Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Umuragi wa mbere yemeye ukuri

José Pérez

Umuragi wa mbere yemeye ukuri
  • YAVUTSE 1960

  • YABATIJWE 1982

  • IVYIWE MURI MAKE José akiri agahungu gatoyi yarakwegerewe n’ukuri biciye ku rukundo rwari mw’ishengero, naho muri ryo ata n’umwe yari azi ururimi rw’ibimenyetso.

NKIRI umwana, narazivye amatwi maze nca ndiga ururimi rw’ibimenyetso mw’ishure ry’abaragi. Natanguye kumenya ukuri mfise imyaka 11, igihe umuryango umwe w’Ivyabona twabana wantumira ku makoraniro. Naho ntatahura ibivugwa, kubera ko bampaye ikaze n’igishika cinshi, narafashe ingingo yo kubandanya nitaba amakoraniro. Benshi mw’ishengero barantumira tugasangira ibifungurwa canke tugakorana ibindi bintu.

Nabaye umwamamaji mu 1982, kandi mu mpera z’uwo mwaka narabatijwe. Mu 1984 narubakanye na Eva, na we nyene akaba ari umuragi. Naho hari ukuri kwo muri Bibiliya tutatahura cane, twaremera ko turi mw’ishirahamwe rya Yehova kubera twabona ca kimenyetso kiranga abakirisu b’ukuri, na co kikaba ari urukundo, kandi twarakunda cane kwifatanya n’ishengero.Yoh. 13:35.

Mu 1992 haratunganijwe ivy’uko hagira bashiki bacu na bene wacu bigishwa ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika. Abo bamamaji baciye batangura kurondera abaragi no kubabwira inkuru nziza. Mu nyuma, mu 1994, igikorwa co kwamamaza inkuru nziza mu rurimi rw’ibimenyetso cararushirije gutera imbere igihe umugabo umwe n’umugore wiwe bava muri Porto Riko bakaza kw’ishami kwigisha abavukanyi na bashiki bacu 25 ururimi rw’ibimenyetso.

Mu nyuma muri uwo mwaka, twe na Eva twaratanguye kwitaba amakoraniro mu mugwi w’ururimi rw’ibimenyetso waheruka gushingwa. Igihe twatangura kwitaba amakoraniro mu rurimi rw’ibimenyetso ni ho twatangura kurushiriza gutahura ido n’ido inyigisho zo muri Bibiliya, nk’iyijanye n’ukuntu Shetani yarwanije ubusegaba bwa Yehova be n’uruhara Ubwami bwa Mesiya bufise mu mugambi w’Imana.

Kw’igenekerezo rya 1 Kigarama 1995, i Santo Domingo n’i Santiago harashinzwe amashengero y’ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika. Gushika muri Myandagaro 2014, hari amashengero y’ururimi rw’ibimenyetso 26 n’imigwi 18.

Twe na Eva ururimi nyamukuru twigishije abana bacu ni urw’ibimenyetso. Umuhungu wacu w’imfura, Éber, akorera mu rwego rujejwe guhindura mu rurimi rw’ibimenyetso kw’ishami ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ndi umukozi w’ishengero, Eva na we ni umutsimvyi asanzwe.