Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Bakozi bo mu nzu bagenzi bacu bakundwa,

Ese ukuntu duhimbawe no kubandikira mu ntango z’uyu mwaka udasanzwe w’umurimo! Nko mu mpera z’umwaka wa 2014, hazoba haheze ikinjana cuzuye Umwami wacu Yezu Kristu twikundira atanguye kuganza hagati y’abansi biwe.Zab. 110:1, 2.

Mu ntango z’uyu mwaka w’umurimo, kw’ikoraniro ry’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania rigirwa buri mwaka, Komite ijejwe guhindura Bibiliya y’isi nshasha yarasohoye impinduro iheruka gusubirwamwo y’icongereza ya ya Bibiliya nziza kuruta izindi mpinduro abantu boshobora kuronka. Yehova yarakoresheje abana biwe bavyawe n’impwemu kugira ngo haboneke Bibiliya y’isi nshasha ya mbere na mbere. (Rom. 8:15, 16) Ico kintu conyene nta nkeka ko gituma iyo mpinduro ya Bibiliya iba iyidasanzwe, siko none?

Mu myaka n’iyindi iheze, Komite nshingwayandika y’Inama Nyobozi yarashize imbere ivyo guhindura Bibiliya. Muri iki gihe, Bibiliya y’isi nshasha iraboneka mu ndimi 121 yaba yose canke igice cayo. Tubaremesheje kwereka Yehova ukuntu mukenguruka cane iyo Bibiliya mufise. Nimuyisome mwongere muyizirikaneko buri musi. Ivyo bizotuma murushiriza kwiyegereza uwo ikomokako, Yehova Imana.Yak. 4:8.

Turababara igihe twumvise ibigeragezo biba biriko birashikira abavukanyi na bashiki bacu twikundira. Birumvikana ko rimwe na rimwe bibagora kunezeranwa n’abavukanyi babo. Nk’akarorero, hari umuryango umwe wo muri Aziya uheruka gushikirwa n’ikintu catumye ubuzima bw’abawugize buhinduka rwose igihe inabibondo bukwi na bukwi yaba paralize umubiri wose. Abaganga bakanongoreye ntibatahuye igituma kandi vyarabananiye kumuvura. Mbega ukuntu bibabaje! Ubu umunega wiwe abwirizwa kumwitwararika amasaha 24 kuri 24. Umuhungu wabo be n’abakobwa babo babiri baratanga akarorero keza bwa bakirisu mu gushigikira abavyeyi babo babigiranye urukundo. Uwo muryango mwiza, eka na mwebwe mwese mwashoboye kwihanganira ibigeragezo bitandukanye, murashobora kwumva akanyamuneza kava ku kwihanganira ibigerageza ukwizera kwanyu. (Yak. 1:2-4) Yehova arakura amazinda abarobanuwe biwe be n’abo mu zindi ntama yuko tuzohimbarwa nitwaguma twihanganira ibigeragezo, kubera tuzohezagirwa mu kuronka ingabirano y’ubuzima budahera!Yak. 1:12.

Mu mwaka uheze, Icibutso citabwe n’abantu 19.241.252. Ese ukuntu biremesha kubona abantu benshi gutyo batera iteka Yehova na Yezu Kristu mu kwitaba ikoraniro rihambaye ku basavyi b’Imana kuruta ayandi yose agirwa mu mwaka! Mu kiringo c’Icibutso, akaruru gakomeye k’amashemezo kariyongereye igihe abamamaji amamiliyoni bakora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante na Ndamukiza. Ese ukuntu biteye umunezero! Kandi ntimwahimbawe no kwumva ko abakora ubutsimvyi bwo gufasha mu kiringo c’urugendo rw’umucungezi w’umuzunguruko bashobora kwitaba inama yose y’abatsimvyi, naho urwo rugendo rutoba rwabaye muri Ntwarante canke muri Ndamukiza? Abantu b’inkerebutsi mu vy’impwemu baratahura akamaro ko kuguma bafise umwete mu gikorwa co kwamamaza no mu bikorwa vyo mw’ishengero. Kugira vyinshi dukora biradufasha kuguma dushikamye kandi tutanyiganyiga, tukazibira ivyo Shetani akoresha kugira ngo atume ukwizera kwacu kugoyagoya no kugira ngo aduteshe umurongo.1 Kor. 15:58.

Ese ukuntu bikomeza kumenya ko mu mwaka w’umurimo uheze abantu 277.344 bagaragaje ko biyeguriye Imana mu kubatizwa mu mazi kandi ubu bakaba bari muri ya nzira ijana mu buzima bari kumwe n’abavukanyi babo bo kw’isi yose! (Mat. 7:13, 14) Abo bashasha barakeneye ko tubafasha kuba abantu “[ba]tanyiganyiga mu kwizera.” (Kol. 2:7) Umwe wese nabandanye kuremesha mugenziwe kwihangana gushika kw’iherezo. (Mat. 24:13) “Muyagishe abadendebukiwe n’ijwi ryirura, mufate mu mugongo abagoyagoya, mwiyumanganye kuri bose.” (1 Tes. 5:14) Mu gusozera, ese umwe wese muri twebwe ‘yosenga ubudahengeshanya,’ avuga ati: “Ubwami bwawe nibuze.”1 Tes. 5:17; Mat. 6:10.

Nimuhimbarwe n’iki Gitabu c’umwaka, kandi mumenye ko tubakunda mwebwe mwese mukunda Yehova!

Abavukanyi banyu,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova