Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Kugendera iratiro riteye igomwe

Kugendera iratiro riteye igomwe

Muri Gitugutu 2012, i Brooklyn muri New York haruguruwe iratiro ry’ivya kera ryo kwerekaniramwo ivya kahise k’Ivyabona vya Yehova. Muri iryo ratiro harerekanwa ingorane be n’ibintu biteye akaga vyashikiye abarondera kwigenza rukirisu nk’uko Yezu yigishije.

Mu ndwi ya mbere gusa, abashitsi hamwe n’abagize umuryango wa Beteli bose hamwe barenga 4.200 baragendeye iryo ratiro. Naomi, Icabona aba hafi yaho, yagendeye iryo ratiro ari ho ricugururwa. Yavuze ati: “Umurongo werekana igihe ibintu vyabereyeko waramfashije gutahura igihe ibintu vyabereyeko be n’igituma vyagenze ukunaka. Naramenye ibintu vyinshi ku vyerekeye ishirahamwe ryacu be n’amakuru yaryo yo mu gihe ca none.”

Umuntu ariko aragendera iryo ratiro ahera ku vyabaye mu gihe c’ubukirisu mu 33 Inyuma ya Kristu akabandanya gushika ku vyabaye muri iki gihe. Iryo ratiro ririmwo ibice bine. Igice kimwekimwe cose gifise umutwe-shimikiro ushingiye ku Vyanditswe, kandi gitanguzwa n’akavidewo kagufi kari mu congereza, ariko amajambo y’abavuga aza araboneka mu ndimi indwi.

Igice ca mbere, ikivuga ngo “Abantu barakunze umwiza,” umutwe waco wakuwe mu majambo ya Yezu ari muri Yohani 3:19. Bibiliya yari yaravuze ko inyuma y’ugupfa kw’intumwa, abantu babi ‘bohagurutse bakavuga ibigoramanze.’ (Ivyak. 20:30) Abubahuka kurwanya ivyiyumviro vyari vyiraye barahanwa bimwe bikomeye.

Mu buryo butandukanye cane n’ivyo, igice gikurikira kivuga ngo “Umuco nukayangane,” igishingiye ku 2 Bakorinto 4:6, kivuga ivyabaye mu mpera z’imyaka ya 1800 igihe abatohoji ba Bibiliya b’umutima nziraburyarya batangura kwiga Ivyanditswe ata ho bahengamiye. Barahevye ibintu bari bamaze igihe kirekire bemera bitari bishingiye kuri Bibiliya maze baramamaza babigiranye umutima rugabo ukuri gutanga umuco. Ico gice kiravuga ukuntu barushirije kugira ubumenyi no kugwira imbere y’Intambara ya mbere y’isi yose.

Umuntu aca abandanya akabona ikibanza cerekana ikintu cakozwe kigikwegera Ivyabona vya Yehova gushika n’ubu. Mu 1914 Abatohoji ba Bibiliya (ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe) baratanguye kwerekana “Urukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe.” Abantu amamiliyoni barabonye urwo rukurikirane, rukaba rwari rugizwe n’isinema be n’amafoto ari kumwe n’amajwi. Mu vyerekanwa muri iryo ratiro harimwo ibicapo vya kera, ividewo ngufi yerekana ivyari mu ntangamarara y’urwo rukurikirane, be n’amafoto y’amabara arenga 500.

Ukurwanya abayoboke ba Kristu gutewe na Shetani, ukudondorwa mu Vyahishuwe 12:17, ni kwo igice kigira gatatu kivuga ngo “Ca gisato kigira uburake” gishingiyeko. Muri ico gice barashimika ku kuntu abakirisu bagumye ata ho bahengamiye mu bihe vy’intambara. Uretse ibintu vy’utugenegene be n’amafoto vyerekanwa, harerekanwa kandi utuvidewo tugufitugufi twerekana ukuntu bagerageje guhata abantu banka kuja mu vya gisirikare kubera ijwi ryabo ryo mu mutima, nka Remigio Cuminetti wo mu Butaliyano, uwanse kwambara imyambaro ya gisirikare no kurwana mu Ntambara ya mbere y’isi yose. Akandi kavidewo karavuga ivyerekeye Alois Moser wo muri Otrishe. Yaranse kuvuga ngo “Heil Hitler” (indamukanyo yo guhayagiza Hitler) maze ivyo bituma akurwa mu kazi mu nyuma arungikwa mw’ikambi y’itunatuniro y’i Dachau. Kuba barubatse akazu kerekana ingene ka gasho k’umwiza w’umuzitanya kari kameze biratuma umuntu atahura neza amafoto yerekana ukuntu Ivyabona vya Yehova bapfunzwe bazira ukwizera kwabo mu Bugiriki, mu Buyapani, muri Polonye, mu cahoze citwa Yugoslaviya no mu bindi bihugu.

Igice ca nyuma kivuga ngo “Inkuru nziza ku mahanga yose,” igishingiye ku Vyahishuwe 14:6, kirerekana igikorwa Ivyabona vya Yehova baranguye mu myaka mirongo iheze. Ukuntu banyarutse kwongerekana, ukuntu bumiye kw’ibanga mu kwamamaza be n’urukundo rwa kivukanyi bari bafise birabonekera ku mafoto atondetswe ku mpome. Ababa bariko baratembera bahereza ku kubona orodinateri zimanitse ku ruhome bashobora kuronderamwo ico bita Inzu ya Bibiliya be n’Itaberenakulo y’i Brooklyn, ivyo bikaba ari ibibanza vyakoreshwa n’Ivyabona vya Yehova mu myaka irenga 100 iheze.

Iryo ratiro riri mu gisagara ca New York, i Brooklyn kw’ibarabara ryitwa Columbia Heights inomero 25. Riba ryuguruye kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu, kuva isaha 2 zo mu gitondo gushika isaha 11 zo ku mugoroba, kandi kwinjira ni ku buntu. Nimba uri mu gisagara ca New York, ubona gute uje kugendera iryo ratiro riteye igomwe?