Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Uburaya

Uburaya
  • IBIHUGU 47

  • ABANYAGIHUGU 741.892.871

  • ABAMAMAJI 1.601.915

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 862.555

“Ubwo ntiwazimiye?”

Umugore umwe w’Umunyasomaliyakazi aba muri Suwede yaratumiwe ku makoraniro ku Ngoro y’Ubwami, maze afata ingingo yo kugenda. Ibintu ntivyagenze neza. Nta n’umwe yamuhaye ikaze; abantu bose ng’aho baguma gusa bamwitegereza. Yumvise amaramaye cane. Umuntu umwe kumbure yabonye ko yasa n’uwumva ubuyega yamubajije ati: “Ubwo ntiwazimiye?”

Yishuye ati: “Ego, nibaza ko nazimiye!” Uwo mugore yaciye yigira. Igihe mu nyuma uwo mugore yabonana n’Ivyabona bari bamutumiye, yari ashavuye cane maze ababwira ko atazokwigera asubira kugaruka. Baribajije ukuntu bishobora kuba vyaragenze, kuko batari bamubonye ku Ngoro y’Ubwami. Bamaze kuyaga kandi gatoyi, bose baratahuye ko yihenze akaja ku rusengero!

Ivyo Vyabona baramuremesheje gusubira kugerageza kuza ku Ngoro y’Ubwami. Yaremeye, ariko avuga ko yumvise ubuyega atazohamara iminota irenga cumi. Yamara, igihe yinjira mu Ngoro y’Ubwami, bose mw’ishengero baramwakiranye igishika! Yararyohewe cane no kuba yari ng’aho ku buryo ari we yabaye uwa nyuma kuva ku Ngoro y’Ubwami. Kuva ico gihe, aritaba amakoraniro adahorereza kandi ubu ni umwamamaji yabatijwe.

Yatoye ubutumire mw’ibarabara

Mu Bugiriki: Stergios ubu arabwira abandi ibintu vy’agaciro yubuye

Stergios ni umusore aba mu Bugiriki. Umusi umwe mu gitondo igihe yariko arataha avuye ku kazi, yahisemwo kumanukana irindi barabara aho guca mu ryo yari asanzwe acamwo. Stergios yarabonye ikintu mw’ibarabara camukwegereye. Bwari ubutumire bw’Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Bwariko iki kibazo: “Yezu umubona gute?” Kubera ko hirya no hino yiwe hari abantu, Stergios yaragonanwe gutora ubwo butumire. Ashitse i muhira, yaratanguye kwiyumvira ca kibazo cari kuri bwa butumire maze aca yumva ashatse kumenya vyinshi.

Stergios yari yateguye gusangira agakawa na bamwe mu bagenzi biwe kuri uwo muhingamo. Igihe yari agiye kubaraba, yahisemwo guca muri rya barabara yabonamwo bwa butumire, yizigiye ko aza gusanga ari ho bukiri. Ni ho bwari bukiri, ariko n’ico gihe nyene hari hariho abantu, aca arasubira kugonanwa kubutora. Stergios ariko arataha avuye gusangira agakawa n’abagenzi biwe, yasubiye guca muri rya barabara, kandi bwa butumire ni ho bwari bukiri. Ico gihe hoho, yaciye abutora arabusoma. Ahejeje, yaciye afata ingingo yo kwitaba ico Cibutso.

Icibutso kirangiye, Stergios yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya igirwa ku buntu. Yaratanguye kwitaba amakoraniro maze aratera imbere mu vy’impwemu. Yabatijwe kw’iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe ryabaye muri Ntwarante 2013.

Ikiganiro co kw’iradiyo catumye ukwinuba Ivyabona kuhava

Muri Nzero 2010, Finn, umuvukanyi w’i Copenhague muri Danemarke, yari agiye gutembera maze aca agenda yitwaje ibinyamakuru. Igihe yariko araca mw’ibarabara ritoyi, yarabonye umuntu w’umushingantahe yitereye mu myaka aza amugana. Finn yaramuhaye ibinyamakuru vyo muri Kigarama 2009, ivyarimwo ibiganiro vyinshi bivuga ibijanye na Noweli. Igihe uwo mushingantahe yavuga, Finn yaciye amenya ijwi ryiwe. Yari umuntu yize amashure ahanitse yaremesha ikiganiro kw’iradiyo imwe izwi cane. Bukeye Finn yarumvirije ca kiganiro maze aratangazwa no kwumva wa mumenyeshamakuru avuga ko yari yaraye yakiriye ibinyamakuru. Yaciye asomera kw’iradiyo ibice bimwebimwe vyo muri vya biganiro. Mu bintu yasomye harimwo ibijanye n’ “inyenyeri” y’amayobera yabonetse ku bijanye n’ivuka rya Yezu. Yaremeje ko itegerezwa kuba vy’ukuri yarungitswe na Shetani.

Finn aremeshejwe n’ico kintu cabaye ku bijanye n’ivyo binyamakuru, yaciye afata ingingo yo kugendera wa mumenyeshamakuru. Mu kiganiro bagiraniye ico gihe, Finn abigiranye icubahiro yarabajije niba vyari gushoboka ko kw’iradiyo hashirwaho ikiganiro kivuga ivya Bibiliya. Haciye indwi zibiri yarabwiwe ko ivyo yasavye vyemewe. Harabaye ibiganiro birenga 30 vyamara amasaha abirabiri, ivyo vyose bikaba vyari bishingiye ku Vyabona vya Yehova no kuri Bibiliya. Wa mumenyeshamakuru be na Finn baraganira ku biganiro baba bahisemwo bakongera bakishura abantu amajana baterefona.

Umuntu umwe yariko arumviriza yaraterefonye uwari mu buhinga bw’ivyuma, aramusigira inomero ziwe. Yipfuza ko yogenderwa n’abavukanyi. Ivyo vyaciye bitunganywa. Hari haheze imyaka uwo mugabo yumva amajambo yo gusiga iceyi Ivyabona vya Yehova yavugwa n’abagenzi biwe be n’abo mu muryango, ariko kubera ivyo biganiro vyo kw’iradiyo, ukuntu yinuba Ivyabona kwaragiye mazimayongo. Inyigisho ya Bibiliya yaratangujwe, kandi mu 2013, uwo mugabo yaritavye Icibutso be n’insiguro idasanzwe. Aritaba amakoraniro yose yo ku w’iyinga kandi aratanga insasanuro nziza mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Abandi bantu bo muri ako karere na bo nyene barakiriye neza ukuri kubera ivyo bumvise muri ivyo biganiro vyo kw’iradiyo.

Yasize ubutumire ku muryango wabo

Hari ku musi wa nyuma w’ihwaniro ry’intara mu Butaliyano. Igihe Lucio yariko arasezera abagenzi biwe, hari umugabo n’umugore bubakanye babegereye. Lucio yarababajije ishengero barimwo. Bishuye bati: “Nta shengero turimwo.”

Lucio yaciye ababaza ati: “Hoba hari uwabatumiye?”

Bishuye bati: “Oya, ni twebwe twizanye.”

Lucio rero yaciye ashaka kumenya n’ibindi, aca arababaza ati: “Mwontunga nkabibariza icatumye muza?”

Bavuze bati: “Twasanze ubutumire ku muryango, duca dufata ingingo yo kuza.”

Babwiye Lucio aho baba, Ester umukenyezi wiwe yaciye avuga atangaye ati: “Ubwo butumire ni je nabuhasize! Hari ku musi wa nyuma w’isekeza, maze mbona ko aho guta ubutumire bwari busigaye, vyoba vyiza ndabusize ku miryango tutasanzeko abantu.” Uwo mugabo n’umugore bamaze kubona ubwo butumire, baciye bafata ingingo yo kuja ku Ngoro y’amateraniro kwitaba iryo hwaniro ku musi w’iyinga. Bahejeje kuganira gatoyi, Lucio na Ester baratumiye uwo mugabo n’umugore iwabo ngo basangire udufungurwa, kandi ikiyago carabandanije. Uwo mugabo n’umugore bari bashimishijwe baremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Bama bitegurira neza inyigisho yabo kandi ubu baritaba amakoraniro bakongera bakayagiramwo uruhara.