Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Igituma bihambaye ko abana bamenya gusoma: Igice ca 2: Igitabu co mu buhinga bwa none canke c’impapuro?

Igituma bihambaye ko abana bamenya gusoma: Igice ca 2: Igitabu co mu buhinga bwa none canke c’impapuro?

 Umwana wawe yoba akunda gusoma igitabu c’impapuro canke co mu buhinga bwa none?

 Abakiri bato benshi bohitamwo akuma ko mu buhinga bwa none. Muganga Jean M. Twenge avuga ati: “Abana bakuze bamenyereye gukoresha utwuma two mu buhinga bwa none, gusoma igitabu co mu mpapuro birashobora kubarambira.” a

 Nta nkeka ko gusoma ukoresheje akuma ko mu buhinga bwa none bifise akamaro. John, afise imyaka 20, avuga ati: “Kw’ishure nizeko, nakoresha ibitabu vyo mu buhinga bwa none. Agace ko kurondera karamfasha kuronka amakuru nkeneye bitagoranye.”

 Abantu basoma bakoresheje akuma ko mu buhinga bwa none, biraborohera kuronka ibikoresho bibafasha. Nk’akarorero, apfa gufyonda gusa bigaca bimworohera kuronka insobanuro y’amajambo, kuvuza odio, kuraba videwo canke gushikira ayandi makuru yiyongereye aciye kuri lien. Ariko none, vyoba bisobanura ko gusoma ukoresheje igitabu c’impapuro bidahambaye cane?

 Igihe abantu bamwebamwe bariko bariga mu buryo bwimbitse bashima gusoma igitabu c’impapuro. None ni kubera iki?

  •   Birabafasha kwitunira ku kintu. Umuyabaga yitwa Nathan avuga ati: “Ndiko ndasoma nkoresheje akuma ko mu buhinga bwa none, akenshi ubutumwa bwose bwinjira buransamaza igihe mba ndiko ndagerageza kwitunira ku kintu.”

     Karen w’imyaka 20 na we nyene afise ingorane nk’iyo. Avuga ati: “Ndiko ndasoma nkoresheje telefone canke tablette, biroroshe ko nsamara, ngatangura gukoresha izindi programa mfise mu kuma kanje canke ngashaka gukina jeux.”

     Ico Bibiliya ivuga: “Mwicungurir[e] umwanya ubereye.”​—Abakolosayi 4:5.

     Zirikana kuri iki kintu: Umwana wawe yoba ashobora kwigumya, akirinda ibimusamaza ariko arasoma canke ariko ariga akoresheje akuma ko mu buhinga bwa none? Nimba bimugora, wokora iki kugira umufashe kwitunira ku kintu?

     Impanuro: Nufashe umwana wawe gutahura ko niyareka ibindi bintu vyo mu buhinga bwa none bikamusamaza, bizotuma umwanya yari gukora udukorwa two kw’ishure wongerekana, hanyuma bigatuma asigarana umwanya muto wo gukora ibindi bintu yari yipfuza.

  •   Birabafasha gutahura ivyo bariko barasoma. Igitabu citwa Be the Parent, Please kivuga giti: “Ubushakashatsi butandukanye bwarerekanye ko abasoma bakoresheje akuma ko mu buhinga bwa none badatahura neza ivyo bariko barasoma nk’abasoma bakoresheje igitabu c’impapuro.”

     Imvo imwe ni uko abantu basoma bakoresheje ivyuma vyo mu buhinga bwa none akenshi basoma bihutagiza, aho kuzirikana bitonze ku vyo bariko barasoma. Umwanditsi umwe yitwa Nicholas Carr avuga ati: “Igihe dukoresha internet, twipfuza gukoranya amakuru menshi ashoboka mu mwanya muto.” b

     Rimwe na rimwe, gusoma ningoga birafise akamaro. Wa mwanditsi Carr avuga ko “ingorane ari ukwo dusanga twaragize akamenyero ko gusoma muri ubwo buryo.” Amaherezo, umwana wawe yoshobora kugira akamenyero ko gusoma anyarutsa kandi atariko aratahura ivyo ariko arasoma.

     Ico Bibiliya ivuga: “Hamwe n’ivyo wironsa vyose, niwironse ubwenge.”​—Imigani 4:7.

     Zirikana kuri iki kintu: Wofasha gute umwana wawe kurondera ayandi makuru ajanye n’ivyo ariko arasoma, haba mu gitabu c’impapuro canke co mu buhinga bwa none?

     Impanuro: Nugire uburimbane. Igihe uriko urasoma, urashobora gukoresha igitabu c’impapuro, canke ugakoresha ico mu buhinga bwa none. Vyose birafise akamaro. Vyongeye, ukuntu ubuhinga bwa none butunganije, birashobora kudufasha gutahura neza ivyo turiko turasoma. Rero igihe uganira n’umwana wawe ibijanye n’uburyo yokoresha mu gusoma, nugire uburimbane. Niwibuke kandi ko abana bose batameze kumwe.

  •   Birabafasha kwibuka ivyo baba basomye. Mu gitabu kimwe (Scientific American), uwitwa Ferris Jabr aragereranya gusoma ukoresheje igitabu c’impapuro no gusoma ukoresheje utwuma two mu buhinga bwa none. Avuga ko gusoma ukoresheje utwuma two mu buhinga bwa none bishobora “kuruhisha umutwe . . . kandi bigatuma bikugora kwibuka ivyo uba wasomye.”

     Nk’akarorero, gusoma mu gitabu c’impapuro birashobora gutuma vyoroha ko wibuka ikintu wasomye kubera gusa wibuka aho wakibonye. Ivyo biratuma mu mutwe hajayo utuntu twokwita “utumenyetso” tuzokwibutsa ahari iciyumviro kanaka.

     Vyongeye, abashakashatsi bavuga ko abantu basoma mu bitabu vy’impapuro akenshi biborohera kwibuka ivyo basomye. Ivyo bishoboka kubera ko baba babitahuye.

     Ico Bibiliya ivuga: “Zigama ubukerebutsi ngirakamaro n’ubushobozi bwo kwiyumvira.”​—Imigani 3:21.

     Zirikana kuri iki kintu: Umwana wawe, vyoba bimugora gutahura canke kwibuka ivyo yize canke yasomye? Nimba ari ukwo, wokwereka gute umwana wawe uburyo bwiza bwo kwiga? Hamwe yosoma akoresheje igitabu c’impapuro vyoba vyomufasha?

     Impanuro: Niwiyumvire uburyo bwiza bwofasha umwana wawe kwiga neza, aho kwibanda ku buryo we ashima gukoresha mu kwiga. Igihe abantu bariko baravuga ivyiza vyo gusoma ukoresheje akuma ko mu buhinga bwa none, akenshi bararenza urugero.

a Vyakuwe mu gitabu iGen.

b Vyakuwe mu gitabu The Shallows.