Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Raporo y’ivy’imanza

Raporo y’ivy’imanza

ARMENIYA Yarashizeho intunganyo yo gukora ibikorwa bitari ivya gisirikare bisubirira ivya gisirikare vyubahiriza impagararo abakirisu bafise yo kutaja mu gisirikare

Muri Armeniya: Abavukanyi bamwebamwe bararungikwa na Leta mu turere twa kure gukorerayo ibikorwa bitari ivya gisirikare mu gishingo co kuja mu gisirikare. Bari ng’aho, barabandanya kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza

Mu 2013, Leta ya Armeniya yarashizeho intunganyo yo gukora ibikorwa bitari ivya gisirikare bisubirira ivya gisirikare. Iyo ntunganyo iratuma Ivyabona vya Yehova bo ng’aho baronka akaryo ko guhitamwo gukora ibikorwa bisubirira ivya gisirikare aho gupfungwa kubera banse kuja mu gisirikare bisunze ijwi ryabo ryo mu mutima. Muri Nzero 2014, ibiro vy’ishami vyavuze ko abavukanyi 71 batanguye gukora ibikorwa bahawe hisunzwe iyo ntunganyo nshasha. Nk’akarorero, hari abavukanyi bahawe igikorwa co guteka mu bitaro canke gufasha abaforoma. Abahagarikiye ivyo bikorwa baravuga neza abo bavukanyi kubera bakora cane kandi bagakorana agatima keza ivyo bikorwa kenshi usanga bitoroshe. Abavukanyi barakenguruka kubona barashiriweho intunganyo yo gukora ibikorwa bitari ivya gisirikare, ivyo bikaba bibafasha kuguma bafise ijwi ryo mu mutima ryiza. * Umuvukanyi umwe yavuze ati: “Turashimira Yehova kubona dushobora gukora ibikorwa bitari ivya gisirikare mu gishingo co kuja mu gisirikare, ivyo bikaba bidufasha kuguma ata ho duhengamiye kandi tukagumana umwidegemvyo wo kumusenga.”

RÉPUBLIQUE DOMINICAINE Yaremeye ko n’ayandi madini araganisha ubugeni

Mu 1954, République Dominicaine yarasinyiraniye amasezerano na Vatikano yatuma Gatolika iba ryo dini ryonyene rirekuriwe kuraganisha ubugeni. Abatashima kuraganishwa na Gatolika baca baraganishwa n’abaserukira Leta. Ariko mu 2010, Leta yarashizeho itegeko rishasha ryaha ubwo burenganzira abantu bakwije ibisabwa bo mu yandi madini. Leta yaratunganije ivy’uko abantu bipfuza gukora ico gikorwa bamenyerezwa. Ibiro vy’ishami vyo muri République Dominicaine vyaracaguye abakurambere 30 ngo bamenyerezwe. Mu bantu barenga 2.000 basavye ubwo burenganzira, 32 gusa ni bo babonetse ko bakwije ibisabwa. Yamara, abavukanyi bose uko ari 30 bararonse ubwo burenganzira bwo kuraganisha ubugeni bw’Ivyabona.

UBUHINDI Biyemeje kwamamaza ata bwoba

Sundeep Muniswamy n’umukenyezi wiwe Deepalakshmi

Ku wa 27 Nzero 2014, Urwego rujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu rwo muri leta ya Karnataka rwaravuze ko umukuru w’abapolisi wo ku kirindiro co mu gisagara ca Old Hubli muri leta ya Karnataka yari yarahonyanze agateka k’umuvukanyi Sundeep Muniswamy kubera ko uwo mukuru w’abapolisi atakingiye uwo muvukanyi igihe yaterwa n’akagwi k’abantu ku wa 28 Ruheshi 2011. Urwo rwego rwaremeje ko uwo mukuru w’abapolisi yagirwa n’icaha co kutubahiriza agateka ka zina muntu maze ruca rusaba ko leta ya Karnataka yomufatira ibihano be n’uko umuvukanyi Muniswamy ahabwa indishi y’akababaro y’amahera 20.000 y’amarupi (nk’amarundi 500.000). Urwo rwego rwasavye leta ko ayo mahera yoyakata ku mushahara w’uwo mukuru w’abapolisi.

Umuvukanyi Muniswamy yaravuze ko we n’umuryango wiwe bakengurukira cane Yehova ku bw’iyo ngingo idasanzwe yafashwe kandi ko biyemeje kubandanya bamamaza inkuru nziza ata bwoba. Iyo ngingo yarakomeje ukwizera kw’abavukanyi yongera iratuma barushiriza kwizera ko Yehova ashobora gukingira abasavyi biwe. Yaratumye kandi abakuru bamenya ko bakwiye gukingira agateka k’Ivyabona vya Yehova b’i Karnataka. Hari urubanza rufitaniye isano n’ivyo vyabaye rwerekeye umuvukanyi Muniswamy hamwe n’uwundi muvukanyi rukiri muri sentare.

KIRGISTANI Sentare nkuru ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa nshingiro ishigikira uburenganzira umuntu afise bwo kwanka kuja mu gisirikare abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima

Igenekerezo rya 19 Munyonyo 2013, wari umusi udasanzwe ku bantu banka kuja mu gisoda babitumwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima. Sentare nkuru ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa nshingiro yaramenyesheje ingingo yari yafashe ku bijanye n’imanza zerekeye Ivyabona vya Yehova 11 yongera iremeza ko itegeko ryo muri Kirgistani rijanye n’ibikorwa bitari ivya gisirikare umuntu yokora mu gishingo co kuja mu gisirikare riteye kubiri n’Ibwirizwa nshingiro. Iryo tegeko ryasaba ko abakora ivyo bikorwa batanga amahera mu gisirikare yo gushigikira ibikorwa vy’igisirikare. Iryo tegeko ryabasaba kandi ko bahejeje ivyo bikorwa baca biyandikisha mu gisoda c’integabizoza. Iyo Sentare nkuru ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa nshingiro yaremeje ko guhata abanka kuja mu gisirikare bishimikije ijwi ryabo ryo mu mutima ngo bakore ibikorwa bitari ivya gisirikare ibintu vyifashe gutyo ari uguhonyanga uburenganzira umuntu afise mu vyo gusenga. Ku bw’ivyo, mu mezi ya mbere ya 2014, Sentare nkuru ya Kirgistani yarashize mu ngiro ingingo y’iyo Sentare nkuru ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa nshingiro yongera irambika izera Ivyabona vya Yehova 14 bari bapfunzwe hisunzwe iryo tegeko ryahahora. Izo ngingo zafashwe zatumye urugamba Ivyabona vya Yehova bari bamaze imyaka indwi barwana rurangira. Urwo rugamba rwari urwo kuronka umwidegemvyo wo kwanka kuja mu gisirikare hisunzwe ijwi ryabo ryo mu mutima. Kuba abo bavukanyi bakiri bato b’abanyamahoro barumiyeko vyaratumye izina rya Yehova rimenyekana vyongera biratuma turonka umwidegemvyo w’ivyo gusenga muri Republika ya Kirgistani.

Muri Kirgistani: Imanza z’ibi Vyabona zarajanywe muri Sentare nkuru ya Kirgistani

NIJERIYA “Yehova yarampaye impera”

Mu ntara yo muri Nijeriya yitwa Abia, Ivyabona vya Yehova usanga bagirwako iterabwoba kandi bakinubwa kubera ko banka kuja mu mihari yo mu kibano. * Kenshi muri iyo mihari usanga bakora ibintu bijanye n’ubukazi hamwe n’ubupfumu. Umusi umwe mu gitondo ca kare muri Munyonyo 2005, abantu bo mu muhari umwe w’i Asaga Ohafia barateye ku muhana w’umuvukanyi Emmanuel Ogwo n’umukenyezi wiwe, baratwara ivyo bari bafise vyose ngo ni ikori barishe muri uwo muhari. Uwo mugabo n’umugore bubakanye basigaranye gusa impuzu bari bambaye. Mu 2006, baromoye umuvukanyi Ogwo n’umukenyezi wiwe, bano baca bahungira ku muvukanyi yaba mu kindi kigwati, aho bakaba barabitwararitse. Naho basubiye iwabo mu mwaka wakurikiye, umuvukanyi Ogwo yarabandanije guhatwa ngo aje muri ya mihari, kandi yagumye asaba gusubizwa utwiwe ariko bikaba impfagusa.

Amaherezo, kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2014, Sentare nkuru y’intara ya Abia yarashigikiye umuvukanyi Ogwo, iremeza ko afise uburenganzira ahabwa n’Ibwirizwa nshingiro bwo kuja mw’ishirahamwe ashatse no mw’idini ashaka. Umuvukanyi Ogwo yarasubijwe ibintu yari yaranyazwe, kandi Ivyabona ntibacinubwa mu kibano nka mbere, eka mbere ubu abavukanyi b’i Asaga Ohafia baramamaza mu mwidegemvyo.

Igihe Sentare yatangaza iyo ngingo, umuvukanyi Ogwo yavuze ati: “Narasimbasimbishijwe n’umunezero. Naranezerewe cane. Nabona ko Yehova yatsinze urubanza kandi ko abamarayika bari kumwe nanje. Yehova yarampaye impera.”

UBURUSIYA Twemererwa gukoresha jw.org

Imanza nyinshi abavukanyi baburanye mu Burusiya ‘aho kuvamwo ikindi, zahavuye riho zituma inkuru nziza itera imbere’ muri ico gihugu. (Flp. 1:12) Naho hari abategetsi n’abakuru b’amadini barwanya ibikorwa vyacu bivuye inyuma, abavukanyi bacu bo mu Burusiya bagumana ugutungana kwabo, kandi Yehova ariko arahezagira utwigoro bagira.

Kimwe mu bivyerekana ni intsinzi twaronse mu gisagara ca Tver’. Mu 2013, umushikirizamanza w’i Tver yaritwaye asaba ko umuhora jw.org ubuzwa mu Burusiya. Sentare yarashigikiye ivyo uwo mushikirizamanza yasavye, ibigira ata muntu n’umwe mu baserukira Ivyabona vya Yehova ibimenyesheje. Abavukanyi bacu baramenye ingingo yafashwe n’iyo sentare maze baca barunguruza. Ku wa 22 Nzero 2014, Sentare y’akarere ya Tver’ yarafashe ingingo inyuranye n’iyo sentare yo hasi yari yarafashe, iradushigikira. Tubikesheje Yehova be n’amasengesho y’abavukanyi bacu bo kw’isi yose, abavukanyi bo mu Burusiya nka bose barironkera ivyiza vyo mu vy’impwemu kubera bashobora kuja kuri jw.org.

TIRKIYA Irabandanya kwirengagiza uburenganzira abantu bafise bwo kwanka kuja mu gisirikare bishimikije ijwi ryabo ryo mu mutima

Bariş Görmez, uno akaba ari Icabona ca Yehova wo muri Tirkiya, yaramaze imyaka ine apfunzwe kubera yanse kuja mu gisoda. Igihe yari apfunzwe yarafatwa nabi n’abasoda, bano bakaba baramukubita imigere n’amahiri. Yaramererwa nabi n’igihe yaba ari mu kumba yari apfungiwemwo. Kubera ko umuvukanyi Görmez yareha n’imetero 2, ntiyakwira ku gatanda k’aho mu gasho. Yabwirizwa rero kuryama akikamye ku dutanda tubiri na ho nyene akituna. Mu nyuma, abakuru b’agasho baramwemereye ko abavukanyi bo mw’ishengero ryo muri ako karere bamuha imatera nini.

Mu 2008, umuvukanyi Görmez n’ibindi Vyabona batatu barituye ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, bavuga ko Leta ya Tirkiya yahonyanze agateka kabo mu vy’idini mu kutemera ko bafise uburenganzira bwo kwanka kuja mu gisirikare bishimikije ijwi ryabo ryo mu mutima. Kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi 2014, iyo Sentare yarashigikiye ivyo Vyabona bane * ica itegeka Leta ya Tirkiya kuriha abo bavukanyi ivyononekaye no kubasubiza amahera bakoresheje mu kuburana. Iryo ni irigira gatatu iyo Sentare y’Abanyaburaya ishigikira Ivyabona vya Yehova igakubita intahe mu gahanga Leta ya Tirkiya kuri ico kibazo. Naho ubu ata Cabona ca Yehova apfunzwe muri Tirkiya, ico kibazo ntikizotorerwa umuti Tirkiya itaremeza uburenganzira umuntu afise bwo kwanka kuja mu gisirikare yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima.

Aho ibiheruka kuvugwa bigeze

Azerbayijani: Muri ico gihugu, abavukanyi barabandanya guterwa n’abapolisi bari mu makoraniro, ibitabu vyabo vy’idini birasuzumwa, barahagarikwa bariko baramamaza, kandi barakorerwa n’ibindi bintu vyerekana ko agateka kabo katubahirizwa. Muri ico gihe nyene, Leta ibandanya yanka kwemera mu mategeko Ishirahamwe ry’ivy’idini ry’Ivyabona vya Yehova. Ivyabona vya Yehova barashingishije imanza 19 muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, bitwarira Leta ya Azerbayijani ku bijanye n’ico kintu. Naho hari izo ngorane, Yehova ariko arabahezagira kandi ivyo birabonekera ku kuntu abamamaji baguma bongerekana. Kuba harasohowe Bibiliya y’isi nshasha mu kinyazerbayijani ni ikindi kintu catumye bagira umunezero.

Eritreya: Muri ico gihugu, abavukanyi bacu barabandanya gusukurira Yehova badahemuka naho bahamwa bimwe bikomeye. Abavukanyi batatu, Paulos Eyassu, Isaac Mogos, na Negede Teklemariam, baramaze imyaka 20 bapfunzwe, kuva ku wa 24 Nyakanga 1994. Abategetsi bo muri Eritreya barafashe Ivyabona be n’abagenzi b’ukuri nka 150 ku Cibutso c’urupfu rwa Kristu cabaye ku wa 14 Ndamukiza 2014. Abafashwe bari bafise kuva ku mwaka n’amezi ane gushika ku myaka irenga 85. Abo bategetsi barafashe Ivyabona be n’abagenzi b’ukuri bashika kuri 30 igihe bariko barakurikira insiguro idasanzwe yashikirijwe ku wa 27 Ndamukiza 2014. Benshi muri bo bararekuwe.

Kazakistani: Urwego rwa Leta rujejwe ivy’amadini ntiruremera ko 14 mu bitabu vyacu vyinjira mu gihugu canke ngo bitangwe ku butaka bwa Republika ya Kazakistani. N’ikindi kandi, abavukanyi bacu ntibemererwa kubwira abandi ivyo bizera batari mu bibanza basengeramwo vyemewe, kandi abavukanyi bashika 50 bararengukijwe bagirizwa ko bariko bakora igikorwa c’ubumisiyonari kitemewe n’amategeko. Kugira ngo abavukanyi baburanire agateka kabo ko kubwira abandi ivyo bizera, barashingishije imanza 26 muri ya Komite ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yo muri rya Shirahamwe mpuzamakungu ONU.

^ ing. 1 Guhitamwo gukora ibikorwa bitari ivya gisirikare canke kutabikora ni ikibazo cega ijwi ryo mu mutima ry’umuntu.

^ ing. 1 Iyo mihari igizwe n’abantu bo mu runganwe rumwe kandi baba mu kigwati kimwe, akenshi bakaba ari ab’igitsina-gabo.

^ ing. 2 Buldu n’abandi mu rubanza baburana na Tirkiya, No. 14017/08, rwo kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi 2014.