Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kwamamaza no kwigisha kw’isi yose

Kwamamaza no kwigisha kw’isi yose

KW’ISI YOSE

  • IBIHUGU 239

  • ABAMAMAJI 7.965.954

  • AMASAHA YO MU NDIMIRO YOSE HAMWE 1.841.180.235

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 9.254.963

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

Afrika

Abantu muri Afrika bariko barakira ukuri kwo muri Bibiliya, kandi kuriko kuragira ikintu gikomeye gukoze ku buzima bwabo. Soma ivyerekeye umuntu yanywa inzoga nyinshi n’amatabi 60 ku musi.

Amerika

Ivyabonywe bikurikira birerekana ko gufasha abandi mu buryo bufadika be no kuvuga ukuri kwo muri Bibiliya naho umuntu yoba arwanywa, bishobora kuvamwo ivyiza.

Aziya be n’ibihugu vy’Abarabu

Kugira akigoro kadatezura mu gikorwa co kwamamaza biravamwo ivyiza. Raba akigoro kagizwe kugira ngo umugabo w’impumyi, atumva kandi atavuga afashwe gutahura ko Imana imwitwararika.

Uburaya

Ukwinuba kurashobora kuva ku makuru atari yo. Raba ingene ikiganiro co kw’iradiyo catumye ukwinuba Ivyabona vya Yehova kuhava.

Oseyaniya

Kwandika amakete ni uburyo bumwe buriko burakwiragiza ukuri kwo muri Bibiliya i Christchurch muri Nouvelle-Zélande. Kubera iki hari abita ayo makete ngo “Amakete ava ku Mana?”