Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NUGUME URI MASO!

Impunzi amamiliyoni zarahunze Ukraine

Impunzi amamiliyoni zarahunze Ukraine

 Ku wa 24 Ruhuhuma 2022, Uburusiya bwarateye Ukraine. Ivyo vyatumye ubuzima bw’abantu amamiliyoni buja mu kaga, baca bihutira guhunga. a

 “Amabombe yaguma aturagurika. Vyari biteye ubwoba cane ku buryo bigoye gusigura mu majambo. Igihe twamenya yuko hari amagariyamoshi afasha abantu guhunga, twaciye dufata ingingo yo kugenda. Vyabaye ngombwa ko dusiga ibintu vyose kubera ko umuntu yari yemerewe gutwara agasakoshi kamwe ko mu mugongo. Twashobora gutwara gusa nk’ivya ngombwa, imiti, amazi n’udufungurwa. Ibindi vyose twarabisize, duca tuja ku gituro c’amagariyamoshi, aho hose amabombe yariko araturagurika.”​—Nataliia w’i Kharkiv muri Ukraine.

 “Imbere y’aho ntitwibaza ko hoba intambara. Twarumva amabombe mu bice bitandukanye vy’igisagara, amadirisha na yo akaguma anyiganga. Naciye mfata ingingo yo kugenda nitwaje gusa ibintu vya nkenerwa. Navuye muhira isaha zibiri z’igitondo, nca mfata igariyamoshi ija i Lviv, hanyuma nca mfata ibisi ija muri Polonye.​—Nadija w’i Kharkiv muri Ukraine.

Ng’ibi ivyo tuza kubona muri iki kiganiro:

 Ni imvo nyamukuru izihe ziriko ziratuma abantu bahunga?

 Abantu batanguye guhunga muri Ukraine kubera ko Uburusiya bwateye ico gihugu. Naho biri ukwo, Bibiliya iravuga imvo nyamukuru ziriko ziratuma abo bantu bahunga:

  •   Intwaro z’abantu hirya no hino kw’isi zarananiwe kuronsa abantu ivyo bakeneye. Akenshi abari ku ntwaro barakoresha ubukuru bafise mu kugirira nabi abandi.​—Umusiguzi 4:1; 8:9.

  •   Shetani wa Mubesheranyi, we “mutware w’isi,” arosha nabi abantu ku buryo Bibiliya ivuga ko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.”​—Yohani 14:30; 1 Yohani 5:19.

  •   Uretse ingorane abantu bamaze imyaka amajana barimwo, Bibiliya yari yaravuze ukuntu igihe tubayemwo cobaye kimeze, iti: “Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Timoteyo 3:1) Vyongeye, iyo misi yoranzwe n’ibintu bituma abantu bahunga nk’intambara, ivyago vy’ivyaduka, amapfa n’ibiza.​—Luka 21:10, 11.

 Ni hehe impunzi zokura icizigiro?

 Bibiliya iravuga ko Yehova b Umuremyi wacu ari Imana ifitiye urukundo n’impuhwe impunzi hamwe n’abantu bataye izabo. (Gusubira mu vyagezwe 10:18) Asezerana gukuraho ingorane zose zishikira impunzi mu gushiraho Ubwami bw’Imana, ni ukuvuga intwaro yo mw’ijuru izosubirira intwaro z’abantu. (Daniyeli 2:44; Matayo 6:10) Yehova azokoresha Ubwami bwiwe mu gukuraho Shetani wa Mubesheranyi. (Abaroma 16:20) Ubwo Bwami buzoganza isi yose, bukureho amacakubiri ashingiye ku bihugu. Umuryango w’abantu uzoba wunze ubumwe kw’isi yose. Nta bantu bazosubira guta izabo. Bibiliya isezerana iti: “Bazokwicara umwe wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni, kandi nta n’umwe azobajugumiza; kuko akanwa nyene ka Yehova nyen’ingabo kabivuze.”​—Mika 4:4.

 Ubwami bw’Imana ni bwo bwonyene bushobora gutorera umuti urama ikibazo c’impunzi tubona muri iki gihe. Yehova azokoresha Ubwami bwiwe kugira akureho ingorane zose zituma abantu bahunga. Rimbura uburorero bumwebumwe:

  •   Intambara. “[Yehova] ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi.” (Zaburi 46:9) Kugira umenye ingene Imana izokuraho intambara, nusome ikiganiro kivuga ngo “Amahoro azoza kw’isi gute?

  •   Agahahazo n’ubukazi. “Ubuzima bwabo [Yehova] azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.” (Zaburi 72:14) Kugira utahure ingene abantu bashobora guhinduka, bagaheba inyifato bamaranye igihe, nusome ibiganiro biri mu Munara w’Inderetsi uvuga ngo “Ingene wotsinda urwanko.”

  •   Ubukene. “[Yehova] azorokora umworo atabaza.” (Zaburi 72:12) Kugira ubone ukuntu Imana izokuraho ibitera ubukene, nusome ikiganiro kivuga ngo “Ubusumbasumbane mu vy’ubutunzi bwoba buzokwigera buhera?

  •   Amapfa. “Hazoba umukimba w’intete kw’isi.” (Zaburi 72:16) Kugira umenye ingene Imana izokuraho inzara, nusome ikiganiro kivuga ngo “Isi itarangwamwo inzara.” (mu gifaransa)

 Bibiliya yoba yofasha impunzi muri iki gihe?

 Ego. Bibiliya iraha impunzi icizigiro ca kazoza. Vyongeye irashobora kubafasha mu ngorane zibashikira muri iki gihe.

 Ico Bibiliya ivuga: “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose, mugabo umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.”​—Imigani 14:15.

 Ico bisobanura: Nuzirikane ku bintu biteye akaga vyoshobora gushika n’ivyo wokora kugira wikingire. Niwiyubare abagizi ba nabi bashobora kugirira nabi impunzi bitwaje ko badafise umutekano ukwiye be n’uko batamenyereye aho hantu hashasha.

 Ico Bibiliya ivuga: “Iyo . . . dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.”​—1 Timoteyo 6:8.

 Ico bisobanura: Niwirinde kugumiza umutima ku bintu vy’umubiri. Uzonezerwa kuruta igihe ubumbwa n’ibintu vya nkenerwa ufise.

 Ico Bibiliya ivuga: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.”​—Matayo 7:12.

 Ico bisobanura: Nugaragaze ukwihangana n’ubuntu. Izo kamere zizotuma abo mu karere wimukiyemwo bakwubaha kandi bakubona neza.

 Ico Bibiliya ivuga: “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi.”​—Abaroma 12:17.

 Ico bisobanura: Igihe bagufashe nabi, ntureke ngo ishavu ritume wihora, kubera ivyo vyotuma ibintu vyunyuka.

 Ico Bibiliya ivuga: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”​—Abafilipi 4:13.

 co bisobanura: Nushire Imana imbere mu buzima bwawe kandi uyisenge. Irashobora kuguha inkomezi ukeneye kugira wihangane.

 Ico Bibiliya ivuga: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.”​—Abafilipi 4:6, 7.

 Ico bisobanura: Nusabe Imana igufashe kuguma utekanye naho ibintu vyoba vyifashe gute. Nusome ikiganiro kivuga ngo “Abafilipi 4:6, 7: ‘Ntimugire ico mwiganyira.’

a Umusi umwe inyuma y’ico gitero, ishirahamwe riraba ivy’impunzi (UNHCR) ryavuze ko rikeneye kugira ico rikoze mu buryo bwihuta. Mu misi 12 gusa, abantu barenga imiliyoni zibiri bari bamaze guhunga bava muri Ukraine baja mu bihugu bibanyi, mu gihe abarenga umuliyoni bari bamaze kwimukira mu tundi turere two muri Ukraine.

b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo “Yehova ni nde?