Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

SIERRA LEONE NA GUINÉE

1945-1990 ‘Kuzana benshi ku bugororotsi’—Dan.12:3. (Igice ca 2)

1945-1990 ‘Kuzana benshi ku bugororotsi’—Dan.12:3. (Igice ca 2)

Gutera iteka ingabirano iva ku Mana y’umubano w’ababiranye

Haciye igihe William Nushy yarabonye ko hari abamamaji batariko barashigikira ingingo mfatirwako ya Yehova ijanye n’umubano w’ababiranye. Abubakanye bamwebamwe bubaka izabo hisunzwe imico yabo, bakabana nk’umugabo n’umugore batiriwe barandikisha umubano wabo mu butegetsi. Abandi barakurikiza imigenzo y’iwabo yo kubanza kureka kwandikisha umubano wabo gushika umukenyezi yibungenze, gutyo bakaba biyemeje ko bazorondoka.

Ku bw’ivyo, muri Rusama 1953, ibiro vy’ishami vyarandikiye buri shengero birasigura mu buryo butomoye ingingo mfatirwako ya Bibiliya yerekeye umubano w’ababiranye. (Ita. 2:24; Rom. 13:1; Heb. 13:4) Abari basanzwe babana barahawe umwanya wo kwandikisha umubano wabo. Ivyo batabigize bociye bakurwa mw’ishengero.1 Kor. 5:11, 13.

Abamamaji nka bose baranezerejwe n’ukwo kuryohora ibintu. Yamara, bamwebamwe babona ko ayo mategeko atari akenewe. Abamamaji barenga ica kabiri c’abamamaji bo mu mashengero abiri barahevye kwifatanya n’ishirahamwe rya Yehova. Ariko ntiwumve, abagumye ari intahemuka barongereje umurimo wabo, ivyo bikaba vyarerekanye ko Yehova yariko arabahezagira.

Inyuma y’utwigoro twinshi abavukanyi bagize, Ingoro y’Ubwami y’i Freetown yaremewe ko iba ikibanza kibereye co kuraganishirizamwo abageni. Ku wa 3 Nyakanga 1954, abavukanyi bararaganishije mu buryo buhuye n’amategeko ubugeni bwa mbere. Mu nyuma, Leta yararonkeje abavukanyi bakwije ibisabwa bo mu ntara indwi zo hirya no hino mu gihugu ibitabu vyo kuraganishirizamwo. Ivyo vyaratumye abantu benshi bari barashimishijwe bandikisha imibano yabo maze barakwiza ibisabwa vyo kuba abamamaji b’inkuru nziza.

Ubugeni ku Ngoro y’Ubwami

Abashimishijwe bari bafise abagore benshi na bo nyene barateye intambwe zo kubaho bisunga ingingo mfatirwako z’Imana. Samuel Cooper, uwuba ubu i Bonthe, yigana ati: “Mu 1957, naratanguye kwitaba amakoraniro ndi kumwe n’abagore banje babiri maze bidatevye ndiyandikisha mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Umusi umwe, narahawe gushikiriza ikiganiro kivuga ibijanye n’umubano w’ababiranye w’abakirisu. Igihe nariko ndagira ubushakashatsi ku bijanye n’ico kiganiro, narabonye ko nkwiye kwirukana umugore wanje wa kabiri. Igihe nabibwira incuti zanje, bose baciye bandwanya. Umugore wanje wa kabiri yari yaramvyariye umwana, mu gihe uwa mbere yari ingumba. Ariko nari namaze guhitamwo kwisunga ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Naratangaye cane, kuko igihe umugore wanje mutoyi yasubira iwabo, umugore wanje mukuru yaciye atangura kuvyara. Ubu mfise abana batanu navyaranye na wa mugore yahora ari ingumba.”

Igihe uwundi muntu yari yarashimishijwe n’ukuri, Honoré Kamano, uwaba ku rubibe Sierra Leone ihana na Guinée, yirukana abagore biwe babiri batoyi, umugore wiwe mukuru yaranezerejwe n’iyo ngingo yafashe maze aca atangura kurushiriza gufatana uburemere ukuri. Umwe muri abo bagore biwe batoyi, naho yababajwe no kuba yarirukanywe, na we nyene yarashimye ukwo kuntu umugabo wiwe yafatanye uburemere ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Yarasavye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya kandi mu nyuma yareguriye ubuzima bwiwe Yehova.

Ivyabona vya Yehova barazwi ko ari abantu batera iteka umubano w’ababiranye

Ubu, Ivyabona vya Yehova barazwi hirya no hino muri Sierra Leone no muri Guinée ko ari abantu batera iteka umubano w’ababiranye. Ukuba badahemukira abo bubakanye birashariza inyigisho iva ku Mana kandi birayininahaza yo yatanguje umubano w’ababiranye.Mat. 19:4-6; Tito 2:10.

Haduka ukutavuga rumwe i Freetown

Mu 1956, abandi bamisiyonari babiri basohotse Ishure rya Gileyadi, ari bo Charles Chappell n’umukenyezi wiwe Reva, barashitse i Freetown. Igihe bariko baja ku nzu y’abamisiyonari, barakubiswe n’inkuba babonye icapa kinini camenyesha insiguro ishingiye kuri Bibiliya yobereye muri Wilberforce Memorial Hall. Charles avuga ati: “Uwatangajwe ko yoshikirije iyo nsiguro yari C.N.D. Jones, uwaserukira ngo Ekleziya y’Ivyabona vya Yehova.”

Jones, uwavuga ko ari mu barobanuwe, yari ayoboye akagwi k’abantu hari haheze imyaka nk’ingahe biyonkoye kw’ishengero i Freetown. Uwo mugwi wiwe wavuga ko ari bo vyabona vya Yehova b’ukuri maze bakavuga ko ngo abamisiyonari be n’abagumye ari intahemuka ku baserukira ishirahamwe bigira ivyabona kandi atari bo be n’uko ngo ari abamamaji ata co banezwe bavuye i Gileyadi.

Ibintu vyarunyutse igihe Jones na bamwe mu bamushigikira bacibwa mw’ishengero. Chappell avuga ati: “Iryo tangazo ryarababaje abavukanyi bamwebamwe babona ko abo bantu batari bakwiye gufatirwa iyo ngingo. Hari abaciye bavuga ku mugaragaro ko badashigikiye iyo ngingo. Bo hamwe n’abandi bagumye bifatanya n’abo bagarariji kandi baragerageza guhungabanya intunganyo z’amakoraniro be n’iz’umurimo wo mu ndimiro. Abo bantu batashigikiye iyo ngingo yari yafashwe bicara hamwe ku makoraniro mu kibanza bita ngo ni ic’abatavuga rumwe n’abandi. Amaherezo abatari bake barahevye ukuri. Ariko hari abasubiranye mu vy’impwemu maze baraba abamamaji b’abanyamwete.”

Ukuba benshi bagumye badahemuka vyaratumye iryo shengero riguma rironka impwemu. Igihe umucungezi wa zone Harry Arnott yagendera Freetown mu mwaka wakurikiye, yavuze ati: “Ni ryo rya mbere haba iyongerekana rinini gutya muri Sierra Leone mu myaka nk’ingahe iheze. Ibi biratanga imvo nziza yo kwizigira ko hazoba iterambere muri kazoza.”

Kwigisha aba Kisi

Inyuma gatoyi y’urugendo rw’umuvukanyi Arnott, Charles Chappell yararonse ikete rivuye ku muvukanyi wo muri Liberiya, igihugu kibanyi. Uwo muvukanyi yashaka gutangura kubwira inkuru nziza incuti ziwe zo muri Sierra Leone. Yari uwo mu bwoko bw’aba Kisi, bano bakaba baba mu mirambi no mu mibande biriko amashamba vyo mu karere gasangiwe n’igihugu ca Sierra Leone, Liberiya be na Guinée. Vyaboneka ko abantu benshi bavuga ururimi rwitwa kisi bipfuza gutahura Bibiliya.

Kubera ko aba Kisi benshi batari bazi gusoma canke kwandika, i Koindu haratunganijwe amashure yo kwigisha gusoma no kwandika kugira ngo babigishe ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya. Abantu amajana baraje kwiga kuri ayo mashure. Charles yigana ati: “Budakeye na kabiri uwo mugwi warimwo abamamaji bashasha 5, hanyuma 10, hanyuma 15, hanyuma 20. Abantu baje mu kuri ningoga na ningoga ku buryo nibajije nimba bari abamamaji nyakuri. Ariko narihenda. Benshi muri bo ntibari gusa abizigirwa ariko kandi bari n’abanyamwete!”

Abo bamamaji bashasha b’abanyamwete ntibatevye gushikana inkuru nziza no hirya ya Koindu, amaherezo barashika no muri Guinée, igihugu kibanyi. Baragira ingendo n’amaguru amasaha n’ayandi baca mu karere k’imirambi, bakagenda baramamaza mu mirima no mu bigwati. Eleazar Onwudiwe, uwari umucungezi w’umuzunguruko ico gihe, avuga ati: “Twaramara amayinga, rimwe na rimwe amezi, tutumvise umuhindo w’imodoka.”

Uko abavukanyi na bashiki bacu b’aba Kisi bakwiragiza imbuto y’Ubwami bakongera bakayivomera, Imana na yo yaguma izikuza. (1 Kor. 3:7) Igihe umugabo umwe akiri muto w’impumyi yumva ukuri, yaciye afata ku mutwe agatabu kamwe k’impapuro 32 (kitwa “Cette bonne nouvelle du Royaume”). Mu nyuma, yarashobora kwibuka ingingo iyo ari yo yose igihe yaba ariko aramamaza n’igihe yaba ariko arayobora inyigisho ziwe za Bibiliya. Ivyo vyaratangaza ababibona. Umukenyezi umwe w’umuragi yemeye ukuri yaragize amahinduka akomeye ku buryo muramukazi we yaciye atangura kwitaba amakoraniro, akaba yagira urugendo rw’ibilometero birenga 10 kugira ashikeyo.

Igikorwa carateye imbere ningoga na ningoga mu ba Kisi. Harashinzwe irindi shengero, mu nyuma harashingwa n’irindi. Abamamaji nka 30 barafashe umurimo w’ubutsimvyi. Umukuru w’igisagara ca Koindu yarashimishijwe n’ukuri maze aratanga ikibanza co kwubakamwo Ingoro y’Ubwami. Igihe abantu barenga 500 bitaba iteraniro ry’umuzunguruko i Kailahun, no ng’aho nyene haciye hashingwa ishengero. Budakeye na kabiri ica kabiri c’Ivyabona bo muri Sierra Leone bari aba Kisi, naho abantu bo muri ubwo bwoko bari munsi y’ibice bibiri kw’ijana vy’abantu bo muri ico gihugu.

Si bose banezerejwe n’iryo terambere, canecane indongozi z’idini z’aba Kisi. Kubera ko bari buzuye ishari, bariyemeje guhagarika ico kintu cabangamira ubukuru bwabo. Ikibazo cari iki: Bobigenjeje gute kandi ryari?