Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 24

URURIRIMBO RWA 24 Nimuze ku musozi wa Yehova

Nube umushitsi wa Yehova ibihe bidahera

Nube umushitsi wa Yehova ibihe bidahera

«Ewe Yehova, ni nde yoba umushitsi mw’ihema ryawe?»ZAB. 15:1.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Gutahura ivyo dusabwa kugira tugume turi abagenzi ba Yehova no kubona ingene yiteze ko dufata abandi bagenzi biwe.

1. Kubera iki kurimbura Zaburi 15:​1-5 vyotugirira akamaro?

 MU KIGANIRO c’imbere y’iki, twarabonye ko abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye bashobora kuba abashitsi mw’ihema ryiwe ry’ikigereranyo mu gukomeza ubucuti bafitaniye na we. Ariko none, twokora iki kugira tugiranire ubucuti na Yehova? Zaburi 15 iravyerekana. (Soma Zaburi 15:​1-5.) Iyo Zaburi iratwereka ivyo tubwirizwa gukora kugira turushirize kwiyegereza Imana.

2. Igihe Dawidi yavuga ibijanye n’ihema rya Yehova ashobora kuba yariko yiyumvira iki?

2 Zaburi 15 itangura iti: «Ewe Yehova, ni nde yoba umushitsi mw’ihema ryawe? Ni nde yoba ku musozi wawe mweranda?» (Zab. 15:1) Igihe umwanditsi wa Zaburi Dawidi yavuga «ihema» rya Yehova ashobora kuba yariko yiyumvira rya hema ryeranda, rikaba ryari rimaze igihe i Gibeyoni. Dawidi aravuga kandi ‘umusozi mweranda’ w’Imana, akaba ashobora kuba yariko yerekeza ku musozi Siyoni wari i Yeruzalemu. Aho i Yeruzalemu, ahari ku bilometero bitari bike mu bumanuko bwa Gibeyoni, Dawidi yarateguye ihema maze arishiramwo isandugu y’isezerano, ikaba yohagumye gushika urusengero rwubatswe.—2 Sam. 6:17.

3. Kubera iki dukeneye gutahura ibivugwa muri Zaburi 15? (Raba n’ifoto.)

3 Abisirayeli benshi ntibari barekuriwe gukorera kw’ihema ryeranda, kandi bakeyi cane ni bo bashoboye kwinjira muri iryo hema, ahari isandugu y’isezerano. Ariko abasavyi ba Yehova b’intahemuka bose barashobora kuba abashitsi mw’ihema ryiwe ry’ikigereranyo mu kugiranira ubucuti na Yehova kandi bakaguma ari abagenzi biwe. Ico ni ikintu twese twipfuza. Zaburi 15 iratubwira ivyo tubwirizwa gukora kugira tugumane ubucuti bwiza na Yehova.

Abisirayeli bo mu gihe ca Dawidi barashobora kwiha ishusho mu bwenge ico bisobanura kuba umushitsi mw’ihema rya Yehova (Raba ingingo ya 3)


NUGENDERE MU GUTUNGANA KANDI UKORE IBIGOROROTSE

4. Ni igiki kitwereka ko kubatizwa atari co conyene Yehova adusaba? (Yesaya 48:1)

4 Muri Zaburi 15:2 (akajambo k’epfo), havuga ko umugenzi w’Imana ari «umuntu agendera mu gutungana, akora ibigororotse.» Imvugo ngo «agendera» na «akora» zerekeza ku gikorwa umuntu aguma akora. Ariko none, twoba vy’ukuri dushobora «[ku]gendera mu gutungana»? Ego cane. Naho ata muntu n’umwe atunganye, Yehova azobona ko «[tu]gendera mu gutungana» mu gihe dukora uko dushoboye kwose kugira tumugamburukire. Igihe twiyeguriye Imana tukabatizwa, iba ari intango gusa. Niwibuke ko mu bihe vya Bibiliya, kuba gusa umuntu ari Umwisirayeli bitaca bisigura ko ari umushitsi mw’ihema rya Yehova. Bamwebamwe barambaza Imana, mugabo ntibabigira «mu kuri no mu bugororotsi.» (Soma Yesaya 48:1.) Abisirayeli bipfuza vy’ukuri kuba abashitsi ba Yehova babwirizwa kwiga ivyo abasaba kandi bakabaho bavyisunga. No muri iki gihe kugira twemerwe n’Imana, hariho ibindi dusabwa uretse kubatizwa no kwifatanya n’ishengero rya gikirisu. Tubwirizwa kuguma «[du]kora ibigororotse.» None ivyo twobigira gute?

5. Kugamburukira Yehova muri vyose bisobanura iki?

5 Kuri Yehova, «[ku]gendera mu gutungana» no «[gu]kora ibigororotse» ntibigarukira gusa ku kwama twitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. (1 Sam. 15:22) Tubwirizwa kwihatira kugamburukira Imana mu vyo dukora vyose, mbere n’igihe tuba turi twenyene. (Imig. 3:6; Umus. 12:​13, 14) Birahambaye ko tugamburukira Yehova mbere no mu tuntu tubona ko tudahambaye. Ivyo birerekana ko tumukunda vy’ukuri, kandi biratuma na we arushiriza kudukunda.—Yoh. 14:23; 1 Yoh. 5:3.

6. Twisunze Abaheburayo 6:​10-12, ni igiki gihambaye kuruta ibikorwa twakoze muri kahise?

6 Yehova arashima cane ibintu twamukoreye muri kahise. Ariko kuba twarakoze ibikorwa biranga ubwizigirwa kera si vyo vyonyene bituma tuguma turi abashitsi mw’ihema rya Yehova. Ivyo biragaragarira neza mu bivugwa mu Baheburayo 6:​10-12. (Soma.) Yehova ntiyibagira ibikorwa vyiza twakoze kera. Ariko yipfuza ko tuguma tumukorera tubikuye ku mutima «gushika kw’iherezo.» Tuzoguma turi abagenzi biwe ibihe bidahera «nitutarambirwa.»—Gal. 6:9.

NUVUGE UKURI MU MUTIMA WAWE

7. Kuvuga ukuri mu mutima wacu bisobanura iki?

7 Umuntu yipfuza kuba umushitsi mw’ihema rya Yehova abwirizwa kuba «avuga ukuri mu mutima wiwe.» (Zab. 15:2) Ivyo ntibisobanura gusa ko umuntu atabesha. Yehova yipfuza ko twigenza mu buryo bugororotse mu vyo tuvuga no mu vyo dukora vyose. (Heb. 13:18) Ivyo birahambaye «kuko umuntu w’amanyanga ashisha Yehova, ariko abagororotsi ababera umugenzi somambike.»—Imig. 3:32.

8. Ni inyifato iyihe dukwiye kwirinda?

8 ‘Abavuga ukuri mu mutima wabo’ ntiberekana ko bagamburuka igihe bari mu bandi ariko igihe bari bonyene bagaca barenga ku mategeko y’Imana. (Yes. 29:13) Baririnda amanyanga. Umuntu w’umunyamanyanga yoshobora gutangura kwiyumvira ko amategeko ya Yehova yose atagororotse. (Yak. 1:​5-8) Yoshobora kugambararira Yehova mu bintu we abona ko bidahambaye. Maze igihe abonye ko ata ngaruka n’imwe imushikiye kubera ukwo kugambarara, yoshobora no guca atangura kurenga ku yandi mategeko y’Imana. Ivyo vyotuma Yehova atemera ugusenga kwiwe naho yoba yiyumvira ko ariko aramukorera. (Umus. 8:11) Twipfuza rero kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.

9. Ni ibiki twigira ku vyabaye igihe Yezu yabonana na Natanayeli ari ryo rya mbere? (Raba n’ifoto.)

9 Ivyabaye igihe Yezu yabonana na Natanayeli ari ryo rya mbere biratwereka akamaro ko kugira umutima utarimwo uburyarya. Igihe Filipo yazana umugenzi wiwe Natanayeli kubonana na Yezu, hari ikintu kidasanzwe cabaye. Naho ryari ryo rya mbere Yezu abonye Natanayeli, yavuze ati: «Raba Umwisirayeli nyawe, atagira uburyarya.» (Yoh. 1:47) Ni ivy’ukuri ko Yezu yabona ko n’abandi bigishwa biwe batagira uburyarya, ariko yabona ko Natanayeli wewe atagira uburyarya mu buryo budasanzwe. Natanayeli yari umuntu adatunganye cokimwe natwe. Ariko nta manyanga na makeyi yari afise. Ivyo Yezu yarabishimye maze aramukeza. Ese ukuntu koba ari agateka hamwe Yezu yovuga ko natwe tumeze gutyo!

Filipo ariko arereka Yezu umugenzi wiwe Natanayeli, umuntu atagira uburyarya. Natwe twoba twodondorwa gutyo? (Raba ingingo ya 9)


10. Kubera iki dukwiye kuba maso mu vyo tuvuga? (Yakobo 1:26)

10 Vyinshi mu vyo dusabwa bivugwa muri Zaburi 15 vyerekeza ku kuntu dufata abandi. Zaburi 15:3 havuga ko umushitsi mw’ihema rya Yehova ‘adakoresha ururimi rwiwe mu kubeshera abandi, ata kibi na kimwe akorera mugenziwe kandi adasiga iceyi abagenzi biwe.’ Gukoresha nabi ururimi rwacu muri ubwo buryo birashobora kubabaza abandi, kandi bigatuma tutaba tugikwije ibisabwa vyo kuba abashitsi mw’ihema rya Yehova.—Soma Yakobo 1:26.

11. Kubeshera abandi bisobanura iki, kandi ni ibiki bishikira umuntu abeshera abandi ntiyigaye?

11 Umwanditsi wa Zaburi yaravuze adomako ibijanye n’umuntu abeshera abandi. None kubeshera abandi bisobanura iki? Muri rusangi bisobanura kuvuga ikinyoma ku muntu gishobora gutuma agira izina ribi. Abantu babeshera abandi ntibigaye barakurwa mw’ishengero.—Yer. 17:10.

12-13. Ni mu biringo ibihe twosanga twasize iceyi bagenzi bacu tutabiciye n’ikanda? (Raba n’ifoto.)

12 Zaburi 15:3 iratwibutsa kandi ko abashitsi ba Yehova ata kibi na kimwe bakorera bagenzi babo kandi ko badasiga iceyi abagenzi babo. None ni gute twosiga iceyi abagenzi bacu?

13 Twoshobora gusiga iceyi umuntu tutabiciye n’ikanda mu gukwiragiza amakuru atari yo ku bimwerekeye. Nk’akarorero: (1) mushiki wacu arahagaritse ubutsimvyi, (2) umugabo n’umugore bubakanye ntibagikorera kuri Beteli, canke (3) umuvukanyi ntakiri umukurambere canke umukozi w’ishengero. Ubwo vyoba bibereye ko tugenda turabwira abandi ko abo bavukanyi na bashiki bacu bashobora kuba bakoze ikintu kibi, akaba ari co gituma ivyabo vyahindutse? Hashobora kuba hari imvo nyinshi tutazi zatumye haba ayo mahinduka. Umushitsi mw’ihema rya Yehova «nta kibi na kimwe akorera mugenziwe kandi ntasiga iceyi abagenzi biwe.»

Biroroshe gusanga twakwiragije amakuru atari yo ku vyerekeye abandi, ukwo kukaba ari ukubeshera abandi (Raba ingingo ya 12-13)


NUTERE ITEKA ABATINYA YEHOVA

14. Ni gute abashitsi ba Yehova baterekwa «umuntu wese afise inyifato igayitse»?

14 Zaburi 15:4 ivuga ko umugenzi wa Yehova «[ate]rekwa umuntu wese afise inyifato igayitse.» None twomenya gute umuntu afise inyifato igayitse? Kubera ko tudatunganye, ntitwoshobora kuvuga ko umuntu afise inyifato igayitse. Uti kubera iki? Muri rusangi, usanga twiyumvamwo abantu bafise kamere dushima ariko ntitwiyumvemwo abafise kamere tudashima. Rero, abantu bonyene tudakwiye kwerekwa ni abo Yehova abona ko «[ba]fise inyifato igayitse.» (1 Kor. 5:11) Aho harimwo abakora ibicumuro ntibigaye, abatubaha ukwizera kwacu n’ivyo twemera, canke abagerageza kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova.—Imig. 13:20.

15. Uburyo bumwe twerekana ko dutera iteka «abatinya Yehova» ni ubuhe?

15 Ubukurikira, Zaburi 15:4 ica idusaba gutera iteka «abatinya Yehova.» Rero turarondera uturyo two kugaragariza ubuntu n’icubahiro abagenzi ba Yehova. (Rom. 12:10) None twobigira gute? Uburyo bumwe twobigira bushingiye kuri Zaburi 15:​4, aherekana ko umushitsi mw’ihema rya Yehova «[ata]reka gushitsa ivyo yasezeranye naho vyomugirira nabi.» Igihe tudashikije ivyo twasezeranye biragirira nabi abandi. (Mat. 5:37) Nk’akarorero, Yehova yiteze ko abashitsi biwe bashitsa indagano bagiraniye n’abo bubakanye. Arahimbarwa kandi igihe abavyeyi bihatira gushitsa ivyo basezeraniye abana babo. Kubera ko dukunda Imana n’abantu nkatwe, turakora ivyo dushoboye vyose ngo dushitse ivyo twasezeranye.

16. Ubundi buryo dutera iteka abagenzi ba Yehova ni ubuhe?

16 Ubundi buryo dutera iteka abagenzi b’Imana ni mu kuba abakiranyi kandi tugatanga cane. (Rom. 12:13) Kumarana umwanya n’abavukanyi na bashiki bacu mu biringo bisanzwe biradufasha gukomeza ubucuti dufitaniye na bo n’ubwo dufitaniye na Yehova. Vyongeye, igihe tubaye abakiranyi tuba twiganye Yehova.

NIWIRINDE GUKUNDA AMAHERA

17. Kubera iki Zaburi 15 ivuga ibijanye n’amahera?

17 Turabona ko umushitsi wa Yehova «[ada]saba inyungu ku ngurane atanze, kandi ntarya igiturire co gucinyiza intungane.» (Zab. 15:5) Kubera iki muri iyi Zaburi ngufi havugwamwo ibijanye n’amahera? Ni kubera ko igihe dukunda amahera bishobora kugirira nabi abandi kandi bikonona ubucuti dufitaniye n’Imana. (1 Tim. 6:10) Mu bihe vya Bibiliya, hari abarondera kwungukira kuri benewabo bakenye mu kubaka inyungu ku ngurane babahaye. N’abacamanza bararya ibiturire bagaca baca iza ngondagonde. Yehova aranka cane mwene izo nyifato.—Ezk. 22:12.

18. Ni ibibazo ibihe vyodufasha gusuzuma ukuntu tubona amahera? (Abaheburayo 13:5)

18 Birahambaye ko dusuzuma ukuntu tubona amahera. Niwibaze uti: «Noba nama nsanga ndiko ndiyumvira ibijanye n’amahera n’ivyo nogura? Iyo hari uwanguranye amahera, noba nteba kuyamwishura nkibwira ko atayakeneye? Iyo mfise amahera vyoba bituma numva ko ndi umuntu ahambaye kandi bikangora gutanga? Noba niyumvira ko abavukanyi na bashiki bacu ari inkunzi z’amahera kubera gusa bafise amahera? Noba ndondera kugiranira ubugenzi n’abatunzi ariko nkirengagiza abakene?» Twaratewe agateka kadasanzwe ko kuba abashitsi ba Yehova. Kugira tugumane ako gateka, tubwirizwa kwirinda gukunda amahera. Nitwabigira, Yehova ntazokwigera aduheba.—Soma Abaheburayo 13:5.

YEHOVA ARAKUNDA ABAGENZI BIWE

19. Kubera iki Yehova yipfuza ko dushitsa ibintu vyose bivugwa muri Zaburi 15?

19 Zaburi 15 isozera ivuga uwu muhango ugira uti: «Umuntu nk’uwo ntazokwigera anyiganyizwa.» (Zab. 15:5) Aho umwanditsi wa Zaburi arerekana igituma Yehova yipfuza ko dukora ibintu vyose bivugwa muri iyo Zaburi. Yehova yipfuza ko duhimbarwa. Rero, igihe dukurikije ivyo adusaba araduhezagira kandi akadukingira.—Yes. 48:17.

20. Ni igiki abashitsi ba Yehova biteganye umushasharo?

20 Abashitsi ba Yehova bariteganye umushasharo kazoza keza. Abarobanuwe b’abizigirwa bazoja muri vya «bibanza vyinshi vyo kubamwo» Yezu yabategurira mw’ijuru. (Yoh. 14:2) Abafise icizigiro co kuba kw’isi bariteganye umushasharo umuhango wo mu Vyahishuwe 21:3. Vy’ukuri, twese tubona ko ari agateka kadasanzwe kuba Yehova yaradutumiye ngo tube abagenzi biwe, ngo tube abashitsi mw’ihema ryiwe ibihe bidahera!

URURIRIMBO RWA 39 Twiheshe izina ryiza ku Mana