Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 23

URURIRIMBO RWA 28 Ni nde aba umugenzi wa Yehova?

Yehova aradutumira ngo tube abashitsi biwe

Yehova aradutumira ngo tube abashitsi biwe

«Ihema ryanje rizoba riri kumwe na bo. Nzoba Imana yabo.»EZK. 37:27.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Kudufasha gutahura ico bisigura kuba abashitsi mw’ihema ry’ikigereranyo rya Yehova no gutahura ingene atwitwararika.

1-2. Ni ubutumire ubuhe Yehova aha abasavyi biwe b’intahemuka?

 WEWE Yehova umubona gute? Woshobora kuvuga uti: «Jewe mbona ko Yehova ari Dawe, Imana yanje n’Umugenzi wanje.» Hari vyinshi wovuga mu kudondora Yehova. Ariko none woba ubona kandi ko Yehova agutumira ngo ube umushitsi wiwe?

2 Ubugenzi buri hagati ya Yehova n’abasavyi biwe, umwami Dawidi yabugereranije n’ubugenzi buri hagati y’abashitsi n’uwabatumiye. Yabajije ati: «Ewe Yehova, ni nde yoba umushitsi mw’ihema ryawe? Ni nde yoba ku musozi wawe mweranda?» (Zab. 15:1) Ayo majambo yahumetswe aratwereka ko dushobora kuba abashitsi ba Yehova, ni ukuvuga abagenzi biwe. Ubwo ni ubutumire budasanzwe Yehova aduha.

YEHOVA ASHAKA KO TUBA ABASHITSI BIWE

3. Umushitsi wa mbere wa Yehova yari nde, kandi Yehova n’uwo mushitsi wiwe biyumvanamwo ku rugero rungana gute?

3 Imbere y’uko Yehova atangura kurema, yari wenyene. Ariko harageze igihe ararema Umwana wiwe w’imfura ngo abe umushitsi mw’ihema ryiwe ry’ikigereranyo. Yehova yarahimbawe cane no kwakira uwo mushitsi. Bibiliya yerekana ko Yehova ‘yiyumvamwo cane’ Umwana wiwe. Uwo mushitsi wiwe na we, ‘yama ahimbawe igihe cose imbere ya Yehova.’—Imig. 8:30.

4. Ni bande kandi babaye abashitsi mw’ihema rya Yehova?

4 Yehova yaciye arema ibindi biremwa vy’impwemu, na bo nyene baraba abashitsi mw’ihema ryiwe. Abamarayika bitwa «abana b’Imana», kandi barahimbarwa bari kumwe na Yehova. (Yobu 38:7; Dan. 7:10) Imyaka myinshi yaraheze Yezu be n’abamarayika ari bo bonyene ari abagenzi ba Yehova. Mu nyuma yararemye abantu, na bo nyene bakaba barashobora kuba abashitsi biwe. Mu babaye abashitsi biwe harimwo Henoki, Nowa, Aburahamu na Yobu. Bibiliya ivuga ko bari abagenzi b’Imana kuko bagendana «n’Imana y’ukuri.»—Ita. 5:24; 6:9; Yobu 29:4; Yes. 41:8.

5. Ubuhanuzi buri muri Ezekiyeli 37:​26, 27 butwigisha iki?

5 Mu binjana n’ibindi, Yehova yarabandanije gutumira abasavyi biwe ngo babe abashitsi biwe. (Soma Ezekiyeli 37:​26, 27.) Nk’akarorero, ubuhanuzi bwa Ezekiyeli buratwigisha ko Imana yipfuza ko abasavyi bayo b’intahemuka bagiranira na yo ubucuti somambike. Isezerana kuzogirana na bo «isezerano ry’amahoro.» Ubwo buhanuzi bwerekeza ku gihe abafise icizigiro co kuzoba mw’ijuru hamwe n’abafise icizigiro co kuzoba kw’isi bazokwunga ubumwe bari mw’ihema ry’ikigereranyo rya Yehova, ari «ubusho bumwe.» (Yoh. 10:16) Ivyo ni ko bimeze muri iki gihe.

IMANA IRATWITWARARIKA AHO TWOBA TUBA HOSE

6. Ni ryari umuntu aba umushitsi mw’ihema rya Yehova, kandi iryo hema riri hehe?

6 Mu bihe vya Bibiliya, mw’ihema ry’umuntu haba ari ahantu umuntu ashobora kuruhukira kandi akikinga ubushuhe n’imbeho. Uwaba ari umushitsi muri iryo hema yaritwararikwa cane. Igihe twiyeguriye Yehova, tuba tubaye abashitsi mw’ihema ryiwe ry’ikigereranyo. (Zab. 61:4) Turaronka ibifungurwa vyinshi vyo mu vy’impwemu kandi turifatanya n’abandi bashitsi ba Yehova. Ihema ry’ikigereranyo rya Yehova ntiriri mu karere kanaka gusa. Ushobora kuba umaze kuja mu kindi gihugu, kumbure kw’ihwaniro ridasanzwe, maze ugahurirayo n’abandi bari mw’ihema ry’Imana. Iryo hema rya Yehova riri ahantu hose hari abasavyi biwe bamugamburukira.—Ivyah. 21:3.

7. Kubera iki twovuga ko n’abantu b’intahemuka bapfuye na bo nyene bakiri abashitsi mw’ihema rya Yehova? (Raba n’ifoto.)

7 Bite ho ku bantu b’intahemuka bapfuye? Twoba twovuga ko na bo nyene bakiri abashitsi mw’ihema rya Yehova? Ego cane! Uti kubera iki? Kubera Yehova abibuka neza; kuri we ni nk’aho bakiriho. Yezu yavuze ati: «Ivy’uko abapfuye bazurwa, na Musa yarabihishuye muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa, igihe yita Yehova “Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo.” Si Imana y’abapfuye, ahubwo ni iy’abazima, kuko bose ari bazima kuri yo.»—Luka 20:​37, 38.

Turashobora kuvuga ko n’abasavyi ba Yehova bapfuye bakiri abashitsi mw’ihema ryiwe (Raba ingingo ya 7)


IVYIZA TUHAKURA BE N’IVYO DUSABWA

8. Ni ivyiza ibihe dukura ku kuba turi mw’ihema rya Yehova?

8 Kurya nyene umuntu ari mw’ihema ashobora kuruhuka kandi akikinga imbeho n’ubushuhe, ni ko n’ihema rya Yehova rikingira abashitsi biwe ikintu cose coshobora kwonona ubucuti bafitaniye na we kandi rigatuma bagira icizigiro ca kazoza. Tugumye twiyegereje Yehova, nta kintu na kimwe Shetani yokora cotugirira nabi ibihe vyose. (Zab. 31:23; 1 Yoh. 3:8) Mw’isi nshasha, Yehova azobandanya gukingira abagenzi biwe b’intahemuka icokwonona ubucuti bafitaniye na we, abakingire n’urupfu.—Ivyah. 21:4.

9. Yehova yitega ko abashitsi biwe bigenza gute?

9 Mu vy’ukuri, ni agateka kadasanzwe kuba umushitsi mw’ihema rya Yehova. Turashobora kuba abagenzi biwe ibihe vyose. None twokora iki kugira tugume turi abashitsi biwe? Iyo watumiwe n’umuntu, urakenera kumenya ivyo wokora kugira umunezereze. Nk’akarorero, ashobora kuba yiteze ko ukura ibirato imbere y’uko winjira mu nzu, kandi urahimbarwa no kubikora. Na twebwe turakeneye kumenya ivyo Yehova asaba abipfuza kuguma ari abashitsi mw’ihema ryiwe. Urukundo dukunda Yehova ruratuma dukora ivyo dushoboye vyose kugira ‘tumushimishe bimwe bishitse.’ (Kol. 1:10) Ego ni ko Yehova ni Umugenzi wacu, ariko kandi ni Imana yacu akaba n’Umuvyeyi wacu abereye ko tumwubaha. (Zab. 25:14) Ivyo ntidukwiye kwigera tuvyibagira. Kandi dukwiye kwama tumwubaha cane. Ico cubahiro kizotuma twirinda kwigenza mu buryo bumubabaza. Twipfuza kwama ‘tugendana n’Imana yacu twifashe ruto.’—Mika 6:8.

YEHOVA NTIYAGIZE NKUNZI KU BISIRAYELI

10-11. Ukuntu Yehova yafata Abisirayeli mu bugaragwa bw’i Sinayi vyerekana gute ko atagira nkunzi?

10 Yehova ntagira nkunzi mu kuntu afata abashitsi biwe. (Rom. 2:11) Ivyo turabibonera mu kuntu yafata Abisirayeli mu bugaragwa bw’i Sinayi.

11 Yehova amaze gukura abasavyi biwe mu buja bwo mu Misiri, yaciye agena abaherezi bakorera kw’ihema ryeranda. Abalewi na bo yabashinze kwitwararika ibindi bikorwa vyo kuri iryo hema. None Yehova yoba yitwararika cane abakorera kuri iryo hema n’abakambitse hafi yaryo kuruta abandi? Habe namba! Yehova ntagira nkunzi.

12. Yehova yerekanye gute ko atagira nkunzi mu kuntu yafata ihanga rya Isirayeli ryaheruka gushingwa? (Kuvayo 40:38) (Raba n’ifoto.)

12 Umwisirayeli wese yarashobora kugiranira ubucuti bwiza na Yehova, yaba akorera kw’ihema ryeranda canke atahakorera, yaba aba hafi yaryo canke kure yaryo. Nk’akarorero, Yehova yaritwararitse ko ihanga ryose rishobora kubona ya nkingi y’igicu na ya nkingi y’umuriro hejuru ya rya hema ryeranda. (Soma Kuvayo 40:38.) Igihe ico gicu caba kigiye, n’ababa kure cane y’ihema ryeranda barabibona bagaca batekera utwabo, bagashingura amahema yabo maze bagafatana urugendo n’abandi Bisirayeli. (Guh. 9:​15-23) Igihe za nzumbete zibiri zaba zivugijwe, bose barazumva, bagaca bamenya ko hageze ko bagenda. (Guh. 10:2) Biragaragara ko kuba hafi y’ihema ryeranda atari co cerekana ko umuntu afitaniye ubucuti na Yehova. Ahubwo, umwe wese mu bari bagize iryo hanga ryaheruka gushingwa yarashobora kuba umushitsi mw’ihema rya Yehova kandi Yehova yaramuyobora akongera akamukingira. No muri kino gihe, aho twoba tuba hose kw’isi, Yehova aradukunda, akatwitwararika kandi akadukingira.

Ahantu ihema ryeranda ryari cari ikimenyamenya c’uko Yehova atagira nkunzi (Raba ingingo ya 12)


UBURORERO BWO MURI IKI GIHE BWEREKANA KO YEHOVA ATAGIRA NKUNZI

13. Kubera iki twovuga ko Yehova atagira nkunzi muri iki gihe?

13 Bamwebamwe mu basavyi b’Imana bo muri iki gihe, baba hafi y’icicaro gikuru canke hafi y’ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova. Hari mbere n’abakorera muri ivyo bibanza. Ivyo bituma bagira uruhara mu bikorwa bitandukanye birangurirwa ng’aho, kandi bakabonana amaso mu yandi n’abatuja imbere. Hari abo usanga ari abahagarikizi b’imizunguruko canke ugasanga bakorera mu yindi mice y’umurimo udasanzwe w’igihe cose. Nimba uri mu bandi basavyi ba Yehova benshi batari muri iyo migwi, nuhere amazinda ko Yehova akunda cane abasavyi biwe bose. Kandi bose arabitwararika, umwe wese ku giti ciwe. (1 Pet. 5:7) Yehova araronsa abasavyi biwe bose ibifungurwa vyo mu vy’impwemu, akabayobora kandi akabakingira.

14. Ni akandi karorero akahe kerekana ko Yehova atagira nkunzi?

14 Akandi karorero kerekana ko Yehova atagira nkunzi ni uko aronsa Bibiliya abantu bose kw’isi. Mu ntango, Bibiliya yanditswe mu ndimi zitatu: igiheburayo, igiharameya n’ikigiriki. None vyoba bisigura ko abashobora gusoma izo ndimi Bibiliya yanditswemwo mu ntango ari bo bashobora kwiyegereza cane Yehova kurusha abadashobora kuzisoma? Habe namba.—Mat. 11:25.

15. Ni igiki cerekana ko Yehova atagira nkunzi? (Raba n’ifoto.)

15 Kugira Yehova adutumire ngo tube abashitsi biwe, ntaraba ko twize amashure menshi canke ko tuzi indimi nyinshi. Yehova aratuma abantu bose bashobora kuronka ubukerebutsi bwiwe ataravye amashure bize. Ijambo ryiwe Bibiliya ryarahinduwe mu ndimi ibihumbi. Gutyo abantu bo hirya no hino kw’isi barashobora kwungukira ku nyigisho Yehova atanga, bakiga n’ingene boba abagenzi biwe.—2 Tim. 3:​16, 17.

Kuba Bibiliya yarahinduwe mu ndimi nyinshi vyerekana gute ko Yehova atagira nkunzi? (Raba ingingo ya 15)


NUGUME MW’IHEMA RYA YEHOVA

16. Twisunze Ivyakozwe 10:​34, 35, dushobora gute kuguma mw’ihema rya Yehova?

16 Ni agateka kadasanzwe kuba Yehova yaraduhaye ikaze ngo tube abashitsi mw’ihema ryiwe ry’ikigereranyo. Yehova ni Umuvyeyi wacu ameze neza, akundana kandi yakirana cane. Vyongeye, ntagira nkunzi. Twese aradutumira ataravye iyo tuba, iyo tuva, amashure twize, ibara ryacu ry’urukoba, ubwoko bwacu, imyaka dufise kandi ntaraba ngo turi abagore canke abagabo. Ariko abakurikiza ingingo ngenderwako ziwe ni bo bonyene aha ikaze mw’ihema ryiwe.—Soma Ivyakozwe 10:​34, 35.

17. Ni hehe tuzokura ayandi makuru ajanye no kuba abashitsi mw’ihema rya Yehova?

17 Muri Zaburi 15:​1, Dawidi yabajije ati: «Ewe Yehova, ni nde yoba umushitsi mw’ihema ryawe? Ni nde yoba ku musozi wawe mweranda?» Umwanditsi wa Zaburi yarahumekewe kwishura ivyo bibazo. Mu kiganiro gikurikira, tuzobona ibintu bimwebimwe dutegerezwa gukora kugira tugume mw’ihema rya Yehova.

URURIRIMBO RWA 32 Ja ku ruhande rwa Yehova!