Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Jeworojiya

Gusaba gutemberezwa

Imbere yo kuza gutembera, mwoba mukwiye kubanza kubisaba? Ego. Kugira ngo ntiduhave dusanga twaronse abashitsi benshi cane no kugira ngo twiyemeze ko bose batemberejwe neza, dusaba ko abipfuza kutugendera bose babisaba imbere yo kuza, uko boba bangana kwose. Mwobisaba hagisigaye n’imiburiburi indwi imwe. Nta batemberezwa muri wikendi n’inyuma y’akazi.

Mwoba mwoshobora gutemberezwa naho mutoba mwabisavye? Muje mutabisavye, hari aho tutobakira.

Muje gutembera mwoshika sangapi? Kugira abantu ntibarundane, vyoba vyiza mushitse hasigaye umwanya utarenza iminota 15 ngo hagere ko mutemberezwa.

Mwobisaba gute? Fyonda ahanditse ngo “Gusaba gutemberezwa.”

Mwoba mushobora guhindura isango canke gusivya urugendo? Ego. Fyonda ahanditse ngo “Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura.”

Vyogenda gute usanze ata kibanza gisigaye ku misi wipfuza gutemberezwa? Nugume uraba ku rubuga rwacu. Birashika ikibanza kikaboneka hagize abahindura isango canke abasivya urugendo.

Gusaba gutemberezwa

Kuhagendera

10 Airport Settlement XIII St.

TBILISI, 0182

JEWOROJIYA

+995 32-276-23-59

+995 597-71-00-00

Inzira wojana

Ibintu nyamukuru bihakorerwa

Barahagarikira igikorwa co kwamamaza muri Jeworojiya no muri Azerbayijani, bagaharikira n’igikorwa co guhingura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya muri izi ndimi: kurde kurmanji (caucase et cyrillique), mingrélien, mu kinyazerbayijani no mu kijeworojiya. Barakora n’ibitabu mu nyuguti z’impumyi z’ikijeworojiya.

Nuvome agatabu k’ibihakorerwa