Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Oseyaniya

Oseyaniya
  • IBIHUGU 29

  • ABANYAGIHUGU 39.508.267

  • ABAMAMAJI 96.088

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 63.333

“Ubu ndabitahura”

Freda, uno akaba ari umuragi, yararyohewe cane igihe yamenya ko we na mushiki wacu amwigisha Bibiliya bokwimukiye mw’ishengero ry’ururimi rw’ibimenyetso rya mbere muri Papouasie-Nouvelle-Guinée. Iryo shengero ryashinzwe ku wa 1 Ntwarante 2013. Freda yarabonye ko yarushiriza gutahura cane ibivugwa mu makoraniro igihe yaba ashize ku ruhande ibisohokayandikiro maze akaguma akurikira ibimenyetso be n’amasanamu yaba ariko arerekanwa ku mukiruruko. Muri ubwo buryo, atari avyiteze, amasoni yari afise yo kugira uruhara mu makoraniro yaraheze maze aratangura gutanga insasanuro nyinshi mu makoraniro. Muri Ndamukiza 2013, yarakwije ibisabwa vyo kuba umwamamaji atarabatizwa kandi ariko araroranirwa mu gutumira abandi baragi ngo bajane na we mu makoraniro. Igihe bamubaza igituma akenshi akorora amosozi ari mu makoraniro, yishuye ati: “Ni kubera ubu ndabitahura.”

Yinjiye mu modoka itari yo

Igihe Barbara wo muri Ostraliya yari agiye mu mugwi wo gusohoka mu ndimiro, yarahagaritse imodoka ku ruhande kugira arabe ko yari yazanye agakaye yandikamwo amasubirayo yiwe. Yagiye abona umugore umwe yugurura umuryango w’imodoka, aca arinjira.

Barbara yaciye amubwira ati: “Urantunga, nibaza ko winjiye mu modoka itari yo.”

Uwo mugore yaciye avuga ati: “Urambabarira. Nagira ni umugore umwe ahora aza kuntora.” Uwo mugore abonye ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! vya Barbara, yaciye avuga ati: “Nahora ndonka ibi binyamakuru mu myaka iheze ndabihawe n’abakenyezi babiri banyigisha Bibiliya.” Barbara yarahimbawe no guha uwo mugore ibinyamakuru kandi mu nyuma yaratanguje inyigisho ya Bibiliya.

“Amakete ava ku Mana”

Muri Nouvelle-Zélande: Violet arabwira abantu benshi ukuri biciye ku makete yandika

Violet ni mushiki wacu w’imyaka 82 amugaye w’i Christchurch muri Nouvelle-Zélande. Yama arungika amakete be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu bigo babungabungiramwo abageze mu zabukuru be no mu bigo vyitwararika abantu bari ku mpfiro vyo mu karere iwabo. Abakora muri ivyo bigo batwara ayo makete bavuga ko abageze mu zabukuru babibamwo bahora barindirana igishika ivyo bita amakete ava ku Mana. Bamwe barasoma amakete n’ibisohokayandikiro baba bafise, bahejeje bagaca bakaba n’abandi canke bakabisomera abatabona neza. Abo bakora muri ivyo bigo bavuga kandi ko abasoma ayo makete be n’ivyo bisohokayandikiro usanga badatwarwa n’ishavu, babona ibintu mu buryo bwiza kandi ari abanyamahoro ubagereranije n’abatabisoma. Ku bijanye n’utwigoro agira mu kwamamaza, Violet avuga ati: “Ndabona ko Yehova akinkoresha mu gufasha abandi. Kubwira abandi ukuri muri ubwo buryo birahimbaye cane vy’ukuri.”

Yarasomye ivyerekeye amaroza

“Ico ndamaze kugisoma.” Bernie wo muri Saipan yaratangajwe n’iyo nyishu atari yiteze yahawe umusi umwe ku wa gatandatu mu gitondo igihe yariko arashikiriza ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi vyaheruka gusohoka. Yaribajije ukuntu Bernadette yari amaze gusoma ico kinyamakuru, uwo akaba ari umunyeshure wo muri kaminuza yaje kumwugururira. Bernie yarakoze mw’isakoshi yiwe akurayo ikindi kinyamakuru. Bernadette yaciye avuga ati: “N’ico ndamaze kugisoma.” Kubera ko Bernie atabitahura, yaciye amubaza ati: “Ibi binyamakuru wabisomeye he? Woba uri Icabona ca Yehova yaje ng’aha mu karuhuko?” Bernadette yarasiguye ko atari Icabona, ahubwo ko yari yasomeye ivyo binyamakuru kuri Internet. Umusi umwe Bernadette ariko ararondera amakuru yerekeye amashurwe kuri Internet, yaranditse ijambo “amaroza” maze arashimishwa cane na kimwe mu biganiro yaciye abona, icavuga ngo: “Amaroza akwegera yo muri Afrika,” co muri Be maso! (mu gifaransa), kikaba cari ku muhora w’Ivyabona vya Yehova. Bernadette yabwiye Bernie ko yakunze cane ico kiganiro cavuga ivyerekeye amaroza ku buryo yaciye afata ingingo yo kuraba n’ibindi kuri uwo muhora. Mu ntango yibanda ku makuru yerekeye ibiti n’ibikoko ariko budakeye na kabiri yarahabonye ibintu bishimishije vyerekeye Bibiliya. Bernie abonye ukuntu Bernadette yashimishijwe, yaciye amusaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya igirwa ku buntu maze mu nyuma aragaruka amuzaniye igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Ku ncuro igira gatatu Bernie agendeye Bernadette, barize icigwa ca mbere c’ico gitabu. Nk’inyuma y’umwaka umwe, muri Munyonyo 2012, Bernadette yarabatijwe. Bernadette yateye imbere ningoga ku buryo abagenzi biwe bakunda kuvuga ko yasimbiye mu kuri. Mu vy’ukuri, Internet yaratumye agira intango yihuta.