Ja ku birimwo

Gukingira ibidukikije i Warwick

Gukingira ibidukikije i Warwick

Ivyabona vya Yehova baratanguye kwubaka inyubakwa nshasha z’icicaro gikuru cabo hafi y’ikiyaga citwa Sterling Forest (Ikiyaga c’Ubururu) mu karere kari kure y’igisagara muri leta ya New York. None bariko bakora iki ngo bakingire aho hantu be n’ibikoko bihaba?

Barubatse uruzitiro rw’imfatakibanza rukikuza ikibanza bariko barubakamwo kugira ngo inzoka be n’ibinyamasyo bihaba ntivyinjire muri ico kibanza ngo bigire ingorane. Urwo ruzitiro rurasuzumwa buri gihe kugira ntihagire ibikoko vyinjira muri ico kibanza ngo bibure ingene bivayo. Ubwubatsi nibwarangira, uruzitiro rugasamburwa, inzoka zose zizoba ziri hafi cane y’inyubakwa zizoca zisubizwa aho zisanzwe ziba, ivyo bikazogirwa n’umuntu yamenyerejwe kubigira mu buryo butarimwo akaga.

Inyoni yitwa merlebleu de l’Est

Ivyabona batemye ibiti mu mezi y’urushana kugira ngo ntibabuze amahoro inyoni zitwa merlebleu de l’Est hageze ko zarika. Ubwubatsi bumaze kurangira mu bibanza batemyemwo ibiti, bazohubaka utuzu tw’inyoni kugira zishobore kugaruka kuhaba.

Vyongeye, baratanguye gutaba no kubonesha ibibanza bimwebimwe kuva muri Gitugutu umwaka uheze gushika muri Ntwarante kugira ngo imbuto z’ishurwe rigeramiwe ryitwa scutellaire casquée zishobore gusanzara no gukurira neza aho hantu. Urwo rutonde ni rwo bariko barakorerako naho kuva mu 2007 ata giterwa na kimwe c’iryo shurwe kiraboneka muri ico kibanza c’i Warwick kiriko kirubakwamwo.

Ikiyaga Sterling Forest, igihana urubibe n’ico kibanza, kirimwo inyoni zoga mu mazi n’amafi atandukanye, nk’inguhe n’ayitwa bar, brochet na perche. Mu ntumbero yo gukingira ico kiyaga, abatunganya imigero bahisemwo gukoresha ubuhinga bwo kwubaka bukingira ibidukikije. Muri ubwo buhinga harimwo ugutera ibimera hejuru ku nzu, bikaba bizofasha kuyungurura ibintu bitosekaza ikirere biba mu mvura bikagabanya n’amazi atemba. Vyongeye, ibimera vyimeza biri ku nkengera y’ikiyaga birabungabungwa kandi bigakingirwa.

Icabona umwe yagize uruhara cane muri ivyo avuga ati: “Naho ivyo bizosaba umwanya wiyongereye n’imyiteguro yiyongereye, twiyemeje gukingira ibidukikije biri muri iki kibanza c’i Warwick.”