Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

SIERRA LEONE NA GUINÉE

Twaravuye mu vyara vy’abasoda b’abaroberi

Andrew Baun

Twaravuye mu vyara vy’abasoda b’abaroberi
  • YAVUTSE 1961

  • YABATIJWE 1988

  • IVYIWE MURI MAKE Yari umutsimvyi asanzwe i Pendembu, mu ntara y’ubuseruko muri Sierra Leone, igihe intambara yaduka mu 1991.

UMUSI umwe ku muhingamo abaroberi barinjiye mu gisagara iwacu, bamara amasaha nk’abiri bariko bararasagura amasoro menshi mu kirere. Bamwebamwe muri bo twari utuyabaga twatwara ibirwanisho biturusha inguvu. Basa nabi cane, bafise ibishatsi biteye ubwoba, bidasokozwa kandi vyaboneka ko banyoye ibiyayuramutwe.

Bukeye, ubwicanyi bwaratanguye. Abantu barakomeretswa bimwe bibi abandi na bo bakicwa bunyamaswa. Abagore barafatwa ku nguvu. Hari akajagari katagira izina. Umuvukanyi Amara Babawo be n’umuryango wiwe hamwe n’abagenzi b’ukuri bane bahungiye iwanje. Twari dufise ubwoba bwinshi.

Budakeye na kabiri umukomanda w’abaroberi yaraje maze adutegeka kuja mu myimenyerezo ya gisirikare bukeye bwaho. Twari twiyemeje kuguma ataho duhengamiye, naho kwanka kugenda vyasigura urupfu. Twarasenze iryo joro ryose. Twavyutse kare cane, turarimbura icanditswe c’umusi duca turarindira ko ba baroberi baza. Ariko ntibigeze baza.

“Muriko murasoma icanditswe c’umusi. Mutegerezwa kuba muri Ivyabona vya Yehova”

Mu nyuma umukuru umwe w’abaroberi be n’ingabo ziwe zine barihagiye inzu yanje. Batubwiye ngo tuhagume, rero twarabandanije kugira amakoraniro tudahorereza no kurimbura icanditswe c’umusi turi muhira. Hari abasoda bavuze bati: “Muriko murasoma icanditswe c’umusi. Mutegerezwa kuba muri Ivyabona vya Yehova.” Ntibashimishwa na Bibiliya ariko baratwubaha.

Umusi umwe umukomanda yari kizigenza yaraje kugendura ingabo zari ng’aho iwanje. Yarakubitiye isali umuvukanyi Babawo aca aramuha ukuboko amuramutsa n’igishika. Uwo mukomanda yavuze n’urujwi abwira abo basoda ati: “Uyu mugabo ni databuja akaba na shobuja. Numvise hari n’agashatsi kavuye ku mutwe wiwe canke ku mitwe y’abari kumwe na we, tuzokwihurira. Mwavyumvise?” Bishuye ngo “Ego databuja!” Uwo mukomanda yaciye aduha ikete ritegeka aba Front Révolutionnaire Uni kutatugirira nabi kubera turi abanyagihugu b’abanyamahoro.

Haciye amezi atari make, imigwi itandukanye y’abaroberi yaratanguye gutana mu mitwe, rero twaciye duhungira muri Liberiya, igihugu kibanyi. Ng’aho twaratewe ubwoba n’uwundi mugwi w’abaroberi. Twababwiye duti: “Turi Ivyabona vya Yehova.” Umusoda umwe yaciye atubaza ati: “Muri Yohani 3:16 havuga ngw’iki?” Tuvuze uko ico canditswe kivuga, yaciye atureka turagenda.

Mu nyuma, twarahuye n’uwundi mukomanda w’abaroberi aca adutegeka twe n’umuvukanyi Babawo ngo tumukurikire. Twaragize ubwoba cane. Uwo muroberi yaciye atubwira ko yari yarize n’Ivyabona imbere y’intambara. Yaraduhaye amahera yongera aradutwarira ikete ku bavukanyi bo mw’ishengero ryari hafi. Haciye umwanya mutoyi, abavukanyi babiri barashitse bafise imfashanyo baca baratujana ahantu hari umutekano.