Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Aziya be n’ibihugu vy’Abarabu

Aziya be n’ibihugu vy’Abarabu
  • IBIHUGU 47

  • ABANYAGIHUGU 4.282.178.221

  • ABAMAMAJI 674.011

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 672.318

Gufasha umugabo w’impumyi, atumva kandi atavuga

Mu 1999, ishengero ry’ururimi rw’ibimenyetso ry’i Kobe mu Buyapani ryarumvise ko hari umugabo atumva yitwa Hirofumi. Igihe umuvukanyi umwe yagerageza kuja kuraba Hirofumi, nyina wiwe ntiyemeye ko amubona. Uwo muvukanyi yaragarutse akatari gake aringinga uwo nyina wa Hirofumi, maze amaherezo aramuzana ku muryango. Imishatsi yiwe n’ubwanwa bwiwe vyari birebire kandi ntivyari bisukuye. Yasa n’umuntu amaze imyaka mirongo atawe mu gahinga mw’izinga rya wenyene. Yasa n’umuntu atagira inyiyumvo. Uretse ko Hirofumi atumva, no kubona ntiyabona. Uwo muvukanyi yararengewe ariko yaciye afata amaboko ya Hirofumi atangura kumuyagisha akoresheje uburyo bwo kugira ibimenyetso bigirirwa mu maboko y’abantu batumva kandi batabona. Hirofumi nta na kimwe vyamubwiye. Hirofumi ntiyaja aho abantu babona kandi nta n’umwe bavugana, ivyo bikaba vyari bimaze imyaka cumi kuva aho abereye impumyi afise imyaka 31.

Haheze imisi ibiri wa muvukanyi yaragarutse. Nyina wa Hirofumi yaratangaye cane, kuko yari yibajije ko uwo muvukanyi amaze kubona ukuntu umuhungu wiwe ameze atogarutse. Uwo muvukanyi yarasubiye gusaba nyina wa Hirofumi ngo amureke amubone, maze nyina wiwe aca aramuzana ku muryango. Haciye ukwezi uwo muvukanyi agendera Hirofumi ariko uno ntihagire ikintu na kimwe bimubwira, nyina wiwe yaciye abwira uwo muvukanyi ngo ntaze yirigwe arigora ngo agaruke. Ariko uwo muvukanyi yagumye aza. Yarazana udukate dusosa akongera agakora uko ashoboye kwose kugira yereke uwo mugabo ko amwitwararika. Haheze ayandi mezi abiri ariko Hirofumi ata na kimwe biramubwira, uwo muvukanyi yaciye abona ko ata ho ariko araja.

Uwo muvukanyi yaciye afata ingingo yo kumugendera irya nyuma. Imbere y’uko agenda, yarasenze Yehova amusaba ngo amufashe kumenya nimba akwiye kubandanya agendera Hirofumi. Igihe uwo muvukanyi yashika kwa ba Hirofumi, yaramufashe amaboko atangura kugira ibimenyetso amubwira yuko hariho Imana yitwa Yehova yaguma imuraba iri mw’ijuru kandi yatahura cane kuruta abandi bose umubabaro yari afise. Yehova yaramwitwararika kandi yaripfuza kumukura muri uwo mubabaro. Ni co gituma umwe mu Vyabona vyiwe yari yaje kumuraba. Mu ntango Hirofumi nta co vyamubwiye; ariko mu nyuma yaciye azunza ukuboko kw’uwo muvukanyi, arakorora amosozi. Uwo muvukanyi yarakozwe ku mutima n’ico kintu, na we aca arakorora amosozi. Inyigisho ya Bibiliya yaciye itangura.

Hirofumi amaze imyaka 11 yiga, yaratanguye kwifatanya n’ishengero ryo mu karere iwabo aho kuza aragira urugendo rurerure agiye mw’ishengero ryakoresha ururimi rw’ibimenyetso nk’uko yari amaze igihe abigira. Muri iryo shengero ry’aho iwabo nta n’umwe yari azi ururimi rw’ibimenyetso, ariko inyuma y’umwaka n’amezi atandatu, abavukanyi na bashiki bacu 22 bo muri iryo shengero bari bamaze kumenya ururimi rw’ibimenyetso kugira ngo bashobore gufasha Hirofumi. Muri Nzero 2012, Hirofumi yarashikirije ikiganiro ciwe ca mbere mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, hakaba hariho uwaza arasobanura ibimenyetso yagira. Muri Gitugutu muri uwo mwaka nyene, yarabaye umwamamaji atarabatizwa.

Yiga Bibiliya n’abanyezamu

Floren, uwo akaba ari umuvukanyi w’umutsimvyi aba muri Filipine, ayobora inyigisho za Bibiliya 25 tugize incahagati, nyinshi muri zo bakaba ari mwene ba banyezamu bari mu mashirahamwe atandukanye (abo benshi bita abasiti). Abo bantu akenshi bakora ku migoroba, bamwe mbere bagakora ijoro ryose. Ku bw’ivyo, Floren abwirizwa kuba umuntu ahuza n’uko ibintu vyifashe. Araja aho abo bantu bakorera bakiga igihe baba baruhutse canke mu bindi biringo bidaciramwo ibikorwa vyabo. Inyigisho zimwezimwe aziyobora hagati y’isaha imwe y’ijoro n’isaha zitanu, izindi hagati y’isaha 11 z’igitondo n’isaha zitatu. Rimwe na rimwe aratunganya ivyo gushikayo igihe baba bagomba kugomborana. Gutyo, arashobora kwigisha uwuba agira atangure akazi, mu nyuma agaca yigisha uwuba ahejeje. Floren avuga ati: “Kubera ko mfise inyigisho za Bibiliya nyinshi gutyo, ndifitiye umunezero ntari bwigere ngira.” Bamwebamwe muri abo basiti ubu baritaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Imwe mu nyigisho za Bibiliya za Floren ubu yarabatijwe kandi asukura ari umutsimvyi asanzwe.

Muri Filipine: Floren ariko arayobora inyigisho ya Bibiliya mu gitondo ca kare

Bari biyemeje kwishira mu kaga

Umusi umwe imvura iriko iragwa, hari bashiki bacu babiri bo muri Armeniya bari mu busuku maze babona umukobwa na nyina bahagaze kw’ibarabara baca barabaha agapapuro k’inkuru nziza. Abo bashiki bacu baratangajwe no kwumva uwo mugore, uwitwa Marusya, avuga ko we n’umukobwa wiwe Yeva bari bamaze amasaha abiri bari aho hanze muri iyo mvura, bizigiye ko baza kubona Ivyabona vya Yehova. Kubera iki none barondera Ivyabona vya Yehova? Igihe musaza wa Marusya yari mw’ibohero, yarize ukuri akwigishijwe n’abavukanyi bari bapfunzwe bazira kutagira aho bahengamiye. Marusya yari yiteze ko uwo musazawe azova mw’ibohero asigaye ari umuntu yatimvye kandi akaza ishavu. Yamara, yaje asigaye ari umuntu abona ibintu mu buryo buri ku burimbane kandi adakaza ishavu. Uko uwo musaza wa Marusya yabandanya kwifatanya n’Ivyabona, ni ko yarushiriza kumera neza. Ivyo vyose nta co vyabwira Marusya n’umukobwa wiwe kubera ko akatari gake babona ibintu bityoza Ivyabona vya Yehova ku vyapa vyo mu gisagara no kuri televiziyo. Yeva yibajije ati: ‘Muyomba ni umuntu mwiza cane. None kubera iki Ivyabona vya Yehova bavugwako ibintu bibi vyinshi gutyo?’ Kubera ko yari yiyemeje kuronka inyishu y’ico kibazo, yabwiye nyina wiwe ati: “Ntituzokwigera tumenya ibijanye n’abo bantu tutemeye kwishira mu kaga. Ingo ubu nyene tugende kurondera Ivyabona vya Yehova, tubone guhera amazinda.” Ivyo ni vyo bariko baragira igihe babonana n’abo bashiki bacu. Haciye imisi ibiri, bompi umukobwa na nyina baratanguye kwiga Bibiliya. Baratanguye kwitaba amakoraniro kandi barateye imbere baraba abamamaji batarabatizwa.

Ibinyamakuru vyazanywe n’abana

I Istanbul muri Tirkiya: Umuvukanyi ariko arakoresha agatabu Inkuru nziza igihe ariko aramamaza kw’ibarabara

Mu gisagara ca Adana muri Tirkiya hari umukenyezi yari afise ingorane zikomeye ziwe bwite n’izo mu muryango kandi akaba mbere yari amaze kwiyumvira ivyo kwiyahura. Uwo mukenyezi yasanze bibiri mu binyamakuru vyacu imbere y’umuryango wiwe. Biboneka ko hari abana b’ababanyi babitoye hasi baca babishira ng’aho bibaza ko ari ivy’uwo mugore. Uwo mugore yarakozwe ku mutima cane n’inkuru z’ubuzima zari muri ivyo binyamakuru, kandi yaciye yipfuza ko ubuzima bwiwe bwohinduka bukamera gutyo. Uwo mugore yaraterefonye ku nomero za telefone zari zanditse kuri kimwe muri ivyo binyamakuru maze avugana na mushiki wacu w’umutsimvyi yaba aho hafi. Inyigisho ya Bibiliya yaratanguye. Uwo mugore yarashimishijwe cane n’ivyo yiga maze araserura icipfuzo ciwe co kwitaba amakoraniro. Kandi uzi n’inkuru, inzu yiwe yari hafi y’Ingoro y’Ubwami. Yaciye ubwo nyene atangura kwitaba amakoraniro kandi n’ubu arabandanya.

Imisi cumi yamaze mw’ibohero ntiyatumye ahindura ivyiyumviro

Bam, uno akaba yari umupolisi akaba n’umuntu yakunda kuja gusenga wo muri Népal, yarahuriye mw’ibarabara n’umugabo n’umugore bubakanye b’abatsimvyi badasanzwe igihe yari ku kazi. Yarakozwe ku mutima n’ukuntu bamwishuye ibibazo vyose yababajije bakoresheje Bibiliya. Bam yaremeye kwiga Bibiliya, kandi budakeye na kabiri yaratanguye kwitaba amakoraniro. Uko inyigisho yatera imbere, ijwi ryiwe ryo mu mutima ryaratanguye kumubuza amahoro kubera igikorwa ciwe, akaba rero yaciye asaba abamukurira ngo bamuhe akazi ko mu biro, akatosavye ko yitwaza ibirwanisho. Baramwemereye. Yamara, inyuma y’aho Bam yitabiye ihwaniro ry’intara, ijwi ryiwe ryo mu mutima ryarasubiye kumubuza amahoro maze aca afata ingingo yo guheba burundu akazi k’igipolisi.

Umukenyezi wa Bam ntiyanezerejwe n’iyo ngingo, kubera ko akazi k’igipolisi katatuma gusa umuntu yubahwa mu kibano ariko kandi karimwo umushahara mwiza be n’uturusho kandi amahera uwakukurutse yaza araronka yari menshi. Kugira ngo uwo mukenyezi wiwe amujijure guhindura ivyiyumviro, yamubwiye ati: “Niwaguma mu gipolisi, nzoca niga Bibiliya n’Ivyabona.” Abonye ko ivyo ata co bivuyemwo, yaciye ajijura umupolisi afise ipete rya kapitene ngo ashire Bam mw’ibohero, yizigiye ko azoca ahindura ivyiyumviro. Bam amaze imisi cumi mw’ibohero, yararekuwe, ariko yari acumiye ku ngingo yari yafashe yo kurondera akandi kazi. Yaciye akora akazi ko kwunguruza abantu akoresheje ikinga ry’amapine atatu, kano kakaba kasaba ko amara amasaha menshi ku zuba. Naho bitari vyoroshe, yari afise umunezero. Yarabandanije gutera imbere mu vy’impwemu maze araba umwamamaji atarabatizwa. Mu nyuma, umukenyezi wiwe yaragabanije kumurwanya. Kubera ukuntu abavukanyi na bashiki bacu bo mw’ishengero bagaragariza uwo mukenyezi umutima mwiza, yaratanguye kwiga Bibiliya. Bam arabandanya kuronsa umuryango wiwe ikiwutunga, ubu akaba aronka amahera menshi kuruta ayo yaronka akiri umupolisi. Yabatijwe kw’iteraniro ryabaye muri Ruhuhuma 2013, kandi ubu umugore wiwe n’umuhungu wiwe barajana na we ku makoraniro.

Muri Népal: Igihe Bam yahindura akazi, we n’umuryango wiwe barashoboye gutera imbere mu vy’impwemu

Yaripfuje kuba umutsimvyi wo gufasha

Myeong-hee, mushiki wacu aba muri Koreya, arafise ingorane y’ukuguru biturutse ku kuba yarigeze kuba paralize agifise imyaka ibiri. Aruha ningoga kandi birashika akagwa hasi. N’ikindi kandi, arihanganira ukuza arahagarika umutima be n’ingaruka z’imiti afata. Myeong-hee biramugora guhema, kandi ukuba ahagarika umutima akagira n’amaganya biramutera umubabaro. Naho Myeong-hee afise izo ngorane zose, yaripfuje gukora ubutsimvyi bwo gufasha kandi mu myaka ibiri iheze yarabukoze hafi buri kwezi. Arashimira Yehova kuba amuronsa inguvu zo kurangura ubusuku bwiwe.

“Nari maze imyaka 30 ndakirondera!”

Agnes, umumisiyonari wo muri Endoneziya, yahora abwira inkuru nziza umukenyezi akuze yari yibungenze. Uwo mukenyezi yadandaza imboga z’insoromano kw’isoko yo mu karere iwabo. Yarakunda gusoma ibinyamakuru vyacu kandi yarakunda kuganira kuri Bibiliya igihe yaba afise akanya. Igihe kimwe, Agnes yaragiye kuraba uwo mukenyezi kw’isoko ariko asanga si ho ari. Umunega wiwe yabwiye Agnes ko umukenyezi wiwe yari yibarutse. Agnes yaciye afata ingingo yo kuja kumuramutsa. Yagiye amushiriye Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya gitekeye nka kurya batekera ingabirano. Uwo mukenyezi yarakozwe ku mutima no kuba Agnes yaje kumuraba we n’akayoya kiwe, ariko yararushirije gukorwa ku mutima igihe Agnes yamuha ya ngabirano. Uwo mukenyezi yaratekuruye ico gitabu, akiraba asa n’uwutavyumva, maze avuga ati: “Iki gitabu wagikuye he? Nari maze imyaka 30 ndakirondera! Naragiye ahantu hose bagurisha ibitabu kandi nta we ntakibajije. Nta n’umwe yari agifise, nta n’umwe yari akizi, kandi nta kindi gitabu na kimwe nabonye kimeze neza nka co.” Ng’uku ukuntu vyagenze ngo akimenye: Igihe uwo mukenyezi yari akiri umwana, inarume yari afise igitabu Inkuru za Bibiliya, kandi uwo mukenyezi yarakunda kugisoma. Ubu uwo mukenyezi yarasubiye gusoma ico gitabu, kandi n’umukobwa wiwe w’imfura arakunda kugisoma. Bose uko ari babiri baratanguye kwiga Bibiliya.

Muri Endoneziya: Agnes afise ca gitabu yatanga bwa ngabirano