na Yehova, wamenga mpagaze inyuma y’uruhome rw’amabuye.»

6. Kubera iki dukwiye kwama twiheka kuri Yehova? (Yesaya 26:​3, 4)

6 Yehova yama ari umwizigirwa. Kurya nyene igitandara kitigera kiva aho kiri, na Yehova yama ahari kugira adufashe. Turashobora kumwizigira kuko ari «Igitandara c’ibihe bidahera.» (Soma Yesaya 26:​3, 4.) Azokwama ashitsa ivyo asezerana, yumviriza amasengesho yacu, kandi adushigikira. Turashobora kandi kwiheka kuri Yehova kubera adahemukira abamukorera. (2 Sam. 22:26) Ntazigera yibagira ivyo tumukorera kandi azokwama aduha impera.—Heb. 6:10; 11:6.

7. Ni ibiki tuzokwibonera nitwiheka kuri Yehova? (Raba n’ifoto.)

7 Turagira Yehova Igitandara cacu igihe tumwihekako duherejeko. Turazi neza ko tuhungukira igihe tumugamburukiye mbere no mu bihe bigoye. (Yes. 48:​17, 18) Iyo twiboneye ukuntu adufasha, turarushiriza kumwizigira. Biratuma tujijuka ko Yehova ari we wenyene ashobora kudufasha kwihanganira ibigeragezo naho vyoba bikomeye gute. Akenshi iyo turi mu bihe bigoye tukabona nta wundi twokwitura, duca tubona ko dukwiye kwama twizigira Yehova. Uwitwa Vladimir avuga ati: «Igihe nari mpfunzwe, narumvise niyegereje cane Yehova. Narize kurushiriza kwizigira Yehova kubera nari jenyene kandi nkaba ntari nshoboye kwikura muri izo ngorane.»

Turagira Yehova Igitandara cacu igihe tumwihekako duherejeko (Raba ingingo ya 7)


8. (a) Kubera iki twovuga ko Yehova adahinduka? (b) Kuba Imana ari Igitandara cacu bitugirira akamaro gute? (Zaburi 62:​6, 7)

8 Yehova ntahinduka. Kurya nyene igitandara kinini canke umusozi bitigera bihinduka, na Yehova ntiyigera ahinduka. Yama ari wa wundi, kandi n’umugambi wiwe ntiwigera uhinduka. (Mal. 3:6) Igihe abavyeyi bacu ba mbere bagarariza, Yehova ntiyaciye ahindura umugambi afitiye abantu. Nk’uko n’intumwa Pawulo yavyanditse, Yehova «[ntashobora] kwihakana ico ari.» (2 Tim. 2:13) Ivyo bisobanura ko Yehova atazigera ahinduka canke ngo ahindure umugambi wiwe canke ingingo ngenderwa ko ziwe naho hoba iki canke naho abandi bokora iki. Kubera Yehova atigera ahinduka, turazi ko azodufasha mu ngorane kandi agashitsa ivyo yasezeranye.—Soma Zaburi 62:​6, 7.

9. Ivyashikiye Tatyana bitwigisha iki?

9 Turagira Yehova Igitandara cacu mu kugumiza ku muzirikanyi kamere ziwe be n’umugambi wiwe. Ivyo biradufasha kuguma dutekanye no kutamuhemukira igihe turi mu ngorane. (Zab. 16:8) Ivyo ni vyo vyashikiye Tatyana igihe yari apfunzwe ic’amaso ahorwa ukwizera kwiwe. Yavuze ati: «Nari jenyene. Mu ntango ntivyari vyoroshe. Akenshi naracika intege.» Ariko igihe yabona ko ico kigeragezo yarimwo cari gifitaniye isano na Yehova be n’umugambi wiwe, vyatumye atekana yongera araronka inkomezi zo kwihangana. Yavuze ati: «Gutahura igituma ivyo vyariko biranshikira vyaratumye nibuka ko nari muri iyo mimerere kubera Yehova. Ivyo vyaramfashije kutaguma niyumvira ivyanje gusa.»

10. Ni gute Yehova yoba Igitandara cacu muri iki gihe?

10 Mu misi iri imbere, tuzoshikirwa n’ibigeragezo bizotuma dukenera kwiheka kuri Yehova kuruta ikindi gihe cose. Iki ni co gihe co kurushiriza kujijuka ko azoturonsa ivyo dukeneye vyose kugira tugume turi intahemuka. None ivyo twobigira gute? Nusome inkuru zo muri Bibiliya n’ivyabonywe vy’abasavyi b’Imana bo muri iki gihe. Nurabe ingene Imana yagaragaje kamere zimeze nk’igitandara kugira abashigikire. Nuzirikane cane kuri izo nkuru. Ivyo birashobora kugufasha kugira Yehova Igitandara cawe.

NIWIGANE KAMERE ZA YEHOVA

11. Kubera iki twipfuza kwigana kamere za Yehova? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo « Umugambi abavukanyi bakiri bato bokwishingira.»)

11 Twabonye kamere Yehova afise zituma atubera nk’igitandara. Ubu na ho reka turabe ingene twokwigana izo kamere. Tugerageje kwigana izo kamere za Yehova, turashobora gukomeza abavukanyi bacu. Nk’akarorero, Yezu yise Simoni ngo Kefa (rihindurwa ngo «Petero»), rikaba risobanurwa ngo «Igitandara.» (Yoh. 1:42) Ivyo vyarerekana ko Petero yoremesheje abandi mw’ishengero, akongera agakomeza ukwizera kwabo. Abakurambere badondorwa ko ari «igitutu c’urutare amahero.» Ivyo birerekana ukuntu bakingira abagize ishengero. (Yes. 32:2) Ariko ntiwumve, ishengero rirahungukira igihe abarigize bose, baba abavukanyi canke bashiki bacu, bigana kamere za Yehova.—Ef. 5:1.

12. Ni gute twobera abandi ubuhungiro?

12 Nubere abandi ubuhungiro. Mu bihe bimwebimwe, abavukanyi barashobora guhungira iwacu igihe hateye ibiza n’isibe, imigumuko canke intambara. Uko ibintu bitera vyunyuka «mu misi ya nyuma» nta gukeka ko tuzoronka uturyo twinshi two kuronsa abavukanyi na bashiki bacu ivyo bakeneye. (2 Tim. 3:1) Turashobora kandi kuremesha abavukanyi na bashiki bacu tukongera tukabagaragariza urukundo. Uburyo bumwe twobigira, ni mu gutuma bumva bisanze ku Ngoro y’Ubwami, tugatuma haba ahantu harangwa urukundo n’indemesho. Muri ino si, abantu bafata abandi nabi ivyo bigatuma abavukanyi na bashiki bacu bata umutwe, bakumva barakeneye uwobagaragariza urukundo. Igihe rero bitavye amakoraniro, turakwiye gukora ibishoboka vyose kugira bumve baruhuriwe kandi ko bakundwa.

13. Ni gute canecane abakurambere bobera abandi ubuhungiro? (Raba n’ifoto.)

13 Abakurambere barashobora kubera ubuhungiro abagize ishengero mu bigeragezo bitandukanye. Igihe hateye ivyago canke hakagira abakenera kuvurwa vyihutirwa, abakurambere baca bihutira kuhaseruka. Abakurambere kandi baratanga indemesho zishingiye kuri Bibiliya. Abagize ishengero baroroherwa no kwitura umukurambere bazi ko afise umutima mwiza, w’impuhwe, kandi abatega ugutwi. Izo kamere ziratuma abandi bumva ko bitwararitswe. Ivyo bituma boroherwa no gushira mu ngiro ubuyobozi ubwo ari bwo bwose bushingiye kuri Bibiliya umukurambere yobaha.—1 Tes. 2:​7, 8, 11.

Abakurambere bararemesha abavukanyi na bashiki bacu igihe bari mu bihe bigoye (Raba ingingo ya 13) a


14. Twokwerekana gute ko turi abizigirwa?

14 Nube umwizigirwa. Twipfuza ko abandi bizigira ko dushobora kubafasha canecane mu bihe bigoye. (Imig. 17:17) None twokora iki kugira abandi batwizigire? Twokwihatira kwama twigana Yehova, nk’akarorero tukama dushitsa ivyo dusezerana kandi tukubahiriza umwanya. (Mat. 5:37) Igihe kandi hari abari n’ivyo bakeneye, twokwitanga tukabafasha. N’ikindi kandi, turitwararika gusozera ibikorwa dushingwa mw’ishengero twisunze ubuyobozi duhabwa.

15. Ni gute abakurambere b’abizigirwa babera umuhezagiro ishengero?

15 Abakurambere b’abizigirwa barabera umuhezagiro ishengero. Uti gute? Abamamaji barumva baruhuriwe igihe bashobora kwitura abakurambere batitinya, na canecane abahagarikizi b’imigwi yabo yo gusohoka mu ndimiro. Abamamaji kandi barumva ko bitwararitswe igihe bazi ko abakurambere biteguriye kubafasha. N’ikindi kandi, igihe abakurambere bashingira impanuro zabo kuri Bibiliya no ku bitabu vyasohowe n’umushumba aho kuzishingira ku vyiyumviro vyabo, bituma abagize ishengero babizigira. Abavukanyi na bashiki bacu bararushiriza kwizigira umukurambere atamena ibanga kandi yitwararika gusozera igikorwa yiyemeje.

16. Ni gute kwama dukora ibigororotse bitugirira akamaro bikakagirira n’abandi?

16 Niwame ukora ibigororotse. Turabera akarorero abandi igihe dushikama ku bigororotse kandi tugafata ingingo twisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Igihe twiyigisha Ijambo ry’Imana kandi tugakomeza ukwizera kwacu, turaba intahemuka kuri Yehova no ku ngingo ngenderwako ziwe. Ntituba abantu badafata ingingo, ba mahindagu, canke ngo duhendwe n’inyigisho z’ikinyoma canke ivyiyumviro vy’iyi si. (Ef. 4:14; Yak. 1:​6-8) Kwizera Yehova n’ivyo yasezeranye biratuma tuguma dutekanye igihe twumvise inkuru mbi. (Zab. 112:​7, 8) Biratuma kandi dushobora gufasha ababa bari mu ngorane.—1 Tes. 3:​2, 3.

17. Ni gute abakurambere bofasha abandi kuguma batekanye?

17 Abakurambere bakwiye kuba batarenza urugero mu ngeso zabo, biyumvira neza, ari abanyarutonde kandi batadadaza. Kubera ko abo bagabo «[bumira] kw’ijambo ryo kwizigirwa», barafasha abandi kuguma batekanye kandi bagakomeza ishengero. (Tito 1:9; 1 Tim. 3:​1-3) Biciye ku karorero abakurambere batanga no ku kuntu baragira ishengero, barafasha abamamaji kudahorereza mu makoraniro, mu ndimiro no mu kwiyigisha. Igihe abavukanyi na bashiki bacu bahuye n’ibintu bibatera amaganya, abakurambere barabaremesha kugumiza ku mutima Yehova n’ivyo asezerana.

18. Kubera iki twipfuza gushemeza Yehova no kurushiriza kumwiyegereza? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo « Uburyo bwo kurushiriza kwiyegereza Yehova.»)

18 Inyuma yo kurimbura kamere nziza za Yehova, turashobora kuvuga nk’umwami Dawidi duti: «Hashemezwe Yehova we Gitandara canje.» (Zab. 144:1) Turashobora kwama twiheka kuri Yehova. Mu buzima bwacu bwose, mbere no mu busaza, turafise imvo zo kuvuga duti: «Ni we Gitandara canje», twizigiye ko azokwama adufasha kuguma turi intahemuka kuri we.—Zab. 92:​14, 15.

URURIRIMBO RWA 150 Rondera Imana urokorwe

a INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Ku Ngoro y’Ubwami, mushiki wacu aritura abakurambere babiri yisanzuye.