Ja ku birimwo

Bibiliya na siyansi vyoba bivuga rumwe?

Bibiliya na siyansi vyoba bivuga rumwe?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ego, biravuga rumwe. Naho Bibiliya atari igitabu ca siyansi, ntiyihenda igihe ivuze ibintu bijanye na siyansi. Raba uturorero tumwetumwe twerekana ko Bibiliya ihuza na siyansi kandi ko ivuga ibintu bihuje na siyansi bitandukanye cane n’ivyo abo mu gihe Bibiliya yandikwa bemera.

  •   Ijuru n’isi vyaragize intango. (Itanguriro 1:1) Ariko inkuru z’ibitito za kera zozo zivuga yuko ijuru n’isi bitaremwe ahubwo ko vyavuye ku bintu vy’urudavagi vyahavuye vyitunganya neza. Abanyababiloni bemera yuko imana zaremye ijuru n’isi zavuye mu mabahari abiri. Hari n’iyindi migani ivuga ko ijuru n’isi vyavuye mu rigi amahero.

  •   Ijuru n’isi vyama biyoborwa n’amategeko abigenga, ntibikurikiza ivyipfuzo vy’imana zinaka. (Yobu 38:33; Yeremiya 33:25) Imigani yo hirya no hino kw’isi ivuga ko imana zikora ivyo zigombeye zitaduteguje, rimwe na rimwe zikaduteza ivyago, kandi ko ata co turi buhindure.

  •   Isi yenetse ku busa. (Yobu 26:7) Abantu benshi ba kera biyumvira yuko isi imeze nk’ikintu kibase giteretse ku kigatanya canke ku gikoko amahero, nk’imbogo canke ikinyamasyo.

  •   Amazi y’inzuzi n’imbizi ni amazi aba yaraduze ari umwuka avuye mu mabahari n’ahandi hantu hari amazi, mu nyuma akagwa nk’imvura, urubura rusanzwe canke urubura rw’ifu bita neige. (Yobu 36:27, 28; Umusiguzi 1:7; Yesaya 55:10; Amosi 9:6) Abagiriki ba kera bobo biyumvira yuko amazi y’inzuzi ava mw’ibahari yo mu kuzimu, ivyo vyiyumviro abantu bakaba barabigumanye gushika mu kinjana ca 18.

  •   Imisozi iraduga ikaba miremire ikongera ikagabanuka, kandi imisozi tubona muri iki gihe yarigeze kuba ipfutswe n’ibahari. (Zaburi 104:​6, 8) Ariko inkuru z’ibitito zivuga yuko imana zaremye imisozi, ziyirema imeze nk’uko tuyibona.

  •   Isuku rirakingira amagara. Amategeko Imana yahaye Isirayeli ya kera yarimwo amabwirizwa yabasaba kwihumanura iyo bakoze ku kiziga, gushira abarwaye indwara zandukira ukwa bonyene no guhamba umwanda mukuru. (Abalewi 11:28; 13:​1-5; Gusubira mu vyagezwe 23:13) Ariko mu Misiri ha kera, umwe mu miti bashira ku gikomere wari ugizwe n’uruvange rurimwo amazirantoke y’abantu.

Hoba hari ibintu Bibiliya ivuga bidahuje na siyansi?

 Umuntu asuzumye neza Bibiliya arabona ko ata bintu ivuga bidahuje na siyansi. Ng’ibi ibintu bimwebimwe abantu biyumvira ko Bibiliya yihenzeko:

 Ikinyoma: Bibiliya ivuga yuko ijuru n’isi vyaremwe mu misi itandatu y’amasaha 24.

 Ukuri: Bibiliya yerekana yuko Imana yaremye ijuru n’isi kera cane, hakaba haciye igihe kitazwi. (Itanguriro 1:1) Vyongeye, imisi y’irema ivugwa mu kigabane ca 1 c’Itanguriro vyari ibiringo tutazi uko bireha. Nkako, ikiringo cose Imana yamaze irema ijuru n’isi, Bibiliya icita “umusi.”​—Itanguriro 2:4.

 Ikinyoma: Bibiliya ivuga yuko ibimera vyaremwe imbere y’uko izuba ribaho ngo ribifashe kubaho.​—Itanguriro 1:​11, 16.

 Ukuri: Bibiliya yerekana yuko izuba, iriri mu nyenyeri zigize “amajuru,” ryaremwe imbere y’uko ibimera bibaho. (Itanguriro 1:1) Mu kiringo Bibiliya yita “umusi” wa mbere w’irema, umuco udakayangana cane w’izuba waratanguye gushika ku buringanire bw’isi. Ikirere cagiye kirarushiriza kubona. Ku “musi” ugira gatatu w’irema, umuco w’izuba wari umaze kuba mwinshi ku buryo washobora gufasha ibimera kubaho. (Itanguriro 1:​3-5, 12, 13) Izuba ubwaryo ryatanguye kuboneka kw’isi mu nyuma.​—Itanguriro 1:​16.

 Ikinyoma: Bibiliya ivuga yuko izuba rizunguruka isi.

 Ukuri: Mu Musiguzi 1:5 hagira hati: “Izuba riraseruka, rikarenga, hanyuma rikaza rihezagirika rigana ikibanza caryo, aho riza kwongera guserukira.” Ariko rero, ayo majambo ashaka gusa kuvuga ukuntu izuba riboneka umuntu arirabiye kw’isi. No muri iki gihe, abantu baravuga ko “izuba riseruka” mu nyuma “rikarenga,” naho baba bazi ko isi ari yo izunguruka izuba.

 Ikinyoma: Bibiliya ivuga ko isi ibase.

 Ukuri: Bibiliya irakoresha imvugo “impera y’isi” (Bibiliya Yera) ishaka kuvuga “akarere ka kure rwose k’isi.” Ntiba ishaka kwerekana ko isi ibase canke ko ifise impera. (Ivyakozwe 1:8) N’imvugo “ku mpera zine z’isi” Bibiliya ikoresha ni imvugo ngereranyo ishaka kuvuga isi yose uko yakabaye. No muri iki gihe, umuntu arashobora kuvuga ngo “impande zine z’isi” mu buryo nk’ubwo.​—Yesaya 11:12; Luka 13:29.

 Ikinyoma: Bibiliya ivuga yuko inkikuro y’umuzingi iruta ubwaguke bwawo incuro zitatu, mugabo tukaba tuzi ko inkikuro y’umuzingi iruta ubwaguke bwawo incuro 3,1416.

 Ukuri: Mu 1 Bami 7:​23 no mu 2 Ngoma 4:2 havuga yuko ikibesani amahero citwa “ikiyaga gishongeshejwe” cari gifise ubwaguke bw’amatambwe 10 be n’uko “kugikikuza cose vyasaba ikamba y’amatambwe mirongo itatu.” Biboneka ko abanditse ivyo bitabu bashimye gukoresha ibitigiri vyuzuye. Birashoboka kandi ko ibipimo vy’iyo nkikuro babipimye bafatiye indani muri ico kibesani, ivy’ubwaguke bwaco na vyo babipima bafatiye inyuma.