Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

SIERRA LEONE NA GUINÉE

Bipfuza kuyirorera

Bipfuza kuyirorera

MU 1956, abavukanyi b’i Freetown barerekanye ya sinema yavuga ngo La Société du Monde Nouveau en action. Bavuze bati:

“Twarakose inyubakwa nini yaruta izindi z’i Freetown twongera turatanga ubutumire 1.000. Twaribaza aboje ukuntu bobaye bangana. Hagisigaye inusu y’isaha ngo iyo sinema itangure, abantu 25 gusa ni bo bari bamaze gushika. Mu minuta 15 yakurikiye, harashitse abandi 100. Bidatevye ibibanza 500 vyose vyo kwicaramwo vyari vyuzuye. Abandi 100 barahimbawe no guhagarara. Abandi 500 bahagaze hanze, kubera ko bitashoboka ko binjira. Boba borindiriye ko iyo sinema isubira kwerekanwa ubugira kabiri? Bishuye bati: ‘Ego.’ Kandi bararindiriye, naho imvura yariko iragwa!”

Mu myaka yakurikiye, abantu barenga 80.000 bo hirya no hino muri Sierra Leone baraza kuraba iyo sinema be n’izindi zishimishije.