Ja ku birimwo

Nkore iki ko ishure rindambiye?

Nkore iki ko ishure rindambiye?

Nimba vyifashe gutyo, urakeneye . . .

 Kubona neza ibijanye n’ukwiga. Gerageza kubona ibintu mu buryo bwagutse. Hari ivyigwa woshobora kuba ubona ko bidahambaye, n’imiburiburi ubu. Ariko rero, kwiga ivyigwa bitandukanye bizotuma urushiriza gutahura ibigukikije. Bizogufasha “[gucika] vyose ku bantu b’uburyo bwose,” bitume ushobora kuganira n’abantu bo mu mice itandukanye. (1 Abakorinto 9:22) N’imiburiburi, uzoryohora ububasha bwawe bwo kwiyumvira, ico kikaba ari ikintu kizogufasha mu buzima.

 Kubona neza umwigisha wawe. Nimba wiyumvira ko umwigisha wawe arambira, niwibande ku vyo yigisha ntiwibande kuri we. Niwibuke ko vyoshoboka ko umwigisha wawe yoba amaze imyaka n’iyindi yigisha icigwa akwigisha. Hari aho rero bitomworohera kuguma afitiye ico cigwa igishika yari agifitiye mu ntango.

 Impanuro: Nuze uragira utwo wiyandikiye, usabe izindi nsobanuro ubigiranye urupfasoni, kandi ugirire igishika ivyo yigisha. Igishika kirandukira.

 Kubona neza ububangukirwe ufise. Ishure rirashobora guhishura ububangukirwe bwihishije ufise. Paulo yandikiye Timoteyo ati: “[Nukabure] nk’umuriro ingabirano y’Imana iri muri wewe.” (2 Timoteyo 1:6) Biboneka ko hari ingabirano y’impwemu nyeranda Timoteyo yari yarahawe. Ariko rero yari akeneye gutsimbataza ububangukirwe Imana yari yaramuhaye, ni ukuvuga “ingabirano” yari afise, kugira ngo ntibupfe ubusa. Ego ni ko ububangukirwe ufise mu vyigwa ntiwabuhawe neza na neza n’Imana. Yamara, urafise ububangukirwe wisangije. Ishure rirashobora kugufasha kumenya no gutsimbataza ububangukirwe utari uzi ko ufise.