Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Haraciye imyaka ijana kuva mu 1914

Haraciye imyaka ijana kuva mu 1914

UMUNARA W’INDERETSI wo ku wa 1 Nzero 1914 wavuze uti: “Twibaza ko umwaka wa 1914 utanga ikimenyamenya c’uko hari uturyo twinshi two gusukurira ukuri kuruta uko vyagenze mu yindi myaka y’iyimbura yose yarenganye.” Umwaka Abatohoji ba Bibiliya bari bamaze imyaka mirongo biteze wari ugiye washika, kandi bariko barakora cane mu busuku. Bivuye ku twigoro abo Batohoji ba Bibiliya bagize muri uwo mwaka, abantu amamiliyoni barumvise imihango yo muri Bibiliya. Yamara, isi yari ibakikuje yoyo yongereje utwigoro twayo mu bintu bitandukanye cane n’ivyo.

Isi irushiriza kubamwo ubukazi

Mu ntango za 1914, imwe muri yegereyegere z’abashumba bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yaranzwemwo ubukazi bukomeye kuruta izindi zivugwa mu nkuru za kahise yarahitanye abagabo, abagore be n’abana. Abacukuzi b’ubutare bari bagize yegereyegere be n’imiryango yabo bari barirukanywe mu mazu babamwo yegukira ishirahamwe bakorera, kandi bari bategetswe kuba mu mahema. Ku wa 20 Ndamukiza, mu mahema yari hafi ya Ludlow, muri Colorado, harumvikanye amasasu. Ayo mahema y’abacukuzi b’ubutare yari aturiwe. Hirya no hino muri ako karere abacukuzi b’ubutare bari bashangashiwe barihoye mu kwica abanyezamu benshi b’iryo shirahamwe. Abasoda barahamagawe kugira ngo bagarukane umutekano.

I Buraya, ibintu vyari vyifashe nabi kuruta. Ku wa 28 Ruheshi, igihe Gavrilo Princip, Umuserbe w’Umunyabosniya w’imyaka 19 yarasa urusasu rwishe Umuganwa François Ferdinand wo muri Otrishe, yari adometse umuriro w’Intambara ya mbere y’isi yose. Mu mpera z’uwo mwaka, Intambara ya mbere y’isi yose, iyitwa ico gihe Intambara ihambaye, yari imaze gukwira Uburaya bwose.

Amahwaniro yibanze ku gikorwa co kwamamaza

Mu gihe uruhagarara rwaguma rwongerekana kw’isi, Abatohoji ba Bibiliya barahimirizanya kuba abanyamwete mu gikorwa co kwamamaza. Ihwaniro rya mbere abasavyi b’Imana bagiriye muri Afrika y’Epfo ryatanguye ku wa 10 Ndamukiza. Igitigiri c’agaheta c’abitavye iryo hwaniro cari 34. William W. Johnston yanditse ati: “Twari ‘ubusho buto’ cane vy’ukuri. Twabatije hafi ica kabiri [c’abari bitavye] iryo . . . Hwaniro. Bashiki bacu umunani n’abavukanyi umunani barerekanye ko biyeguriye Imana, bavyerekana mu buryo Yezu yigishije.” Ku musi wa nyuma w’iryo hwaniro, abari bakoraniye hamwe baraganiriye ibijanye n’uburyo bwiza kuruta bwo guteza imbere igikorwa co kwamamaza muri Afrika y’Epfo. Muri kino gihe, abamamaji b’abizigirwa barenga 90.000 bari muri Afrika y’Epfo baratanga ikimenyamenya c’uko ubwo ‘busho buto’ bwaroraniwe.

Ku wa 28 Ruheshi 1914, kuri wa musi nyene Umuganwa Ferdinand yicwa, Abatohoji ba Bibiliya bari bakoraniye i Clinton, Iowa, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Kuri iryo hwaniro, ku wa 30 Ruheshi, Alexander H. MacMillan yavuze ati: “Nimba dushaka kuzoronka impera yacu turakeneye kuguma tugira uruhara n’umwete mu gukora ivyo Imana igomba, mu kuja mu busuku igihe cose bishoboka, tugiye kubwira abandi ivyerekeye igikorwa c’iyimbura.”

“Urukurikirane rw’amafoto” rukwegera amamiliyoni

“Urukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe,” ino ikaba yari isenema igizwe n’insiguro zishingiye kuri Bibiliya zafashwe amajwi be n’umuziki vyari biherekeje amafoto y’amabara yaba acafye ku biyo be n’amasenema, rwerekanywe ari ryo rya mbere mu gisagara ca New York ku wa 11 Nzero 1914. Abantu 5.000 baraje kururaba igihe rwerekanwa ari ryo rya mbere, kandi benshi barasubijwe inyuma kubera ata kibanza cari kihari.

Urwo “Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe” rwari rwamaze imyaka ibiri ruriko rurategurwa, yamara nk’uko Umunara w’Inderetsi wabivuze “ntirwari bwahere neza gutegurwa igihe rwerekanwa ari ryo rya mbere muri Nzero.” Mu gice ca mbere c’umwaka wa 1914, abavukanyi baragize ibintu vyinshi baryohoye kuri urwo “Rukurikirane rw’amafoto.” Nk’akarorero, barongeyeko isenema y’intangamarara iherekejwe n’amajambo yavuzwe na Charles Taze Russell, ivyo bikaba vyaratumye abaruteguye bamenyekana.

Igihe urwo “Rukurikirane rw’amafoto” rwahera gutegurwa, rwarerekanywe icarimwe mu bisagara 80. Muri Mukakaro 1914, rwari rumaze gushika mu Bwongereza, rukaba rwerekanywe mu mihana yari yegeranye y’i Glasgow n’i Londres. Muri Nyakanga iyo senema yari imaze gushika mu Budagi, muri Danemarke, muri Finlande, muri Swazilande no muri Suwede. Muri Gitugutu, yari imaze gushika muri Nouvelle-Zélande no muri Ostraliya. Bose hamwe, abantu barenga imiliyoni icenda barabonye urwo “Rukurikirane rw’amafoto” mu mwaka warwo wa mbere.

Buri kopi y’urwo “Rukurikirane rw’amafoto” yari igizwe n’amafoto amajana y’amabara acafye ku biyo, amasinema menshi aguma akurakuranwa be n’ibintu vyinshi vyafashwe amajwi. Kugira amakopi yarwo vyatwara amahera menshi, kandi kugira rwerekanwe vyasaba abavukanyi na bashiki bacu babimenyereye. Ku bw’ivyo, urwo “Rukurikirane rw’amafoto” rwose uko rwakabaye rwerekanwa ahanini mu bisagara bininibinini. Kugira ngo rushobore gushikira abari mu gihugu hagati, Abatohoji ba Bibiliya baratunganije kandi imice itatu y’incamake y’urwo “Rukurikirane rw’amafoto.” Umuce umwe (Eureka Drama Y) warimwo amafoto y’amabara atandukanye yari acafye ku biyo yari aherekejwe n’insiguro zishingiye kuri Bibiliya zafashwe amajwi be n’umuziki. Uwundi muce (Eureka Drama X) be n’uwundi wari mugufi kuruta iyindi (Eureka Family Drama) yari iyo kwumviriza gusa, ata mafoto canke amasinema birimwo. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abantu barenga 70.000 bari bamaze kubona canke kwumviriza umuce wa “Eureka Drama” mu mpera za 1914, haheze amezi adashika ane usohowe.

Aba colporteurs be n’abitanga bavyishakiye bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza

Naho rwa “Rukurikirane rw’amafoto” rwari rushasha kandi ruryoshe cane, Abatohoji ba Bibiliya baratahura ko iyindi mice yo gukora igikorwa co kwamamaza ari yo bakwiye guha ikibanza ca mbere. Ikete ryavuye kwa Charles Taze Russell ryarungikiwe aba colporteurs bose, ubu bakaba bitwa abatsimvyi, ryavuga riti: “Nta wundi muce w’umurimo n’umwe tuzi wimbuka kuruta muri iki gihe c’Iyimbura. Ku bw’ivyo, turemesheje aba colporteurs kutaja mu gikorwa co kwerekana Urukurikirane rw’amafoto . . . Abandi bavukanyi na bashiki bacu, na bo nyene b’intahemuka ku Mukama . . . barashobora gukora mu gikorwa co kwerekana urwo rukurikirane.”

Muri Nzero 1914, aba colporteurs bari 850. Muri uwo mwaka wose, abo bamamazanjili b’abanyamwete batanze ibitabu birenga 700.000 vyo muri rwa rukurikirane rw’ibitabu vyitwa Études des Écritures. Umunara w’Inderetsi warerekanye ukuntu abo ba colporteurs “bitwararikwa bigiranywe igishika” wongera uraremesha abasomyi bawo “kubabwira amajambo yo kubaremesha; kuko inzira yabo itama yuzuyemwo amashurwe atagira amahwa.”

Abandi Batohoji ba Bibiliya baratanze udupapuro tw’inkuru nziza two mu ndimi nyinshi. Mu mwaka wa 1914, batanze imiliyoni 47 z’udupapuro tw’inkuru nziza, muri utwo hakaba harimwo utwitwa Umutohoji wa Bibiliya wa buri kwezi be n’utundi!

Igikorwa Abatohoji ba Bibiliya barangura nticabuze kubonwa n’abantu. Bamamaza ku mugaragaro, kandi amakoraniro yabo bayagira ku buntu. Umwe mu basuku bo mu madini y’abiyita abakirisu yidoze ati: “Vuba abantu bazoba bibaza ko ivyo gutoza amahera ari ububisha, none tuzoca tuba aba nde? Pasitori Russell ariko aradutyoza.”

Ibihe vy’Abanyamahanga birangira

Abatohoji ba Bibiliya bavuga ko “ibihe vy’Abanyamahanga,” ibivugwa muri Luka 21:24 (King James Version), vyorangiye ku wa 1 Gitugutu 1914. Uko ukwezi kwa Gitugutu kwegereza, ni ko ico kintu caguma kirushiriza kurindiranwa igishika. Mbere bamwe mu Batohoji ba Bibiliya bari bafise agapapuro kanditseko imisi isigaye, kugira ngo baze barafuta umusi wose waba uvuyemwo. Benshi babona ko bohamagawe inyuma y’irido, ni ukuvuga mw’ijuru, kuri iyo tariki.

Mu gitondo co ku wa 2 Gitugutu 1914, umuvukanyi Russell yarinjiye mu cumba c’uburiro ca Beteli maze ashikiriza umuryango wa Beteli itangazo rigira riti: “Ibihe vy’Abanyamahanga vyarangiye; igihe c’abami babo caheze.” Bamwe mu bari ng’aho bashobora kuba baribuka ayo majambo, ayari ashingiye ku ruririmbo rwa 171 mu gitabu cabo c’indirimbo citwa Indirimbo z’umutwenzi w’imyaka igihumbi. Kuva mu 1879, Abatohoji ba Bibiliya baririmba ngo “Ibihe vy’Abanyamahanga biriko birarangira,” ariko ayo majambo ntiyari akiri ay’ukuri, kuko Ibihe vy’Abanyamahanga, canke “ibihe vyashinzwe vy’amahanga,” vyari vyarangiye koko. (Luka 21:24) Mu nyuma, ibitabu vyacu vy’indirimbo vyarahujwe n’iryo hinduka rihambaye.

Agapapuro kanditseko imisi isigaye kitwa ngo “Nube umwizigirwa gushika ku rupfu” karakoreshwa na bamwe mu mwiyemezo wabo wo kuguma ari abizigirwa gushika kw’iherezo

Mu mpera z’uwo mwaka, Ubwami bwa Mesiya bwari bwarashinzwe mw’ijuru, kandi Abatohoji ba Bibiliya bamwebamwe biyumvira ko igikorwa cabo carangiye. Ntibari bazi ko bari bagiye kwinjira mu kiringo c’ukugeragezwa no kuyungururwa. Icanditswe c’umwaka wa 1915 cavuga ngo “Woba ushobora kunywa ku gikombe canje?” cari gishingiye kuri Matayo 20:22 muri Bibiliya yitwa King James Version. Mu bigize ico “gikombe” Yezu yariko aravuga harimwo ibigeragezo vyomushikiye gushika apfuye. Abatohoji ba Bibiliya bagira bashikirwe n’ibigeragezo, bikaba vyovuye hagati muri bo no hanze yabo. Ukuntu bovyifashemwo muri ivyo bigeragezo vyogaragaje nimba bari intahemuka kuri Yehova.