Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

SIERRA LEONE NA GUINÉE

1915-1947 Mu myaka ya mbere (Igice ca 3)

1915-1947 Mu myaka ya mbere (Igice ca 3)

Mu ntara no mu bindi bihugu

Ishengero ry’i Freetown, ribigiranye igishika ryari rifitiye ukuri, ‘ryarafatīriwe cane na rya jambo.’ (Ivyakozwe 18:5) Alfred Joseph avuga ati: “Narakunda gushira ikarato y’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya kw’ipikipiki yanje yo mu bwoko bwa Norton. Maze mpetse kw’ipikipiki umuvukanyi Thomas Grant canke mwene wabo Sylvester Grant, twaraja mu misozi no mu dusagara dutoduto hirya no hino ya Freetown tugiye kwiyamamaza, nk’uko twavyita ico gihe.”

Gushika mu 1927, abamamaji bamamaza cane i Freetown no mu micungararo yaho mu karere kitwa The Colony. Mugabo kuva mu 1928, buri mwaka imbere y’uko imvura itasura, iryo shengero ryarakotesha ibisi maze rikaja mu zindi ntara. Abatashobora kugenda baraterera amahera ku bw’izo ngendo, iyo bisi ikaba yatwarwa na Melbourne Garber. Imigwi yaba iri muri iyo bisi yaramamaza mu bisagara no mu bigwati vyo mu buseruko i Kailahun n’ivyo mu bumanuko hafi y’urubibe ico gihugu gihana na Liberiya. Ku w’iyinga wa mbere wa buri kwezi, barasubira kugendera abashimishijwe.

Muri ico gihe, umuvukanyi Brown yaragiye muri Karayibe aca agaruka azanye imodoka, iyo ikaba ari imwe mu modoka za mbere zinjiye muri Sierra Leone. Iyo modoka yari ifise ivyuma biduza amajwi bikomeye vyakoreshwa mu kwamamaza ku mugaragaro. Umuvukanyi Brown yarahagarika iyo modoka ahantu haba hari abantu benshi agaca avuza umuziki ukabura kugira ngo atume abantu isinzi bakwegerwa. Yaca ashikiriza insiguro ngufi canke akavuza insiguro yafashwe amajwi maze agaca asaba abo bantu ngo batore ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya. Iyo modoka ivuga, ukwo akaba ari ko bahavuye bayita, yarakwegera abantu, kandi barasegenyuka baza kuyumviriza.

Gushinga intahe n’ubutinyutsi

Umuvukanyi Brown yaciye yitwararika ikindi cibare kitari bwamamazwemwo, kikaba cari akarere kari gasigaye ko muri Afrika y’uburengero kavugwamwo icongereza. Mu mpera z’imyaka ya 1920, yaratanguye kugira ingendo aja kwamamaza muri Gambiya, muri Gana, muri Liberiya no muri Nijeriya. Umuvukanyi Brown yasanze abantu bo muri kimwekimwe cose muri ivyo bihugu bashimishwa, ariko igihugu ca Nijeriya casa n’icimbuka bimwe bidasanzwe. Mu 1930, we n’umuryango wiwe baravuye i Freetown bimukira i Lagos. Ari ng’aho yarabandanije guhagarikira igikorwa c’Ubwami carangurirwa muri Afrika y’uburengero.

Ubu Ivyabona barenga 500.000 barasukurira Yehova muri Afrika y’uburengeroGushinga intahe n’ubutinyutsi

Mu 1950, igihe amagara make yatuma umuvukanyi Brown abwirizwa gusubira muri Jamayike, yasize iragi ry’intibagirwa. Mu myaka irenga 27, we n’umukenyezi wiwe barabonye igitigiri c’Ivyabona bo muri Afrika y’uburengero kiva ku bantu 2 gishika ku barenga 11.000. Bariboneye imbonankubone iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yesaya, ubuvuga buti: “Umutoyi azocika igihumbi, uwo hasi na we acike ihanga rikomeye.” (Yes. 60:22) Muri iki gihe, mu myaka 60 gusa ihaciye, “ihanga rikomeye” ry’Ivyabona barenga 500.000 bariko barasukurira Yehova muri Afrika y’uburengero.

Bagumye bashikamye naho igikorwa cabo cari kibujijwe

Igihe muri Sierra Leone hasabwa abasoda boja kurwana mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, abasavyi ba Yehova bagumanye impagararo yabo ya gikirisu yo kutagira aho bahengamiye. (Mika 4:3; Yoh. 18:36) Abategetsi b’Abongereza barababeshera ngo barabangamira ubutegetsi, ivyo bikaba vyatumye baca baza baragenzura ibikorwa vyabo bongera barabuza ibisohokayandikiro vyabo. Abakozi bo ku mupaka w’i Freetown barafashe ibisohokayandikiro vyari birungitswe baca barabiturira. Hari abavukanyi bapfunzwe bagirizwa ngo bafise ibisohokayandikiro bibujijwe ariko ntibatevye kurekurwa. *

Naho igikorwa cari kibujijwe, Ivyabona barabandanije kwamamaza. Pauline Cole yasiguye ati: “Umuvukanyi yasereva mu bwato bumwe bwama buza yarabandanije kuturonsa ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi. Twifashishije ivyo binyamakuru twarandika dukoresheje imashini ayandi makopi yo gukoresha mu makoraniro. Twarasohora kandi udupapuro tuvuga ivyiyumviro vyo muri Bibiliya tukaduha abantu. Kandi abavukanyi barabandanije gutanga insiguro z’icese be no kuvuza insiguro z’umuvukanyi Rutherford zafashwe amajwi, canecane inyuma y’ibigwati.”

Utwo twigoro bagize, naho twari dusanzwe, biragaragara ko twahezagiwe na Yehova. James Jarrett, umukurambere abumazemwo igihe akaba n’umutsimvyi adasanzwe, avuga ati: “Mu gihe c’intambara, nakora igikorwa co kumena amabuye igihe mushiki wacu umwe ageze mu zabukuru yampa agatabu kamwe (Réfugiés). Kubera ko i Freetown haba impunzi nyinshi, umutwe w’ako gatabu warankwegereye cane. Naragasomye muri iryo joro nca ubwo nyene ndabona ko ari ukuri. Bukeye bwaho, nararondeye wa mushiki wacu maze ndaronka amakopi yo guha bene wacu batatu. Twese uko twari bane twaremeye ukuri.”

Igihe intambara yarangira mu 1945, ishengero ry’i Freetown ryari rifise abamamaji 32. Abo bamamaji baragumanye ugutungana kwabo bongera baguma bafise umwete mu vy’impwemu. Bari biteguriye kuguma batera baja imbere kandi bari babishashaye.

Isekeza ryo gutangaza ikoraniro ry’icese

Ku wa 29 Myandagaro 1945, kw’Ikoraniro ry’umurimo ryaba buri ndwi, abagize ishengero ry’i Freetown barayaze ibijanye n’isekeza rishasha ryari ryaratangajwe mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Kigarama 1944 (ico gihe kikaba citwa Informateur). Buri shengero ryabwirizwa gutangaza urukurikirane rw’amakoraniro ane y’icese no kuyagirira muri “buri gisagara no muri buri kigwati” mu cibare caryo. Ikoraniro rimwerimwe ryose ryobaye rigizwe n’insiguro yomaze isaha imwe yoshikirijwe n’umuvukanyi (afise imyaka 18 canke irenga) yaba avyifatamwo neza mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Ayo makoraniro ane arangiye, abavukanyi botunganije imigwi yo kwiga Bibiliya kugira ngo bafashe abobaye bashimishijwe muri buri karere.

Abamamaji bakiriye gute ubwo buyobozi bushasha? Muri raporo y’Ikoraniro ry’umurimo ryo mw’ishengero ry’i Freetown harimwo ibi bikurikira:

Umuhagarikizi: “Mwibaza ko iryo sekeza rishasha tuzorikora gute?”

Umuvukanyi wa mbere: “Ntitwitege ko tuzororanirwa nko muri Amerika. Abantu b’ino ntibameze nk’aba hariya.”

Umuvukanyi wa kabiri: “Ivyo ni vyo.”

Umuvukanyi wa gatatu: “Mubona gute tugerageje?”

Umuvukanyi wa kane: “Ariko hazobamwo ingorane.”

Umuvukanyi wa gatanu: “Yamara, dutegerezwa gukurikiza ubuyobozi bwatanzwe n’ishirahamwe rya Yehova.”

Umuvukanyi wa gatandatu: “Biboneka ko tutazororanirwa muri iki gihugu.”

Mushiki wacu wa mbere: “Naho ari ukwo, ubuyobozi buri muri Informateur buratomoye. Nimuze tugerageze!”

Emwe, baciye bajako! Kuva ku nkengera y’i Freetown gushika i Bo mu bumanuko bushira ubuseruko no gushika i Kabala mu mataba y’imisozi yo mu buraruko, abavukanyi baragiriye amakoraniro mu mashure, mu masoko no mu mazu y’abantu. Ico gikorwa caratumye iryo shengero rirushiriza kugira umwete, kandi “ijambo rya Yehova [ryarabandanije] gukura no gukwiragira.”Ivyak. 12:24.

Yamara, abo bamamaji bari bakeneye ukumenyerezwa kwa gitewokarasi. Kandi ico kintu Yehova yaragikoze.

^ par. 10 Ukwo kubuzwa kwavuyeho mu 1948.