Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Ikoraniro ryakurikiranywe n’Ivyabona benshi cane

Ikoraniro ryakurikiranywe n’Ivyabona benshi cane

KU WA gatandatu igenekerezo rya 5 Gitugutu 2013, abantu bagera ku 257.294 bari mu bihugu 21 barakurikiranye ikoraniro riba buri mwaka rigira 129 ry’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania. Bamwe barikurikiranye ari ho bibereye abandi na bo barikurikirana biciye ku mboneshakure ikoresha ubuhinga bwa internet. Kuri iyo mpera y’umushamvu nyene, iryo koraniro rimaze kurangira, ibindi Vyabona barakurikiranye iyo porogarama biciye ku masanamu yari yafashwe. Abarikurikiranye bose hamwe baciye rero baba 1.413.676 mu bihugu 31. Iryo koraniro ryakurikiranywe n’Ivyabona benshi kuruta abigeze gukurikira iyindi porogarama iyo ari yo yose.

Mu 1920, Ivyabona vya Yehova baratanguye gusamiriza amakoraniro maninimanini yabo ku bantu baba bari mu bihugu bitandukanye, bakoresheje telefone be n’imirongo myinshi y’amaradiyo. Ubu, ubuhinga bwa internet buratuma bishoboka ko n’abantu bari mu mihingo ya kure cane bashobora kwumva bakanabona ibiriko biraba, canke bakabibona haciye igihe gito bibaye.

Abo ku biro vy’ishami bitandukanye vy’Ivyabona vya Yehova baramaze umwaka urenga bariko baratunganya ubwo buhinga bwa internet. Ku musi w’iryo koraniro, abo mu buhinga bw’ivyuma barakontorora ingene ivyuma biriko birerekana porogarama bari i Brooklyn muri New York, bakaguma bakurakuranwa igihe cose. Ivyo ni kubera ko yerekanywe mu mihingo y’isi igenda iratandukana ku masaha, gushika ku masaha 15.