Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Oseyaniya

Oseyaniya
  • IBIHUGU 29

  • ABANYAGIHUGU 40.208.390

  • ABAMAMAJI 97.583

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 64.675

Barasize imikama y’ibisohokayandikiro

Inkuru nziza y’Ubwami ntivugwa cane mu mazinga menshi yo muri Micronésie. Ku bw’ivyo, hari abamamaji bo mu Mazinga ya Marshall bateguye kujayo n’ubwato bakamarayo indwi zibiri. Bavuye mw’izinga rya Majuro, baciye bashikira izinga rya Wotje n’irya Ormed y’i Wotje Atoll.

Kugira ngo abo bamamaji bashobore kubwira inkuru nziza abantu benshi bashoboka, imbere y’uko bafata urwo rugendo baratekeye ibinyamakuru mu mikama. Umukama umwumwe wose waba urimwo ibinyamakuru bine n’udutabu tubiri. Kubera ko abo bamamaji batari bazi igihe bogarukiye muri ayo mazinga, baca basigira ababa bashimishijwe umukama w’ibinyamakuru kandi bakabasaba ko bobisabikanya n’abo mu miryango yabo n’abagenzi babo. Mu ndwi zibiri abo bamamaji bamazeyo, batanze udutabu 531, ibinyamakuru 756, n’ibitabu 7.

“Turagushimiye cane kubona utatwibagiye”

Muri Papouasie-Nouvelle-Guinée, hari umuvukanyi umwe na bashiki bacu batanu bamaze imisi cumi bariko baramamaza mu bigwati birimwo ibirunga vyo mw’Izinga rya Karkar muri Ruhuhuma 2014. Abantu benshi barakiriye neza inkuru nziza kandi batanze ibisohokayandikiro 1.064. Mushiki wacu umwe yitwa Relvie yavuze ati: “Ku musi wa mbere twaja mu busuku, harinze hagera isaha icenda zo ku muhingamo tucamamaza. Amazi twari twatwaye yari yaheze, imisaya yarushe, n’amate yari yumye kubera twaguma tuvuga. Nariko ndaganira n’umukobwa umwe. Nashaka kumusomera icanditswe, ariko vyaranse kubera ko nari nyotewe cane. Uwo mukobwa yaciye ampa amazi yo kunywa.”

Buca bava mu kigwati kimwe, harabaye inama ikomeye yarimwo abanyakigwati hamwe n’indongozi z’amadini yo ng’aho. Relvie yigana ati: “Numvise umenga ndi Sitefano ahagaze imbere y’Inama Nkuru kugira aburanire ukuri, uretse gusa ko abatwumviriza bari bameze neza.” Abo bamamaji batandatu bahejeje kuvuga, umuhuzabikorwa w’ishure ry’ivy’idini ry’Abaluteri yarahagurutse arashimira nyinabo, uno akaba yari umwe muri abo bamamaji, kubona yaraje kubwira ukuri abantu b’iwabo. Yavuze ati: “Akarorero keza utanze kameze nka wa Musamariyakazi yagiye kubwira abo mu muryango wabo ibintu vyiza yari yumvise Yezu avuga. Turagushimiye cane kubona utatwibagiye.”

Boba bakiri abana ku buryo batokwamamaza?

Muri Kiribati: Teariki na Tueti

Muri Kiribati, umusi umwe mu gitondo, Teariki, agahungu k’imyaka indwi ko mw’izinga rya Tarawa ryo muri ayo mazinga ya Kiribati, kari kumwe na se wako Tueti mu busuku maze binjira mu nzu basanzemwo abakobwa n’abahungu bashika cumi bageze mu myaka nka 20. Se wa Teariki ahejeje kubwira abo bantu ubutumwa bw’Ubwami, umwe muri bo yaciye amubwira ati: “Twarabonye ko mwese mwama muja kwamamaza muri kumwe n’abana banyu. Kubera iki mubajana? Baracari abana, ntibaragera kwamamaza ivyerekeye Imana.”

Tueti yaciye amubaza ati: “Murashaka kumenya nimba uwu muhungu wanje abishoboye? Reka nsohoke, maze mwumvirize ivyo avuga.” Bishuriye rimwe bati: “Eeh, reka tumwumvirize!”

Tueti asohotse, Teariki yaciye ababaza ati: “Murazi izina ry’Imana?”

Umwe muri bo yaciye yishura ati: “Ego. Ni Yezu!” Uwundi ati: “Ni Imana.” Uwundi na we ati: “Ni Umukama.”

Teariki yaciye ababwira ati: “Reka turabe ico Bibiliya ibivugako. Reka turabe aha muri Yesaya 42:5, tuhasomere hamwe.” Ahejeje gusoma ico canditswe, yaciye ababaza ati: “Iki canditswe kiriko kivuga nde?”

Umwe muri abo bakiri bato yishuye ati: “Imana.” Teariki yaciye avuga ati: “Ni vyo, ni Imana y’ukuri. Dusomye umurongo w’umunani, ni igiki iyo Mana y’ukuri itubwira? ‘Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje; kandi nta wundi n’umwe nzoha ubuninahazwa bwanje.’ Mwoba mwabonye izina ry’Imana?”

Bishuye bati: “Ni Yehova.”

Bose bateze ugutwi, Teariki yababajije ati: “Kubera iki ari vyiza gukoresha izina ry’Imana, Yehova? Reka tuzingurure mu Vyakozwe 2:21 tubirabe. Havuga hati: ‘Kandi umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.’ Kubera iki none ari vyiza gukoresha izina ry’Imana?”

Umwe muri bo yishuye ati: “Tuzokizwa.”

Se wa Teariki yaciye yinjira. Yabajije abo bakiri bato ati: “OK, mwabonye gute? Abana bacu boba bashoboye kwamamaza? Twoba dukwiye kujana na bo?” Bose baremeye ko abo bana bashoboye kwamamaza kandi ko vyari vyiza yuko baja kwamamaza. Tueti yaciye ababwira ati: “Iyaba mwarize Bibiliya, na mwebwe muba mubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya, nk’ukwo kwa Teariki.”

Inkuru nziza ishika mu kigwati kiri ku musozi

Muri Vanuwatu, Jean-Pierre, uno akaba akorera ku biro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene vy’i Port-Vila, muri Munyonyo 2013 yaragiye n’indege kw’iteraniro ry’umuzunguruko mw’izinga avukamwo. Jean-Pierre ageze ku kibuga c’indege co muri iryo zinga, hari abantu bashimishijwe n’ukuri bo mu bumanuko bw’iryo zinga bamusavye ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Yaratanze ibinyamakuru nka vyose yari afise. Mu nyuma hari umukuru w’idini rimwe na we nyene yasavye Jean-Pierre ibitabu. Uwo mugabo yaramusavye ashimitse ngo aje mu kigwati cabo, avuga ati: “Turanyotewe cane Ijambo ry’Imana. Nuze mu kigwati cacu utwishure ibibazo vyose dufise.” Iteraniro ryaraye riheze, Jean-Pierre yarazindutse kare afata urugendo rurerure n’amaguru aduga umusozi muremure. Amaherezo, yarashitse kw’isonga ry’uwo musozi, ahari ico kigwati. Abanyakigwati bamwakiriye n’igishika cinshi. Jean-Pierre yaraganiriye na bo kuri ya Nkuru y’Ubwami No. 38 ivuga ngo “Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?” Yasavye abari aho bose, bakaba bari nka 30, gukurikira muri Bibiliya zabo. Ico kiyago camaze amasaha hafi indwi. Abo banyakigwati bari banyotewe ukuri koko! Hari umutama w’imyaka 70 yavuze ati: “Kuva mbaho, sinari bwigere numva insobanuro itomoye nk’iyo ku bijanye n’abapfuye!”

Jean-Pierre yaraye muri ico kigwati. Yararanye n’umupasitori. Avyutse mu gitondo, yasanze wa mupasitori ariko arasoma ikinyamakuru cacu. Jean-Pierre yaramubajije ivyo yariko arasoma, aca amubwira ahimbawe ko yariko asoma ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Yaremeye ko Ubwami bw’Imana butari mu mitima y’Abafarizayo, abo Yezu yariko aracira urubanza igihe yavuga amajambo ari muri Luka 17:21. Yaciye abona ko Ubwami bw’Imana budashobora kuba mu mitima y’abantu, nk’uko bavyigisha mw’idini yarimwo. Jean-Pierre amaze gusubira i Port-Vila, yarabandanije kuganira n’abantu bari barashimishijwe bo muri ico kigwati biciye kuri telefone. Abavukanyi batatu bo mw’ishengero ryo hafi y’ico kigwati baritanze baraja kugirirayo Icibutso, kandi abantu 109 ni bo bacitavye!

Muri Vanuwatu