Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

SIERRA LEONE NA GUINÉE

1915-1947 Mu myaka ya mbere (Igice ca 2)

1915-1947 Mu myaka ya mbere (Igice ca 2)

Duhangana n’abiyita ko ari Abarwana

Igihe abakuru b’amadini b’i Freetown babona ko abayoboke babo bakunda insiguro z’umuvukanyi Brown, baciye buzura ishari n’ishavu. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Kigarama 1923 wavuze uti: “Abakuru b’amadini baratanguye kurwanya ukuri bakoresheje ibimenyeshamakuru. Umuvukanyi Brown yaca aguma abishura; izo mpande zompi zarasohora ibinyamakuru.” Amaherezo, abo bakuru b’amadini baranumye. Ivyiyumviro vyabo bitari vyo vyari vyashizwe ku mugaragaro. Ukuri kwa Bibiliya kwari kwarakwiragiye gushika kure, ivyo bikaba vyatumye abasomyi benshi b’ibinyamakuru vyo mw’isi basaba ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya. Abakuru b’amadini bari bateguye kunumya abasavyi b’Imana, ariko Yehova ‘abasubizako ibikorwa vyabo vy’ububisha.’Zab. 94:21-23.

Hari umugwi w’urwaruka rw’abanyedini rwiyita ko ari Abarwana wavuye hasi kugira ngo uburanire abo bakuru b’amadini, maze uratangaza urukurikirane rw’amakoraniro yo ku mugaragaro kugira uhagarike inyigisho ya Russel, ukwo akaba ari ko bita ubutumwa bw’Ubwami. Umuvukanyi Brown yaciye abaha urutonde rw’ivyo boganirako. Urwo rwaruka rwaranse kwemera urwo rutonde rw’umuvukanyi Brown kandi rurakarira umwanditsi w’ikinyamakuru cari carusohoye. Baranankiye umuvukanyi Brown kuja muri ayo makoraniro yabo, umuvukanyi Alfred Joseph akaba ari we yaciye ajayo.

Ayo makoraniro yabereye mu rusengero rumwe rukomeye rw’abametodiste rw’i Freetown (urwitwa Buxton Memorial Chapel). Alfred yavuze ati: “Mu gihe c’ikiringo c’ibibazo n’inyishu, narababajije ku bijanye n’inyigisho ya Anglikane, inyigisho y’Ubutatu be n’izindi nyigisho zitari nke zidashingiye ku Vyanditswe. Amaherezo, uwari ahagarikiye iryo koraniro yaranse ko nsubira kubaza ibibazo.”

Umwe muri rwa rwaruka yari ahari kuri uwo mugoroba, uwitwa Melbourne Garber, yari yarigeze kwitaba insiguro zashikirizwa na Bibiliya Brown. Nkako, yari wa musore w’umunyedini yavuga ngo “Umushingantahe Brown arazi Bibiliya yiwe!” Garber amaze gusuzuma yitonze ivyo yari yarumvise, yarajijutse ko yari yubuye ukuri. Yaciye asaba umuvukanyi Brown ko yomugirira inyigisho ya Bibiliya. Umuvukanyi Brown yaramutumiye ku Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi yabera i muhira iwe buri ndwi. Naho umuryango wiwe wamuciye, Garber yarateye imbere ningoga mu vy’impwemu, kandi we hamwe n’abandi batari bake ntibatevye kubatizwa.

Utwigoro twa Shetani two guhagarika igikorwa co kwamamaza kigitangura twarasenzwe. Umukuru w’igisagara ca Freetown yari yabwiye rwa rwaruka ati: “Nimba iki ari igikorwa c’abantu, kizohagarara. Mugabo nimba ari igikorwa kiva ku Mana, ntimuzoshobora kugihagarika.”Ivyak. 5:38, 39.

Idini ry’aba Brown

Mu ntango za Rusama 1923, umuvukanyi Brown yarandikiye ibiro vy’ishami vy’i Londres asaba ibindi bisohokayandikiro. Budakeye na kabiri ibitabu 5.000 vyarashitse, kandi vyakurikiwe n’ibindi. Yarabandanije kandi kugira amakoraniro y’icese, kandi ayo makoraniro yarakwegereye abantu benshi bashimishijwe.

Mu mpera z’uwo mwaka, Umunara w’Inderetsi wavuze uti: “Igikorwa [muri Sierra Leone] carateye imbere cihuta ku buryo umuvukanyi Brown yasavye uwomufasha; kandi Claude Brown, w’i Winnipeg, akaba yahoze muri Karayibe, ubu ari mu nzira kugira afashe.”

Claude Brown yari umusuku w’inkuru nziza yakanongoreye. Mu kiringo c’Intambara ya kabiri y’isi yose, yari yarihanganiye gufatwa nabi mu mabohero y’Abanyakanada be n’ay’Abongereza kubera yanse kugira aho ahengamiye. Yamaze imyaka ine asukurira muri Sierra Leone, akaba yarakomeje cane abavukanyi na bashiki bacu bo ng’aho.

Pauline Cole yavuze ati: “Imbere y’uko mbatizwa mu 1925, umuvukanyi Claude yarambajije ibibazo yitonze.

“Yambajije ati: ‘Mushiki wacu Cole, woba utahura ivyo wize mu bitabu Études des Écritures? Ntitwipfuza ko uva mu kuri bivuye ku kudatahura inyigisho zo muri Bibiliya.’

“Nishuye nti: ‘Muvukanyi Claude, ivyo nize narabisomye nongera ndabisubiramwo. Naramaze gufata ingingo!’ ”

Pauline Cole

Pauline yarasukuriye Yehova imyaka irenga 60, myinshi muri yo akaba yayimaze ari umutsimvyi adasanzwe. Yarangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi mu 1988.

William Bibiliya Brown yaritwararika kandi gufasha abandi gutsimbataza utumenyero twiza tw’ivy’impwemu. Alfred Joseph yigana ati: “Igihe naba mpuye n’umuvukanyi Brown mu gitondo, ikiganiro cacu caba kimeze nk’iki: ‘Mwaramutse, muvukanyi Joe. Amakuru yawe? Mbega icanditswe c’uno musi cavuga ngw’iki?’ Ntashoboye kwishura, yaca ansigurira akamaro ko kumenya icanditswe cose c’umusi co mu gitabu Manu yo ku musi ku musi, ubu kikaba citwa Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi. Bukeye, naca ubwo nyene nsoma icanditswe c’umusi, kugira ngo asubiye kumbaza nshobore kwishura. Mu ntango sinaha agaciro rwose ukumenyerezwa ngirakamaro nariko ndaronka, mugabo mu nyuma naratanguye kuguha agaciro.”

Ukwo kumenyerezwa kwose kwaravuyemwo ivyiza. Mu 1923, i Freetown harashinzwe ishengero kandi abantu 14 barabatijwe. Umwe muri abo bavukanyi bashasha yari George Brown, ivyo bikaba vyatumye muri iryo shengero haca haba imiryango itatu y’abavukanyi bitwa Brown. Umwete iyo miryango itatu yari ifitiye igikorwa waratumye abantu benshi baba i Freetown bita Abatohoji ba Bibiliya ngo ni idini ry’aba Brown.