Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

SIERRA LEONE NA GUINÉE

Narakunze Sierra Leone

Cindy McIntire

Narakunze Sierra Leone
  • YAVUTSE 1960

  • YABATIJWE 1974

  • IVYIWE MURI MAKE Yabaye umumisiyonari kuva mu 1992. Yarakoreye muri Guinée no muri Senegale, ubu na ho akorera muri Sierra Leone.

IGIHE nashika ari bwo bwa mbere, vyamfashe gusa indwi zibiri kugira nkunde Sierra Leone. Naratangazwa n’ukuntu abantu bikorera ibintu biremereye kandi bagatambuka ata ngorane. Mu karere hari uruja n’uruza. Abana barakina kandi bagatamba mu mabarabara, bagakoma amashi bongera baduza amaguru mu buryo buri ku rutonde. Nari nkikujwe n’abantu bakunda kwambara impuzu z’amabara atandukanye, b’igishika kandi bakunda umuziki.

Ico nkunda cane ni ukwamamaza ng’aha. Abantu bo muri Sierra Leone barahimbarwa cane no guha ikaze abo batazi. Barubaha Bibiliya kandi barumviriza ubutumwa bwo muri yo. Akenshi barantumira i muhira iwabo. Ntashe, bamwe baramperekeza bakangeza kure. Ukwo kuntu bamfatana urukundo biramfasha kwihanganira utugorane tumwetumwe, nko kuba amazi aza arakama umuyagankuba na wo ukaza uracikagurika.

Kubera ko ndi umwirebange, rimwe na rimwe abantu barambaza nimba ntumva irungu. Mu vy’ukuri, mfise vyinshi vyo gukora ku buryo ntaronka umwanya wo kwumva irungu. Mfise ubuzima bwuzuye intumbero.