Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

SIERRA LEONE NA GUINÉE

1991-2001 “Itanure . . . ry’amarushwa”—Yes.48:10 (Igice ca 1)

1991-2001 “Itanure . . . ry’amarushwa”—Yes.48:10 (Igice ca 1)

Intambara y’abanyagihugu

Mu myaka ya 1980, ingorane zo mu kibano, iza politike n’iz’ubutunzi zaratumye haba indyane muri Afrika y’uburengero yose. Igihe igihugu kibanyi Liberiya casinzikazwa n’intambara, abantu benshi barahungiye muri Sierra Leone. Ishami ryaratunganije inzu n’Ingoro z’Ubwami kugira ngo bikoreshwe mu kwakira Ivyabona bari bahunze, kandi abavukanyi barabaronkeje ivyo bari bakeneye.

N’aho ibintu bitari vyoroshe kuri izo mpunzi, haraba ibintu bimwebimwe bitwengeje. Isolde Lorenz umumisiyonari amaze igihe kirekire yigana ati: “Hari agahungu karungitswe na se wako gushusha ibifungurwa mu kibanza carimwo umuriro mu busitani inyuma y’Ingoro y’Ubwami, ino ikaba yari mu kibanza c’ishami. Igihe ako gahungu kagaruka, kabwiye se wako ko uwo musi ata bifungurwa boronse. Se wako yarakabajije igituma. Kishuye gati: ‘Kubera ko uno musi Yehova yankuye mu vyara vy’intambwe!’ None hari habaye iki? Igihe kariko karasubira inyuma gafise vya bifungurwa, karahuye n’urubwa runini rwo kw’ishami, ariko rutaryana rwitwa Lobo, rwo mu bwoko bw’imbwa zikomoka mu Budagi (izo bita berger allemand). Ako gahungu kaciye kagira ubwoba. Gafise iyo sahani y’ibifungurwa, karagoroye ukuboko uko gashoboye kwose kugira ngo kazibire iyo mbwa. Lobo yaciye ibona ko ako gahungu kayihaye izo mfungurwa. Nayo iti natanzwe!”

Ku wa 23 Ntwarante 1991, intambara yari muri Liberiya yaragiye irashika no muri Sierra Leone, haba hatanguye intambara y’abanyagihugu yamaze imyaka 11. Umugwi w’abaroberi bitwa Front Révolutionnaire Uni (RUF) ntiwatevye gushika i Kailahun be n’i Koindu, ivyo bituma abanyagihugu bo ng’aho benshi bahungira muri Guinée. Muri izo mpunzi harimwo abavukanyi na bashiki bacu nka 120. Muri ico gihe nyene, ibindi Vyabona b’impunzi bo muri Liberiya baraje muri Sierra Leone imbere y’uko abo baroberi bahashika.

Billie Cowan, uwari umuhuzabikorwa wa Komite y’ishami ico gihe, yigana ati: “Haraciye amezi kuri Beteli y’i Freetown haza harashika imigwi y’abavukanyi bajonjogoye kandi banamvye. Benshi bari barahuye n’amabi atagira izina kandi bari barariye ivyatsi vyo mw’ishamba kugira ntibapfe n’inzara. Twaca ubwo nyene tubaronsa ibifungurwa n’ivyambarwa tukongera tukitwararika n’incuti zabo be n’abari barashimishijwe n’ukuri baba bazananye. Abavukanyi na bashiki bacu bo ng’aho barabafatanye ubuntu bongera barabaha indaro. Ivyo Vyabona b’impunzi ntibatevye kugira uruhara cane mu murimo wo mu ndimiro mu gukorana n’amashengero yo ng’aho. Mu nyuma, benshi muri bo bahavuye basubira inyuma, ariko igihe bari ng’aho baradukomeje!”

Sierra Leone yaramaze imyaka 11 iri mu ntambara y’abanyagihugu

Barahumurijwe bongera baragira icizigiro

Ibiro vy’ishami vyararungikiye Ivyabona b’impunzi bari mu makambi yo mu bumanuko bwa Guinée imfungurwa, imiti, ibikoresho vyo kwubaka, ibindi bikoresho vya nkenerwa be n’ivyombo. Muri ivyo harimwo n’imfashanyo z’impuzu nyinshi zivuye mu Bufaransa. Sebibondo umwe yanditse ati: “Abana banje baratamvye, bararirimba bongera barashemeza Yehova. Bari baronse impuzu nshasha zo kwambara ku makoraniro!” Hari abavukanyi na bashiki bacu bavuze ko batari bwigere bambara neza gutyo!

Ariko rero, izo mpunzi zari zikeneye n’ibindi uretse imfashanyo y’ivy’umubiri. Yezu yavuze ati: “Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, mugabo azobeshwaho n’ijambo ryose rizanana mu kanwa ka Yehova.” (Mat. 4:4) Ku bw’ivyo, ibiro vy’ishami vyararungitse muri ako karere ibitabu bishingiye kuri Bibiliya vyongera biratunganya ivy’uko hoza harabera amateraniro n’amahwaniro. Muri ako karere hararungitsweyo kandi abatsimvyi be n’abacungezi b’ingenzi.

Igihe umucungezi w’umuzunguruko André Baart yagendera i Koundou muri Guinée, yarabonanye n’umutegetsi yari ajejwe iyo kambi, uno akaba yaramusavye ko yoshikiriza impunzi zo ng’aho insiguro ishingiye kuri Bibiliya. Abantu nka 50 barakurikiranye insiguro ya André yari ifise umutwe uvuga ngo “Nuhungire kuri Yehova,” yari ishingiye kuri Zaburi 18. Arangije, hari umutamakazi yahagurutse arashikiriza ijambo. Yavuze ati: “Watumye tugira umunezero mwinshi. Umuceri ntutorera umuti ingorane zacu, ariko Bibiliya iratweretse ukuntu twokwizigira Imana. Turagushimiye cane bimwe bivuye ku mutima kuba waduhumurije wongera uratuma tugira icizigiro.”

Igihe abamisiyonari William Slaughter n’umukenyezi wiwe Claudia barungikwa gukorera i Guékédou muri Guinée, ishengero ryari rigizwe n’impunzi zirenga 100 ryararurumba impwemu. (Rom. 12:11) William avuga ati: “Abakiri bato benshi bariko bararondera gushikira amabanga yo mu vy’impwemu. Bishitse hakagira uwudashobora gushikiriza ikiganiro ciwe mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, abavukanyi bakiri bato bari hagati ya 10 na 15 baritanga ngo bagishikirize. Mu busuku bwo mu ndimiro wasanga haza benshibenshi kandi bakamamaza n’umwete. Bamwebamwe muri abo bavukanyi bakiri bato b’abanyamwete bahavuye baba abatsimvyi basanzwe abandi baba abacungezi b’ingenzi.”

Bubaka mu gihe c’intambara

Inyuma gatoyi y’aho intambara y’abanyagihugu itanguriye, abavukanyi b’i Freetown baraguze itongo ryangana n’amahegitari atandatu kw’ibarabara 133 Wilkinson, ku metero nkeyi umanukanye ibarabara uvuye ku biro vy’ishami. Alfred Gunn avuga ati: “Twaripfuza kwubaka Beteli nshasha muri ico kibanza ariko twari duhagaritswe umutima n’intambara. Kubera ko umuvukanyi Lloyd Barry wo mu Nama Nyobozi yari yatugendeye ico gihe, twaramutuye ico kibazo. Yavuze ati: ‘Nitwareka ngo intambara itubuze gukora, nta co tuzokwigera dukora!’ Ayo majambo yiwe akabura yaratumye tugira umutima rugabo wo gukora.”

Abavukanyi amajana barakoze baratama muri ubwo bwubatsi, hakaba harimwo abakora bavyishakiye barenga 50 bo mu bihugu 12 bitandukanye be n’abandi benshi bitanga babikunze bavuye mu mashengero yo ng’aho. Ibikorwa vyatanguye muri Rusama 1991. Tom Ball, uwari ahagarikiye ubwubatsi avuga ati: “Ababiraba baratangazwa n’ukuntu izo nyubakwa zari zubakishijwe ibikoresho vyiza cane. Ivyuma vyakoreshwa vyari bitandukanye rwose n’ivyakoreshwa ku nyubakwa zo ng’aho. Ariko abantu baratangazwa cane no kubona abazungu be n’abirabure bakorana mu bumwe kandi bahimbawe.”

Ku wa 19 Ndamukiza 1997, abantu isinzi bo mu bihugu bitandukanye barahimbawe no guhurira hamwe kugira begurire Imana izo nyubakwa nshasha z’ishami. Inyuma y’ukwezi kumwe, haciye imyaka itanu intambara iriko irabica bigacika mu misozi, ba baroberi biyita RUF barashitse i Freetown.

Iyubakwa ry’ishami ry’i Freetown; iryo shami muri iki gihe

Haba intambara i Freetown

Aba RUF ibihumbi b’ibishatsi bidasokoje bambaye ibitambara bitukura mu mutwe barashwaye mu gisagara, barasagata, barafata abagore ku nguvu bongera barica. Alfred Gunn yibuka ibi: “Ibintu vyari bikomeye cane. Benshi mu bamisiyonari b’abanyamahanga barahungishijwe bidatebaganye. Abagiye ubwa nyuma yari jewe na Catherine, Billie Cowan na Sandra be na Jimmie Holland na Joyce.

“Twarasenze turi kumwe n’Abanyabeteli b’imvukira bari bitanze ngo basigare, maze duca turanyarukira mu kibanza abantu bahuriramwo kugira bahungishwe. Turi mu nzira twarahagaritswe n’abasoda b’abaroberi nka 20 basa n’inyamaswa kandi baborewe. Igihe twabaha ibinyamakuru n’amahera, baciye batureka turarengana. Twe n’abandi bantu barenga 1.000 bari bahunze, twarinjiye ahantu hari ibariyeri hagenzurwa n’ingabo zirwanira mu mazi z’Abanyamerika zari zifise ibirwanisho bikomakomeye. Ng’aho twaruriye kajugujugu y’igisoda yadushikanye idatebaganye ku bwato bw’Abanyamerika idukuye hafi y’inkengera y’ikiyaga. Umukuru umwe w’ubwo bwato mu nyuma yatubwiye ko ari ryo rya mbere igisoda kirwanira mu mazi c’Abanyamerika gihungishije abanyagihugu benshi gutyo kuva kuri ya ntambara yo muri Vietnam. Bukeye, twaragiye na kajugujugu i Conakry muri Guinée. Aho twarahashinze ibiro vy’ishami vy’imfatakibanza.”

Alfred Gunn na Catherine bari mu bahungishijwe

Abamisiyonari bagumye barindiriye amakuru avuye i Freetown bahagaritse umutima. Amaherezo, haraje ikete rivuga riti: “Naho hari imivurungano myinshi turacariko turatanga Inkuru y’Ubwami No. 35, ivuga ngo Abantu Bose Boba Bazoteba Bagakundana? Abantu bariko barayakira neza koko kandi hari n’abaroberi bamwebamwe bariko bariga natwe. Ku bw’ivyo, twiyemeje kurushiriza kwamamaza.”

Jonathan Mbomah, uwasukura ari umucungezi w’umuzunguruko, yibuka ibi: “Twaranagize iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe i Freetown. Iryo teraniro ryari riremesha cane ku buryo nagize urugendo nkaja i Bo n’i Kenema ngiye gukurikirana iyo porogarama. Abavukanyi bo muri ivyo bisagara vyatabaguwe n’intambara barakengurukiye Yehova kubera izo mfungurwa zo mu vy’impwemu nziza cane.

“Mu mpera z’umwaka wa 1997, twaragize ihwaniro ry’intara ryabereye ku kibuga gikuru c’umupira c’i Freetown. Ku musi wa nyuma w’iyo porogarama, abasoda b’abaroberi barinjiye muri ico kibuga maze badutegeka kuhava. Twarabinginze ngo batureke duheze porogarama. Haheze umwanya utari muto turiko turayaga ico kibazo, baratevye baremera baca baragenda. Abantu barenga 1.000 baritavye iryo hwaniro, 27 na bo barabatizwa. Abavukanyi batari bake baragize urugendo rwari ruteye akaga baja i Bo gusubira kwumviriza iyo porogarama. Ese ukuntu ayo mahwaniro yari aryoshe kandi ateye umunezero!”