Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Kwegurira Imana ibiro vy’amashami

Kwegurira Imana ibiro vy’amashami

Ku wa 20 Gitugutu 2012, Ivyabona vya Yehova bo muri Koreya bararyohewe igihe inyubakwa z’ishami zari zarasubiwemwo hamwe n’izindi nshasha zegurirwa Yehova. Ico kiringo cari gihambaye canecane kubera ko abavukanyi bashoboye kwibutswa imyaka 100 yari iheze basukura badahemuka. Vyongeye, mu 2012, igitigiri c’abamamaji cararenze 100.000 ari bwo bwa mbere. Abavukanyi bitanze nka 1.200 bo ng’aho be n’abandi 239 bagizwe n’abubatsi mvamakungu hamwe n’abitanze bavyishakiye bo mu bihugu icenda barubatse inyubakwa nshasha y’uburaro, inyubakwa y’icapuriro, inyubakwa zo gufatiramwo amajwi n’amasanamu hamwe n’iyo gukoreramwo imodoka. Vyongeye, inyubakwa nka zose zari zihasanzwe barazisubiyemwo hose.

Umuvukanyi Anthony Morris wo mu Nama Nyobozi yarashikirije abavukanyi na bashiki bacu 3.037 bari ng’aho insiguro iremesha yo kwegurira Imana izo nyubakwa. Bukeye, ikoraniro ridasanzwe ryarabereye mu nyubakwa nini iberamwo amahayanishwa, kandi amashengero arenga 1.300 yo muri Koreya yarakurikiye iryo koraniro biciye kuri Internet. Abantu 115.782 bagizwe n’Ivyabona vya Yehova be n’abashimishijwe barakurikiye iyo porogarama y’ivy’impwemu iteye umunezero.

Igenekerezo rya 9 Ntwarante 2013 rizokwama ari iry’intibagirwa muri kahise k’abasavyi ba Yehova bo muri Liberiya. Abashitsi bavuye mu bihugu 11 barakoraniye hamwe kugira begurire Imana ibiro vy’ishami vyaheruka gusubirwamwo no kwagurwa. Bose barahimbawe no gukurikira insiguro yo kwegurira Imana izo nyubakwa yashikirijwe na Guy Pierce wo mu Nama Nyobozi. Inyuma y’imyaka irenga cumi intambara y’abanyagihugu yamaze, iyatebeje imyiteguro yo kwubaka hamwe n’ubwubatsi, ikibanza c’ishami caraguwe congerwako ikibanza abaroberi bahora binyegezamwo kikababera n’ikambi yo guhungiramwo. Abantu 51 bagize umuryango wa Beteli barahimbarwa no gukoresha inyubakwa y’uburaro y’ivyumba 35, inyubakwa y’amabiro yasubiwemwo, inyubakwa nshasha ishikiramwo ibisohokayandikiro, inyubakwa nshasha yo kubungabungiramwo ibikoresho be n’igikoni hamwe n’ikibanza c’uburiro bishasha.

Muri Jeworojiya haba abantu b’igishika kandi bakunda ivy’impwemu. Aho Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zimariye gusambuka, vyaciye bituma hakurikira ikiringo kidasanzwe c’iterambere mu vya gitewokarasi, icakurikiwe n’uruhamo rukaze. Ukurwanywa kwaragabanutse cane, kandi ku wa gatandatu igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2013 harabaye ikintu gikomeye c’intibagirwa muri kahise k’Ivyabona vya Yehova bo muri Jeworojiya, igihe David Splane wo mu Nama Nyobozi yashikiriza insiguro yo kwegurira Imana inyubakwa z’ishami zari zasubiwemwo zongera ziragurwa, Ingoro y’amateraniro be n’inyubakwa nshasha yo kugiriramwo Ishure ry’abamamaji b’Ubwami be n’Ishure ry’abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo. Abashitsi 338 bo mu bihugu 24 barifatanije n’Ivyabona barenga 800 bo muri Jeworojiya kuri iyo porogarama.

Jeworojiya

Bukeye, abantu 15.200 barakurikiye insiguro idasanzwe yashikirijwe n’umuvukanyi Splane, bakaba bayikurikiye biciye ku buhinga bwo kurungika amajwi n’amasanamu bwakoreshejwe mu bibanza biberemwo amakoraniro y’ishengero hirya no hino muri Jeworojiya. Ico kiringo cahuje abantu bo mu bihugu bitari bike cari igihimbaye ku bantu benshi. Umuvukanyi umwe akiri muto yavuze ati: “Ubu ndazi ingene isi nshasha izoba imeze.”

Ku wa 29 Ruheshi 2013, inyubakwa y’amabiro y’amagorofa abiri yo kuri Beteli y’i Rangoun muri Birmaniya yareguriwe Imana. Guy Pierce wo mu Nama Nyobozi yarashikirije insiguro yo kwegurira Imana iyo nyubakwa abantu 1.013, muri bo hakaba harimwo abashitsi bavuye mu bindi bihugu bigera kuri 11. Hari umugabo ava mu gihugu igikorwa c’Ivyabona vya Yehova kibujijwe yegereye abavukanyi na bashiki bacu bo muri Birmaniya bari bashinzwe guha ikaze abo bashitsi ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Rangoun. Yaratunze urutoke ivyapa vyari vyanditseko ngo “Kaze Vyabona vya Yehova” abo bavukanyi bari bafise aca ababaza ati: “Muriko muha ikaze ivyabona kugira baje kuburana muri sentare?” Bamwishuye bati: “Oya, turiko duha ikaze abagenzi bacu.” Uwo mugabo yaciye ababaza ati: “None uwo Yehova ni nde?” Aho uca wumva ko abo bavukanyi na bashiki bacu baciye bashinga intahe nziza. Ku musi wakurikiye iyo porogarama, harabaye ikoraniro ridasanzwe ryabereye ahantu habera amahwaniro muri Birmaniya, aho umuvukanyi Pierce yashikirije insiguro yavuga ngo “Nukorere Yehova n’umutima utahura.” Abantu bari mu bindi bibanza bitandatu hirya no hino muri Birmaniya barakurikiye iryo koraniro biciye kuri telefone, ivyo bikaba vyatumye abantu bose hamwe bumvirije ayo makuru yaje hageze baba 2.963. Umwe mu bashoferi b’amabisi yatwaye abavukanyi na bashiki bacu bo ng’aho kuri iryo koraniro ridasanzwe i Rangoun yavuze ati: “Ndabona ko mwebwe mutandukanye rwose n’abandi bantu bo mu yandi madini. Mwigenza neza, mwambara neza kandi mufise umutima mwiza. Maze imyaka myinshi ntwara imigwi y’abantu, ariko sinari bwigere mbona abantu bisoneye nkamwe!”

Muri Birmaniya: Abamamaji bo ng’aho bariko baraha ikaze abashitsi baje kuri porogarama yo kwegurira Imana ishami

Abasavyi ba Yehova b’intahemuka bo muri Moldaviya bari bafise imvo yumvikana yo kunezerwa ku wa gatatu igenekerezo rya 3 Mukakaro 2013, igihe Stephen Lett wo mu Nama Nyobozi yashikiriza insiguro yo kwegurira Imana inyubakwa z’ishami zaheruka kwagurwa. Mu vyubatswe harimwo inyubakwa y’amagorofa abiri irimwo idepo y’ibisohokayandikiro be n’ivyumba vy’uburaro cumi, hamwe n’Ingoro y’Ubwami y’igorofa imwe ikoreshwa n’amashengero indwi. Abantu 33 bagize umuryango wa Beteli wo muri Moldaviya barahimbawe no kwakira abashitsi bavuye mu Budagi, mu Buholande, mu Burusiya, muri Irlande, muri Leta Zunze Ubumwe, muri Rumaniya no muri Ukraine. Mu bari ng’aho harimwo kandi abavukanyi na bashiki bacu batari bake bakoreye Yehova badahemuka igihe igikorwa cari kibujijwe, bamwe muri bo bakaba barafashije kwimura ibisomwa vy’ibisohokayandikiro no gutanga ibisohokayandikiro muri ico gihe. Mu bari ng’aho harimwo benshi bari baratwawe muri Siberiya bari kumwe n’abavyeyi babo mu kiringo c’amasekeza atandukanye yagizwe yo kurwanya Ivyabona vya Yehova mu cahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Ku w’iyinga, umuvukanyi Lett yarashikirije insiguro iryoshe yahinduwe mu kirumaniya no mu kirusiya, ihindurirwa abantu 14.705 bari aho, iryo rikaba ryari ryo hwaniro ry’Ivyabona vya Yehova rinini kuruta ayandi yose yigeze kuba muri Moldaviya.

Mugume musenga kandi ntimudebukirwe

Yezu yarashimitse ku vy’uko dukwiye ‘gusenga kandi ntitudebukirwe.’ (Luka 18:1) Igihe muriko murasenga muba muriko murakomeza icizigiro canyu. Ku bw’ivyo, “musenge ubudahengeshanya,” egome, “mushishikare gusenga.” (1 Tes. 5:17; Rom. 12:12) Ivyo nimwabigira, ese ‘ya Mana y’amahoro yobaronsa ikintu ciza cose kugira ngo mukore ukugomba kwayo, biciye muri Yezu Kristu ikorere muri mwebwe ibihimbaye rwose imbere yayo.’Heb. 13:20, 21.