Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Raporo y’ivy’imanza

Raporo y’ivy’imanza

Intumwa Paulo yahimirije abakirisu ati: “Mugume mwibuka abari mu mvuto nk’aho mubohanywe na bo.” (Heb. 13:3) Twebwe abasavyi ba Yehova tuguma twibuka abavukanyi bacu na bashiki bacu b’abizigirwa kandi tuguma dusabira “abo bose bari mu kibanza co hejuru; kugira ngo tubandanye kugira ubuzima butekanye kandi buri mu mahoro, turi n’ukwihebera Imana gukwiye kandi tudafyina.”1 Tim. 2:1, 2; Ef. 6:18.

Amakuru akurikira yerekeye zimwezimwe mu ngorane zijanye n’ubutungane Ivyabona vya Yehova bagize muri uyu mwaka uheze:

Abavukanyi bacu bo mu Burusiya barabandanya “kwigisha no kumenyesha inkuru nziza . . . badatezura” naho idini ry’aborotodogisi ryo mu Burusiya be n’abategetsi bamwebamwe babandanya isekeza ryo guhagarika igikorwa cacu. (Ivyak. 5:42) Abategetsi bo mu Burusiya babandanya gukoresha nabi itegeko ridatomoye ryerekeye intagondwa, rino mu ntango rikaba ryateguriwe kurwanya iterabwoba, bakaba barikoresha ku bisohokayandikiro vyacu canke ku bavukanyi bacu umwumwe ukwiwe. Ivyo vyatumye amasentare yo mu Burusiya avuga ko nka 70 mu bisohokayandikiro vyacu birimwo imvugo z’intagondwa, kandi abategetsi barongeye ivyo bisohokayandikiro ku rutonde rw’ibitabu vy’intagondwa bibujijwe mu gihugu. Abategetsi bamwebamwe bo ng’aho bafatiye kuri ico kirego c’ikinyoma giteye akaga, barasaka Ingoro z’Ubwami be n’amazu y’abavukanyi barondera ivyo bisohokayandikiro. Abapolisi barahagarika Ivyabona benshi kubera baba bari mu busuku, bakabafotora bakongera bakabasaba ko batera igikumu ahantu kugira ngo basigarane imihiro yo ku rukumu rwabo. Akenshi baratera ubwoba abavukanyi bacu igihe baba babajanye ku kirindiro cabo.

Kuva muri Rusama 2013, abavukanyi na bashiki bacu 16 bo mu gisagara ca Taganrog bararengukijwe mu butungane bagirizwa gutunganya amakoraniro ya gikirisu, kuyitaba no kuyagiramwo uruhara be no kuja mu gikorwa co kwamamaza. Kuva Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti isambutse, iryo ryari ryo rya mbere Ivyabona bagirizwa ibinyoma ngo ni inkozi z’ikibi bahorwa kuba bakora ibintu bihuye n’ukwizera kwabo. Abategetsi bo mu tundi turere two mu Burusiya bariko baragerageza gusaba amasentare ngo avuge ko ibisohokayandikiro vyacu ari ivy’intagondwa yongere yagirize abavukanyi bacu ko ari inkozi z’ikibi zagirwa n’icaha co kwanka abo mu yandi madini.

Ukuntu ivy’abavukanyi na bashiki bacu bo muri Eritreya vyifashe ntikwahindutse. Gushika muri Mukakaro 2013, abagera kuri 52 bari mw’ibohero, aho hakaba harimwo abavukanyi umunani bafise n’imiburiburi imyaka 70, hamwe na bashiki bacu batandatu. Abavukanyi batatu, Paulos Eyassu, Isaac Mogos be na Negede Teklemariam bari mw’ibohero kuva ku wa 24 Nyakanga 1994, bazira kuba bataja mu bikorwa vya gisirikare.

Abarenga ica kabiri c’abo bapfunzwe bapfungiwe mw’ibohero ryitwa Meiter, aho hakaba ari mu bugaragwa mu buraruko bw’umurwa mukuru Asmara. Kuva muri Gitugutu 2011 gushika muri Myandagaro 2012, abategetsi barahanye 25 mu bavukanyi bacu mu kubapfungira mu kintu kimeze nk’igisandugu gikozwe mu cuma ica kabiri caco kiri mu kuzimu. Mu mezi y’ici, ku murango abacunga ibohero barasohora abanyororo hanze kubera ubushuhe buturira buba buri aho hantu. Yamara, baronka ibifungurwa be n’amazi vy’inticantikize, ivyo bigatuma amagara y’abavukanyi amera nabi cane. Ikibabaje, Yohannes Haile, umuvukanyi w’imyaka 68, yarapfuye muri Myandagaro 2012 biturutse kuri ukwo gufatwa nabi, nk’uko vyashikiye umuvukanyi Misghina Gebretinsae mu 2011.

Muri Kirgistani: Iyi Ngoro y’Ubwami yarasambuwe incuro zibiri n’abantu bo ng’aho