Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Barakunda abavukanyi babo

Barakunda abavukanyi babo

Ishure rishasha ryafashije cane

Yehova yarahezagiye abasavyi biwe bo muri République dominicaine bakora bagatama. Mu 1994 hari nk’abamamaji b’Ubwami 16.354 mu mashengero 259. Bitumwe n’iryo terambere rishimishije, hari hakenewe cane abakurambere n’abakozi b’ishengero babishoboye. Muri uwo mwaka nyene, Inama Nyobozi yaremeye ko aho muri République dominicaine haza harabera rya Shure rimenyereza abasuku, ubu rikaba ryasubiriwe n’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami.

Gushika muri Gitugutu 2011, abanyeshure nka 600 bari bamaze gusohoka amashure 25 yari amaze kugirwa muri ico gihugu. Muri iki gihe, abarenga ica kabiri c’abo banyeshure basukurira mu muce kanaka w’umurimo w’igihe cose, 71 ni abatsimvyi badasanzwe, 5 na bo ni abacungezi b’imizunguruko. Amashure cumi ya mbere yabereye ku biro vy’ishami, ariko amashure yakurikiye yabereye mu nyubakwa z’iryo shure ziri i Villa González.

“Ivyabona vya Yehova baritwararika abavukanyi babo”

Ku wa 22 Nyakanga 1998, igihuhusi ciswe Georges carateye muri République dominicaine kiri ku muvuduko w’ibilometero 190 kw’isaha, kandi carononye ibintu bitari bike. Abantu ibihumbi basigaye batagira aho bakika umusaya, abandi barenga 300 barapfa. Komite ijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago, ibifashijwemwo na Komite y’ubwubatsi y’akarere, yaciye ifata Ingoro y’Ubwami y’i La Romana iyikoresha mu vyo gutabara. Abavukanyi na bashiki bacu bagera ku 300 baritanze barafasha mu bikorwa vyo gutabara, aho hakaba hari harimwo 16 bavuye mu bindi bihugu.

Ingoro z’Ubwami 23 be n’inzu z’abavukanyi na bashiki bacu zirenga 800 ni zo zategerezwa gusanurwa canke gusubira kwubakwa. Nk’akarorero, mushiki wacu ageze mu zabukuru w’umutsimvyi asanzwe yitwa Carmen yarababajwe cane n’uko ico gihuhusi casenyuye inzu yiwe yari amazemwo imyaka 38. Ariko, ntiworaba umunezero yagize igihe abavukanyi 15 batangura kwubaka umushinge w’inzu yiwe nshasha. Carmen avuga ati: “Yehova atugumiza ku mutima kandi aratwitwararika. Raba iyi nzu nziza cane abavukanyi bariko baranyubakira. Ababanyi banje bavuze bati: ‘Ivyabona vya Yehova baritwararika abavukanyi babo; barakundana vy’ukuri.’” Amajambo nk’ayo yaravuzwe hirya no hino mu gihugu igihe abakora mu vy’ugutabara baba bariko barafasha abavukanyi babo bari barahahamuwe n’ico gihuhusi.

Naho ico gihuhusi Georges cari icago gikomeye, ibintu biranga urukundo abasavyi ba Yehova bakoze vyaratumye abavukanyi bacu bari baratewe n’ico gihuhusi baronka ivyo bari bakeneye mu vy’umubiri no mu vy’impwemu. N’igihambaye kuruta, agatima ko kwitanga abo basavyi ba Yehova bagaragaje karaninahaje Yehova, we sôko ry’uruhoza nyakuri.

Ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami bwihutishwa

Kubera abigishwa bashasha baguma biyongera cane, izindi Ngoro z’Ubwami zararushirije gukenerwa. Ku bw’ivyo, muri Munyonyo 2000, abavukanyi bo muri République dominicaine baratanguye kwubaka Ingoro z’Ubwami babifashijwemwo na ya porogarama yo gufasha ibihugu bifise uburyo buke. Ivyo bituma ishengero rishobora kwubaka Ingoro y’Ubwami imeze neza cane mu mezi abiri. Gushika muri Nyakanga 2011, imigwi ibiri y’abubatsi yari imaze kwubaka no gusanura Ingoro z’Ubwami nka 145.

Izo Ngoro z’Ubwami hamwe n’abo bubatsi vyarashinze intahe ikomeye. Nk’akarorero, mu gasagara gatoyi ko mu buraruko bushira uburengero bw’ico gihugu, abavukanyi barabonye ahantu boshobora kwubaka Ingoro y’Ubwami. Umutsimvyi adasanzwe umwe yarabajije nyene ho nimba yohagurisha. Uwo muntu yabishuye ati: “Nimureke guta umwanya wanyu, nta tongo ryanje ndabaha, canecane kubera ko mugomba kuryubakamwo urusengero.”

Haheze igihe gito uwo muntu avuganye n’uwo mutsimvyi, yaragiye i Puerto Plata kuraba mukuruwe yari ashaje, uno akaba yari Icabona ca Yehova. Ashitseyo, yasanze hari umuryango w’Ivyabona wari waratwaye uwo mwene wabo yari arwaye kugira ngo umwitwararike. Uwo muryango waramujana kwa muganga, ku makoraniro, no mu ndimiro. Uwo muntu yarabajije uwo mwene wabo amahera yabariha kubera ukwo kuntu bamwitwararika. Yishuye ati: “Nta mahera ndabaha. Ni abavukanyi banje.”

“Sinari bwigere mbona abantu bunze ubumwe kandi b’umutima mwiza nk’aba”

Uwo muntu yarakozwe ku mutima cane n’umutima mwiza w’Ivyabona ku buryo yaciye arondera wa mutsimvyi adasanzwe aca amubwira ko yahinduye ivyiyumviro kandi ko ashaka kugurisha ha hantu. Abavukanyi baraguze aho hantu maze baratangura kuhubaka Ingoro y’Ubwami. Imbere y’aho, umugore w’uwo muntu ntiyerekwa Ivyabona vya Yehova. Ariko, abonye ukuntu abo bavukanyi bakorana mu bumwe ng’aho kw’ishantiye, yavuze ati: “Sinari bwigere mbona abantu bunze ubumwe kandi b’umutima mwiza nk’aba.”