Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Igikorwa kiriko kiratera imbere cane i Warwick

Igikorwa kiriko kiratera imbere cane i Warwick

KU KIBANZA kiriko kirubakwamwo ahazokwimurirwa icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Warwick muri New York, umunezero ni wose kandi hari ibikorwa vyinshi. Abavukanyi na bashiki bacu amajana baragize ibintu vyinshi bahevye kugira baze gufasha muri ubwo bwubatsi. Yamara, benshi bavuga bati: “Nta co twogereranya no gukorera ng’aha.” Reka turabe ibiriko birakorerwa i Warwick.