Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Icanditswe c’umwaka wa 2014

“Ubwami bwawe nibuze.”Matayo 6:10

Icanditswe c’umwaka wa 2014

Haraheze nk’imyaka ijana Yehova yimitse Yezu ngo abe Umwami mu majuru atabonwa n’amaso. Kuva ico gihe, abasavyi b’Imana baramenyekanishije babigiranye umwete imihezagiro Ubwami bwa Kristu buzozana. Iyumvire nawe! Mu gihe c’ubutegetsi burangwa urukundo bwa Yezu, isi izoba Iparadizo, irimwo abantu bakundana vy’ukuri. Nta bukozi bw’ikibi buzoba buhari, nta ntambara, nta ndwara, nta mibabaro eka nta n’urupfu.

Vuba, iyo mihezagiro izoranguka. Ubwami bw’Imana si umugani, kandi buzoza maze burangure ivyo Yehova yasezeranye vyose. Nusenge usaba ko ubwo Bwami buza, ubwire abandi ibijanye na bwo kandi uhe agaciro icizigiro ufise c’ibintu vyose buzogukorera.