Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

SIERRA LEONE NA GUINÉE

1991-2001 “Itanure . . . ry’amarushwa”—Yes.48:10 (Igice ca 2)

1991-2001 “Itanure . . . ry’amarushwa”—Yes.48:10 (Igice ca 2)

Beteli iterwa!

Muri Ruhuhuma 1998, ingabo za Leta be n’ingabo z’ishirahamwe ry’ibihugu bigize Afrika y’uburengero zitwa ECOMOG zaragavye igitero simusiga kugira ngo zirukane ingabo z’abaroberi i Freetown. Ikibabaje, umuvukanyi umwe yarapfuye ahitanywe n’urusoro rwigenza mu gihe c’iyo ntambara ikomeye.

Hari abamamaji nka 150 bahungiye ku nzu y’abamisiyonari y’i Kissy n’iy’i Cockerill. Laddie Sandy, umwe mu bavukanyi babiri barara izamu kuri Beteli, yigana ati: “Umusi umwe mw’ijoro cane, igihe twe na Philip Turay twariko turakora, abaroberi babiri b’aba RUF bafise inkoho baraje kuri Beteli badusaba ngo twugurure imiryango y’ibiyo yinjira kw’iyakiriro. Igihe twe na Philip twiruka duhunga, baciye barasagura mu gitasha c’umuryango. Igitangaje, ico gitasha caranse kwiyugurura, kandi ntibiyumviriye kurasa mu biyo vy’umuryango. N’ishavu n’akantu, baciye bagenda.

“Haciye amajoro abiri, ba baroberi baragarutse bari kumwe n’abandi nka 20 baje bazikenyeye kandi biteguye. Twaciye ubwo nyene tubimenyesha abagize umuryango wa Beteli duca twirukira mu kibanza co guhungiramwo cari carateguwe co mu kuzimu. Twese uko twari indwi twinyegeje ahantu hatabona inyuma y’ibigunguru bibiri bininibinini, turiko turajugumira kubera ubwoba. Ba baroberi bararasaguye mu gitasha gushika aho ciyugurura maze babona kwinjira. Umwe muri abo baroberi yavuze asemerera ati: ‘Rondera ivyo Vyabona vya Yehova mubace amazosi.’ Twagumye tunumye aho twari tubunze mu masaha indwi yose bamaze bariko barasambagura ibintu. Bamaze kwonona ibintu bitari bike, baratoye ivyo bakeneye baca baragenda.

“Twaregeranije utuntu twacu duca twirukira ku nzu y’abamisiyonari y’i Cockerill, iyahoze ari Beteli, haruguru y’ibarabara. Turi mu nzira uwundi mugwi w’abaroberi waratwambuye ivyo twari dufise. Twashitse ku nzu y’abamisiyonari twatekewe n’ubwoba ariko twarakengurutse kubona twashitseyo turi bazima. Tumaze kuruhuka imisi mikeyi, twarasubiye kuri Beteli kugira ngo tuhatunganye.”

Haciye amezi abiri, aho ingabo za ECOMOG zimariye kuba ari zo zigenzura igisagara, abamisiyonari baciye batangura kugaruka bavuye muri Guinée. Ariko ntibari bazi ko bohamaze umwanya urume rumara.

Kwica n’agasya n’akarenge

Haciye amezi umunani, muri Kigarama 1998, abantu amajana bari ku kibuga gikuru c’umupira c’i Freetown bariko barakurikira Ihwaniro ry’intara ryari rifise umutwe uvuga ngo “Inzira y’ubuzima ishimwa n’Imana.” Bukwi na bukwi, barumvise ikintu gituritse, baca babona umwotsi mwinshi mu misozi. Za ngabo z’abaroberi zari zagarutse!

Mu misi yakurikiye, ibintu vyarunyutse i Freetown. Komite y’ishami yarakotesheje indege ntoyi maze ihungishiriza i Conakry abamisiyonari 12, Abanyabeteli b’abanyamahanga 8 be n’abakora bavyishakiye mu bwubatsi 5. Haciye imisi itatu, ku wa 6 Nzero 1999, ingabo z’abaroberi zaratanguye isekeza ryo kwica bunyamaswa ryiswe Kwica n’agasya n’akarenge. Babigiranye ubukazi buteye ubwoba barabomaguye igisagara ca Freetown, barica abanyagihugu nka 6.000. Abo baroberi baraciye amaguru n’amaboko y’uwo bahuye wese, baranyuruje abana amajana bongera barabomora amazu ibihumbi.

Umuvukanyi umwe yakundwa cane yitwa Edward Toby, yarishwe bunyamaswa. Abamamaji barenga 200 bahahamuwe n’ivyo bari babonye barahawe indaro kuri Beteli no ku nzu y’abamisiyonari y’i Cockerill. Abandi binyegeje mu mazu yabo. Ivyabona bari bahungiye ku nzu y’abamisiyonari y’i Kissy, ahari ku mpera mu buseruko bw’igisagara, bari bakeneye rwose imiti. Ariko guca mu gisagara vyari biteye akaga rwose. None ni nde yari kwitanga? Laddie Sandy na Philip Turay, ba bavukanyi b’intatinyurukamvye barara izamu kuri Beteli, baciye ubwo nyene bitanga.

Philip yigana ati: “Igisagara cari cabaye umusaka. Abasoda b’abaroberi bari bafise amabariyeri menshi cane, aho bahohoterera abantu. Harashinzwe itegeko rikomeye ry’uko ata muntu yocaruka kuva nk’isaha icenda z’umuhingamo gushika nk’isaha zine zo mu gatondo, ivyo bikaba vyatumye bitatworohera kugenda. Haheze imisi ibiri dutanguye urwo rugendo rwacu, twarashitse ku nzu y’abamisiyonari y’i Kissy, ariko dusanga barayisagase kandi barayituriye.

“Igihe twariko turaraba hirya no hino y’ico kibanza, twarabonye umwe mu bavukanyi bacu, Andrew Caulker, uno akaba yari afise mu mutwe ibikomere biteye ubwoba. Abaroberi bari bamuboshe bongera baramutemagura n’ishoka. Igitangaje, yararusimvye kandi yari yarashoboye guhunga. Twaciye tumunyarukana ku bitaro, aho buhorobuhoro yagiye aratorera mitende. Mu nyuma yarabaye umutsimvyi asanzwe.”

(Uva ibubamfu uja iburyo) Laddie Sandy, Andrew Caulker be na Philip Turay

Ibindi Vyabona barakingiwe ntibicwa canke ngo bakomeretswe kubera ko bari bazwi yuko ari abakirisu batagira aho bahengamiye mu vya politike. Umuvukanyi umwe yigana ati: “Abaroberi baradusavye kwambara ibitambara vyera hanyuma ngo dutambire mw’ibarabara kugira tubashigikire. Batubwiye bati: ‘Mwanse turabaca amaboko canke amaguru kibure tubice.’ Twatekewe n’ubwoba, twe n’umukenyezi wanje twarahagaze ku ruhande, tuguma dusenga Yehova mu gacerere ngo adufashe. Umubanyi umwe akiri muto yakorana n’abo baroberi abonye ko turi mu ngorane, yaciye abwira umukomanda w’abo baroberi ati: ‘Uyu ni mwenewacu. Ntaja mu vya politike, rero turatamba mu gishingo ciwe.’ Uwo mukomanda yumvise anyuzwe yaciye yigira, natwe duca dusubira mu nzu twiruka.”

Uko hagenda haraboneka agahengwe mu gisagara, abavukanyi babigiranye ukwiyubara barasubiye kugira amakoraniro no kuja mu busuku bwo mu ndimiro. Abamamaji barambara udukarata karanzi tw’ihwaniro kugira ngo bimenyekanishe ku mabariyeri. Kubera ko abavukanyi batonda imirongo miremire kw’ibariyeri, barabaye abahinga mu gutanguza ibiyago bishingiye kuri Bibiliya.

Igihe igisagara cari cugarijwe n’ubukene bw’uburyo bwose, ishami ryo mu Bwongereza ryararungitse n’indege amakarato 200 y’imfashanyo. Billie Cowan na Alan Jones barafashe indege bava i Conakry baja i Freetown kugira baze gufasha ivyo bintu bishobore kurengana amabariyeri menshi yari ahari. Ivyo bintu vyashitse kuri Beteli imbere gatoyi y’uko amasaha yo kudacaruka agera. James Koroma yaragira ingendo aja i Conakry, akagaruka azanye ibisohokayandikiro be n’ibindi bintu vya nkenerwa. Bimwe muri ivyo bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu vyararungikirwa abamamaji bari mu turere twa kure i Bo n’i Kenema.

Imfashanyo zishika i Freetown

Ku wa 9 Myandagaro 1999, abamisiyonari bari i Conakry baratanguye gusubira i Freetown. Mu mwaka wakurikiye, abasoda b’Ubwongereza bari barungitswe kurwana muri Sierra Leone barirukanye abaroberi i Freetown. Haraciye igihe kaza karacamwo hakaba imirwano, ariko muri Nzero 2002, haratangajwe ko intambara ihagaze. Iyo ntambara yamaze imyaka 11 yaratumye abantu 50.000 bahasiga ubuzima, abagera ku 20.000 baracika ibimuga, inzu 300.000 zirasamburwa, abantu umuliyoni n’igice barangazwa.

Bite ho ku bijanye n’ishirahamwe rya Yehova? Vyaragaragaye ko Yehova yarikingiye yongera ararihezagira. Mu kiringo c’iyo ntambara, abantu nka 700 barabatijwe. Ivyabona amajana barahunze, yamara igitigiri c’abamamaji muri Sierra Leone carongerekanye gushika ku bice 50 kw’ijana. Muri Guinée habaye iyongerekana ry’abamamaji gushika ku bice birenga 300 kw’ijana! N’igihambaye kuruta, abasavyi b’Imana bagumanye ugutungana kwabo. Muri iryo “tanure . . . ry’amarushwa,” baragaragaje ubumwe n’urukundo vy’intamenwa biranga abakirisu kandi ‘barabandanije kwigisha no kumenyesha inkuru nziza, badatezura.’Yes. 48:10; Ivyak. 5:42.