Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

SIERRA LEONE NA GUINÉE

2002-2013 Amaterambere ya vuba (Igice ca 2)

2002-2013 Amaterambere ya vuba (Igice ca 2)

Gufasha abaragi

Hisunzwe ivyigwa bimwe vyagizwe, abantu bari hagati ya 3.000 na 5.000 bo muri Sierra Leone be n’abantu amajana bo muri Guinée ni abaragi. None ko Yehova “agomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa,” abo baragi boshoboye gute kwumva inkuru nziza?1 Tim. 2:4.

Michelle Washington, umumisiyonari yasohotse Ishure rya Gileyadi yaje muri Sierra Leone mu 1998, yigana ati: “Twe n’umunega wanje Kevin twararungitswe gukorera mw’ishengero rimwe maze dusanga hariyo abaragi bane bitaba amakoraniro. Kubera ko nari nzi ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika, narumvise nshatse kubafasha. Ibiro vy’ishami vyaransavye gusobanurira abaragi ku makoraniro no ku materaniro vyongera biramenyesha amashengero mabanyi ibijanye n’iyo ntunganyo. Ishami kandi ryaratunganije amashure yo kwigisha ururimi rw’ibimenyetso abamamaji bari bafise icipfuzo co gufasha abaragi. Twaratanguye kurondera abaragi mu kibano maze tukabayoborera inyigisho ya Bibiliya. Abantu benshi bo mu kibano babonye utwigoro twagira two gufasha abaragi, baradushimiye cane. Yamara, si bose banezerejwe n’igikorwa cacu. Umupasitori umwe w’abaragi yatwise ‘abahanuzi b’ikinyoma.’ Yarasavye abo bantu be n’imiryango yabo ngo batwirinde. Bamwe babwirwa ko bifatanije natwe batosubiye kuronswa imfashanyo y’amahera bahora baronswa. Abaragi ntibatevye kwicamwo ibice bibiri: abo tutari bwayage bashigikira uwo mupasitori be n’abo twari twarayaze batashigikira uwo mupasitori. Bamwe muri abo batamushigikira barafashe impagararo yo gushigikira ukuri maze baratera imbere barabatizwa.”

Nk’akarorero, uwitwa Femi yari yavutse ari umuragi kandi mu kuganira yakoresha gusa ibimenyetso bisanzwe. Yarikeka abantu bose, canecane abantu bumva, kandi yiyumva ko ata gahimbare afise kandi ko adakundwa. Yaratanguye kwiga Bibiliya n’abavukanyi bo mu mugwi ukoresha ururimi rw’ibimenyetso. Ntiyatevye kwitaba amakoraniro ya gikirisu adahorereza no kwiyigisha ururimi rw’ibimenyetso. Femi yarateye imbere arabatizwa kandi ubu arigisha abandi baragi ukuri ahimbawe.

Femi (uwa mbere iburyo) ariko araririmba ururirimbo rw’Ubwami mu rurimi rw’ibimenyetso

Muri Mukakaro 2010, umugwi ukoresha ururimi rw’ibimenyetso w’i Freetown warabaye ishengero. I Bo no muri Conakry na ho nyene hariyo imigwi ikoresha ururimi rw’ibimenyetso.

Barakenye ariko ni “abatunzi mu kwizera”

Bibiliya irahishura ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere nka bose bari bakenye. Intumwa Yakobo yanditse ati: “Mbega Imana ntiyatoye aboro mu vy’isi ngo babe abatunzi mu kwizera?” (Yak. 2:5) Ukwizera Yehova kwaratumye kandi abamamaji bo muri Sierra Leone no muri Guinée bahumurizwa bongera baragira icizigiro.

Ukwizera kuratuma imiryango myinshi y’Ivyabona ikenye yo mu turere twa kure imara amezi iriko iragira utwo iziganije kugira ngo yitabe amahwaniro y’intara. Bamwe bararima kugira baronke itike ribashikana kw’ihwaniro. Imigwi y’abantu bari hagati ya 20 na 30 barapakirana mu dukamyo bakagira ingendo mu gihe haba hashushe, hari ivumbi kandi bagaca mu mabarabara arimwo ibidunduri, izo ngendo zikaba zishobora kumara amasaha 20 canke arenga. Abandi bantu baragira ingendo ndende n’amaguru. Umuvukanyi umwe avuga ati: “Twaragenda n’amaguru ibilometero 80 tuja kw’ihwaniro, tukagenda dutwaye ibitoke vyinshi. Twagenda turabigurisha, ivyo bigatuma turemururwa tukongera tukaronka amahera akwiye yo kuriha ikamyo ku bw’urugendo rwaba rusigaye.”

Bagenda kw’ihwaniro ry’intara mw’ikamyo

Ukwizera kwaratumye kandi abamamaji benshi bananira akosho ko kwimukira mu bihugu bitunze. Emmanuel Patton, uwasohotse rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse, avuga ati: “Turizigiye ko Yehova azoturonsa ivyo dukeneye. Kubera ko tuba mu gihugu gikeneye cane abamamaji b’Ubwami, turatahura ko umurimo wacu ari wo canecane ufise agaciro.” (Mat. 6:33) Emmanuel ubu asukura ari umukurambere mw’ishengero, kandi we n’umukenyezi wiwe Eunice barakora badatezura mu guteza imbere ivyungura Ubwami. Abandi ba serugo barahitamwo kutimukira ahandi kugira ngo bazigame ubumwe bw’imiryango yabo be n’ivy’impwemu vyayo. Timothy Nyuma, uwigeze gusukura ari umutsimvyi adasanzwe be n’umusubirizi w’umucungezi w’umuzunguruko, avuga ati: “Naranse kwemera akazi kari gutuma mara igihe ntari kumwe n’umuryango wanje. Twe n’umukenyezi wanje Florence twandikishije kandi abana bacu ku mashure yo mu karere iwacu aho kubarungika kwiga kure ngo barerwe n’abandi.”

Abandi bavukanyi na bashiki bacu baragaragaza ukwizera mu kubandanya imirimo ya gikirisu naho bahura n’ingorane. Umwe Kevin Washington twavuga avuga ibi: “Abamamaji benshi baramamaza badahorereza kandi bakarangura amabanga yo mw’ishengero naho dufise ingorane zoshobora gutuma tuguma muhira kandi tugatakaza umunezero. Nk’akarorero, bamwebamwe bararwaye indwara ziteba gukira kandi ntibaronka ingene bivuza canke imiti nk’uko biri mu yindi mihingo. Abandi baragira utwigoro dukomeye kugira bamenye gusoma no kwandika. Bishitse nkanegura ukuntu umuvukanyi kanaka yashikirije ikiganiro ciwe, nca nibaza nti: ‘Iyaba nakora imisi yose, nkaba mfise ingorane zikomeye z’amagara, ndwaye amaso kandi ntagira amarori, nkaba mfise ububiko bw’ibitabu vya gitewokarasi bubayabaye kandi ntagira umuyagankuba, ubwo nari kugitanga nka we?’ ”

Muri ubwo buryo be no mu bundi bwinshi, abavukanyi na bashiki bacu bo muri Sierra Leone no muri Guinée baraninahaza Yehova. Nka kumwe kw’abakirisu bagenzi babo bo mu kinjana ca mbere, barishimagiza nk’abasuku b’Imana “mu kwihanganira vyinshi, mu makuba, mu bihe vy’umukeno, . . . nk’aboro yamara batungisha benshi, nk’abadafise ikintu na kimwe yamara kandi batunze vyose.”2 Kor. 6:4, 10.

Kwitega kazoza tubigiranye ukwizigira

Haraheze imyaka irenga 90 Alfred Joseph na Leonard Blackman bavuze ko imirima yo muri Sierra Leone “[ye]ze, igeze kwimbura.” (Yoh. 4:35) Haheze nk’imyaka 35, Manuel Diogo yaranditse ari muri Guinée, avuga ati: “Ng’aha hari abantu benshi bashimishwa.” Ubu, abasavyi ba Yehova bo muri ivyo bihugu vyompi barajijutse ko n’abandi bantu benshi bazokwakira inkuru nziza.

Mu 2012, muri Guinée Icibutso c’urupfu rwa Kristu citabwe n’abantu 3.479, abo bakaba barenga igitigiri c’abamamaji bose bo muri ico gihugu kugwiza kane n’igice. Muri Sierra Leone Icibutso citabwe n’abantu 7.854 ku bamamaji 2.030, abo bakaba bangana hafi n’igitigiri c’abamamaji kugwiza kane. Umwe mu bantu ba kera cane bo ng’aho yitavye Icibutso yari umutsimvyi adasanzwe yitwa Winifred Remmie w’imyaka 93. We n’umunega wiwe Lichfield bari bashitse muri Sierra Leone mu 1963. Inyuma y’imyaka 60 ari mu murimo w’igihe cose, yari agisukura ari umutsimvyi adasanzwe. Winifred yavuze ati: “Ni nde yari kwiyumvira ko Sierra Leone yobayemwo abavukanyi na bashiki bacu bakomeye mu vy’impwemu ukuraho. Naho nshaje, ndacipfuza kugira uruhara muri iryo terambere riteye umunezero.” *

Ivyabona vya Yehova bo muri Sierra Leone na Guinée biyumva nk’ukwo nyene kwa Winifred. Nka kurya kw’ibiti bininibinini, bironka amazi neza, biyemeje kuguma bama ku bwo gushemezwa kwa Yehova. (Zab. 1:3) Bahawe inkomezi na Yehova bazoguma bamamaza icizigiro nyakuri c’abantu c’umwidegemvyo, “umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.”Rom. 8:21.

Abagize Komite y’ishami, uva ibubamfu uja iburyo: Collin Attick, Alfred Gunn, Tamba Josiah, be na Delroy Williamson

^ par. 16 Winifred Remmie yapfuye igihe iyi nkuru yari ikiriko irategurwa.