Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

SIERRA LEONE NA GUINÉE

1945-1990 ‘Kuzana benshi ku bugororotsi’—Dan.12:3. (Igice ca 4)

1945-1990 ‘Kuzana benshi ku bugororotsi’—Dan.12:3. (Igice ca 4)

Turwanya ukutamenya gusoma no kwandika

Mu ntango za 1963, mu gihe c’urugendo rwiwe rugira kabiri yagize muri Sierra Leone, Milton Henschel yaravuze ikintu cari gikenewe ishami ryari rimaze igihe rigerageza gukora. Yahimirije abavukanyi kwongereza utwigoro bagira two kurwanya ukutamenya gusoma no kwandika.

Hari amashengero yariko agira ivyigwa vyo gusoma no kwandika mu congereza. Ariko inyuma y’urugendo rw’umuvukanyi Henschel, abavukanyi baciye batangura kwigisha abanyeshure gusoma no kwandika mu rurimi rwabo kavukire. Amashengero amwamwe yagira ivyo vyigwa mu ndimi zibiri canke zitatu. Ivyo vyigwa vyarakundwa cane ku buryo ica gatatu c’abamamaji bo muri ico gihugu biyandikishije.

Mu 1966, abavukanyi bo muri Liberiya baratunganije agatabu ko mu rurimi rw’igikisi gafasha kwiga gusoma. Igihe bereka ako gatabu abategetsi bo muri Liberiya, baratangaye maze bafata ingingo y’uko ako gatabu kocapurwa hanyuma kagatangwa ku buntu. Ako gatabu karatanzwe muri Guinée, Liberiya no muri Sierra Leone, kandi karafashije abantu amajana bavuga igikisi kwiga gusoma no kwandika. Mu nyuma, udutabu mwene utwo twaratunganijwe mu zindi ndimi, ivyo bikaba vyarafashije abandi bantu benshi kumenya gusoma no kwandika.

Kugira Sia agume yibuka ivyo yaba yaranguye mu gikorwa ciwe co kwamamaza, yakoresha umugozi wirabura n’uwutukura

Ayo mashure ntiyafasha gusa abantu kumenya gusoma no kwandika ariko kandi yarabafasha gutera imbere mu vy’impwemu. Rimbura uwitwa Sia Ngallah, umwamamaji atari bwabatizwe w’imyaka 50 atari azi gusoma no kwandika. Kugira Sia agume yibuka ivyo yaba yaranguye mu gikorwa ciwe co kwamamaza, yakoresha umugozi wirabura n’uwutukura. Amaze isaha imwe ariko aramamaza, yaca apfundika ipfundo kuri wa mugozi wirabura. Agize isubirayo, yaca apfundika ipfundo kuri wa mugozi utukura. Sia yaragiye kwiga gusoma no kwandika, ivyo bikaba vyaramufashije gukoresha uburyo bwiza kuruta kugira agume yibuka ivyo yaba yaranguye mu busuku. N’ikindi kandi yarateye imbere gushika arabatizwa maze aba umwamamaji n’umwigisha kirumara.

Muri iki gihe, amashengero atari make yo muri Sierra Leone no muri Guinée aracagira ivyigwa vyo gusoma no kwandika. Umutegetsi umwe ahambaye wo muri Sierra Leone yabwiye abavukanyi bo ku biro vy’ishami ati: “Uretse ko igikorwa canyu ari ico kwigisha Bibiliya, muriko murakora kandi igikorwa gihambaye mu gufasha abantu bo muri iki gihugu kumenya gusoma no kwandika.”

Abari bameze nk’amabuye bavuga

Uko abantu bo mu moko atandukanye bamenya gusoma, ni ko igikorwa c’ubuhinduzi carushiriza gukenerwa. Abantu bo mu moko nka yose bari bafise ibitabu vyo mw’isi bike bibaho mu ndimi kavukire, nimba vyari binahari. Abantu bize bo muri Sierra Leone basoma icongereza, abo muri Guinée nabo bagasoma igifaransa. Ni igiki cari gukorwa kugira ngo abantu baronswe ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu rurimi rwabo kavukire?

Mu 1959, abamisiyonari babiri basohotse Ishure rya Gileyadi barahinduye agapapuro k’inkuru nziza be n’agatabu mu rurimi rwitwa mende, ariko ivyatanzwe vyari bike. Inyuma y’imyaka cumi, agatabu “Cette bonne nouvelle du Royaume” be na Vivez dans l’espérance d’un monde nouveau et juste twarahinduwe mu rurimi rw’igikisi. Udutabu nka 30.000 twaratanzwe kandi twarakoreshejwe mu kuyobora inyigisho za Bibiliya.

Mu 1975, ibiro vy’ishami vyaratanguye gusohora ibiganiro vy’ukwiga vyo mu Munara w’Inderetsi mu gikisi. Abamamaji b’aba Kisi barahimbawe cane! Umuvukanyi umwe yanditse ati: “Yehova yadukoreye ikintu gikomeye cane. Nta n’umwe muri twebwe yaciye ku ntebe y’ishure. Twari tumeze nk’amabuye, ayadashobora kuvuga. Ukwo ni ko twari tumeze, ariko ubu ko dufise Umunara w’Inderetsi mu gikisi, turashobora kuvuga ibikorwa bikomeye vya Yehova.” (Luka 19:40) Ibindi bisohokayandikiro bitari bike na vyo nyene vyarahinduwe mu gikisi.

Muri iki gihe, abantu nka bose bo muri Sierra Leone no muri Guinée baracasoma ibisohokayandikiro vyacu mu congereza no mu gifaransa, izo zikaba ari zo ndimi ahanini zikoreshwa mu makoraniro y’ishengero. Ariko ubu bwa vuba igitigiri c’ibisohokayandikiro bisohorwa mu ndimi kavukire cariyongereye cane. Ubu ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya biraboneka mu rurimi rwitwa guerze, kisi, krio, maninkakan, mende, pular no mu rwitwa susu. Udutabu Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera be na Niwumvirize Imana turaboneka muri izo ndimi zose. Ivyo bikoresho vy’ukwigisha vyoroshe gukoresha biriko birafasha abantu benshi batazi gusoma neza gutahura no guha agaciro ubutumwa butangaje bwo muri Bibiliya.

Hubakwa ibiro vy’ishami

Mu ntango z’imyaka ya 1960, abavukanyi b’i Freetown baratanguye kurondera ikibanza co kwubakamwo ibiro vy’ishami bishasha. Amaherezo, mu 1965, bararonse itongo ryari kw’ibarabara Wilkinson. Iryo tongo rikaba ryari ahantu harabana n’ibahari muri kimwe mu bibanza vyo kubamwo vyiza kuruta ibindi vyo muri ico gisagara.

Umugero washitsweko wari inyubakwa imwe nziza cane yobaye irimwo Ingoro y’Ubwami, inzu y’abamisiyonari be n’amabiro yo gukoreramwo. Mu kiringo c’ubwubatsi, imiduga myinshi yaca mw’ibarabara Wilkinson yaragenda buhorobuhoro ku buryo ihakwa guhagarara kubera ko abashoferi be n’ingenzi baba bariko bararondera kubona neza ivyaba biriko birakorwa. Iyo nyubakwa yeguriwe Imana ku wa 19 Myandagaro 1967. Abantu hafi 300 baritavye iyo porogarama, harimwo n’abanyacubahiro bo ng’aho be na benshi mu bamamaji bari bamaze igihe kirekire, bano bakaba bari babatijwe na Bibiliya Brown mu 1923.

Inyubakwa irimwo ibiro vy’ishami n’uburaro bw’abamisiyonari i Freetown (1965-1997)

Iyo nyubakwa nshasha y’ishami yaratumye abantu benshi barushiriza guha agaciro igikorwa c’Ivyabona vya Yehova. Yarahinyuje kandi abanyamadini bamwebamwe batyoza Ivyabona bavuga ko batomaze na kabiri muri Sierra Leone. Iyo nyubakwa nshasha yarerekanye ku mugaragaro ko Ivyabona vya Yehova bari bashinze imizi.

Abamisiyonari b’abanyamwete batuma haba iyongerekana

Abari mu busuku bwo mu ndimiro bariko baraca mu rushanga rwo mu murima w’umuceri

Kuva hagati mu myaka ya 1970 kubandanya, ukuba haraza abamisiyonari indiri basohotse Ishure rya Gileyadi vyaratumye igikorwa gitera imbere muri Sierra Leone no muri Guinée. Bamwe muri bo bari barakoreye mu bindi bihugu vyo muri Afrika kandi ntibatevye kumenyera ukuntu ibintu vyari vyifashe ng’aho. Abandi bari bashasha muri Afrika. None bari gushobora gute kwihanganira aho hantu bita ngo ni imva y’umuzungu? Rimbura bimwebimwe mu vyo bavuze.

“Abantu baricisha bugufi kandi bariko baricwa n’ikigoyi co mu vy’impwemu. Kubona ukuntu ukuri kwahindura ubuzima bwabo vyaratuma numva mpimbawe cane.”Hannelore Altmeyer.

“Kwihanganira ako karere gashushe be n’indwara zaho rwari urugamba. Ariko umunezero wava ku gufasha abantu b’imitima nziraburyarya gusukurira Yehova wari urengeye ivyo vyose.”Cheryl Ferguson.

“Narize gutsimbataza ukwihangana. Igihe naba mbajije umuvukanyikazi igihe abashitsi biwe boziriye, yanyishura ati: ‘Kumbure uno musi. Kumbure ejo. Canke kumbure hirya y’ejo.’ Ategerezwa kuba yarabona ko mbabaye kuko yaca avuga ashimitse ati: ‘Ariko bazoza!’ ”Christine Jones.

“Abamisiyonari 14 bo mu bwoko butandukanye no mu mico kama itandukanye ni bo baba mu nzu y’abamisiyonari y’i Freetown. Twasangira utuzu twa surwumwe tubiri, ubwogero bumwe, imashini imwe yo kumesura be n’igikoni kimwe. Ibifungurwa vyari bike kandi ntivyari bimeze neza. Umuyagankuba waracika umwanya uwo ari wo wose, rimwe na rimwe hagaca imisi ata wo. Benshi muri twebwe bararwaye malariya be n’izindi ndwara zo mu turere dushushe. Naho ivyo vyari gushobora gutuma dutana n’akabando, twarize kubana, kubabarirana be no gutuma ibintu bibabaje biba ibitwenza. Kwamamaza vyari biteye umunezero, kandi abo bamisiyonari barakomeje ubugenzi bari bafitaniye.”Robert Landis na Pauline.

Pauline Landis ariko arayobora inyigisho ya Bibiliya

“Imyaka twamaze muri Sierra Leone iri mu myaka myiza kuruta iyindi twagize mu buzima. Ntitwicuza kandi ntitwidoga. Gusa, turahakumbura cane.”Benjamin Martin na Monica.

“Umusi umwe, twararaye ku mukenyezi umwe yari yarashimishijwe, uno akaba yaratuzaniye imfungurwa tutari tumenyereye. Yavuze ati: ‘Ni imamba. Nayikuyeko amenyo. Mwoshima gufungurako?’ Twaranse tubigiranye ubugenge, ariko yagumye atugobera. Naho mwene ivyo bintu vyadutera akoba, twarakenguruka ubwakiranyi buranga igishika bw’abatwakira kandi twahavuye tubakunda cane.”Frederick Morrisey na Barbara.

“Mu myaka 43 namaze mu murimo w’ubumisiyonari, narabanye n’abamisiyonari bagenzanje barenga 100. Ese ukuntu kari agateka kumenya abantu benshi gutyo, bose bakaba bari bafise kamere zitandukanye yamara bagakora bafise intumbero imwe! Kandi ese ukuntu biteye umunezero kuba umukozi akorana n’Imana be no kwibonera ingene abantu bakira ukuri kwo muri Bibiliya!”Lynette Peters.

“Ese ukuntu biteye umunezero kuba umukozi akorana n’Imana be no kwibonera ingene abantu bakira ukuri kwo muri Bibiliya!”

Kuva mu 1947, abamisiyonari 154 barakoreye muri Sierra Leone, 88 na bo muri Guinée. Ibindi Vyabona benshi baraje gufasha mu gikorwa co kwamamaza. Ubu, muri Sierra Leone hari abamisiyonari 44, muri Guinée naho 31. Utwigoro twabo be n’ukuntu bitanze vyarakoze ku mutima abantu batari bake. Alfred Gunn, uwumaze igihe kirekire ari mu bagize Komite y’ishami, avuga ati: “Turabakunda cane.”