Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Amavidewo ya dessin animé arakora ku mitima igororotse

Amavidewo ya dessin animé arakora ku mitima igororotse

Kalebu, ka gahungu ko muri rwa rukurikirane rw’amavidewo ruri kuri jw.org ruvuga ngo Nube umugenzi wa Yehova, ubu arazwi kw’isi yose. Ividewo ya mbere y’ako gahungu kameze neza iramaze guhindurwa mu ndimi zirenga 130 kandi twararonse amakete amajana yerekeye urwo rukurikirane rw’amavidewo.

Iri kete ryavuye ku gakobwa k’imyaka 11 be na gatoyi kako k’imyaka 8, rikaba rigira riti: “Twashaka gutanga intererano ku bw’igikorwa co kwamamaza kibera kw’isi yose. Kugira turonke aya mahera, tworoye inyana zibiri z’inka hanyuma turazigurisha. Imwe yitwa Big Red iyindi Earl. Dushaka kubaha aya mahera kubera ko twiyumvira ko mwoyakoresha mu gukora izindi videwo Nube umugenzi wa Yehova. Twiyumvira ko vyoba vyiza cane hamwe Kalebu yoronka akandi gashiki kiwe gatoyi maze tukaraba ingene avyifatamwo igihe yoba atacitwararikwa cane. Turakunda cane ividewo ya Kalebu!”

Abana benshi barafashe ku mutwe iyo videwo yose, harimwo na rwa ruririmbo be n’amajambo y’uwubara inkuru. Mushiki wacu umwe yanditse ko mw’ishengero ryabo ry’abamamaji 100 harimwo abana 40, benshi muri bo bakaba bafise imyaka iri munsi ya cumi. Yari yicaye ku ntebe ya gatatu igihe bariko bararirimba ururirimbo rwa 120 mu gusozera amakoraniro. Yarakoroye amosozi yumvise ukuntu abo bana bose baririmba banezerewe cane urwo bita ururirimbo rwabo.

Hari inakuru w’abana yiganye ko inyuma y’aho akuzukuru kiwe karabiye iyo videwo incuro zibiri, kaciye kavuga ngo: “Ntegerezwa kwegeranya ibintu bisanzaye mu cumba canje kugira ngo ntihagire n’umwe yohava anyerera ku bikinisho vyanje agakomereka.” Kari kiyemeje cane gukora ico kintu ku buryo kasavye gashimitse ko kobanza guheza kwegeranya ibintu mu cumba cako imbere y’uko gafungura.

Muri Afrika y’Epfo, mu kigwati kimwe co hagati mu gihugu, hari umuhana umwe w’Icabona waguma urimwo uruja n’uruza rw’abana ku musi ku musi. Hari abiyumviriye ko abo bana baja kuri uwo muhana kubera ko hahora hagurishwa imbombo. Ariko abo bana bo muri ico kigwati baba batumiwe n’abandi bana ngo baze kuraba ya videwo ya dessin animé ivuga ngo Umviriza, ugamburuke maze uhezagirwe mu rurimi rwabo rwitwa xhosa. Igihe kimwe kuri uwo muhana hari abana cumi n’umwe, kandi bose bari barafashe ku mutwe rwa ruririmbo.

Muri Équateur hari uduhungu tubiri tutari Ivyabona tuvuga igikecuwa, akitwa Isaac k’imyaka umunani na gatoyi kako kitwa Saul k’imyaka itanu, twigeze kuza turabika amahera badutekerera buri musi kugira tuzogure udukinisho tw’inkoho, inkota be n’udupupe tw’abarwanyi. Umusi umwe nyina watwo yaratubwiye ngo twegeranye ibintu vyari bisanzaye mu cumba catwo twongere twegeranirize ibikinisho vyatwo vyose mw’ikarato yari munsi y’igitanda. Mu nyuma, hari umuntu yagabiye utwo duhungu ya DVD nshasha ivuga ngo Nube umugenzi wa Yehova, duca turayirabira hamwe. Haheze indwi, igihe nyina watwo yariko arasukura mu nzu, yasanze ya karato yari munsi y’igitanda isigayemwo gusa agakinisho k’imodoka. Yabajije twa duhungu ati: “Vya bikinisho biri hehe?” Na two tumwishura duti: “Yehova ntakunda mwene birya bikinisho, rero twaciye tubita mu nyabarega.” Ubu Isaac abonye abandi bana b’ababanyi bariko barakinisha ibikinisho biremesha ubukazi, aca ababwira ngo: “Reka gukinisha ivyo bintu. Yehova ntabikunda!”

Muri Krowasiya: Indirimbo z’Ubwami zirakora ku mitima y’abakiri bato bacu