Ja ku birimwo

Igisupanyoli catashe muri Espanye

Igisupanyoli catashe muri Espanye

Yezu yavuze ko inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana yokwamamajwe kw’isi yose. (Matayo 24:14) Kuva mu 1909, Ivyabona vya Yehova barasohora ibitabu bishingiye kuri Bibiliya biri mu gisupanyoli. Ivyo bituma abantu bo hirya no hino kw’isi bumva inkuru nziza mu rurimi bonse. Muri iki gihe, igisupanyoli ni rwo rurimi ruvugwa n’abantu benshi nka rwo rurimi bazi neza havuye igishinwa. Ruvugwa n’abantu bashika imiliyoni 400.

William, umwe mu bahinduzi b’igisupanyoli, yavuze ati: “Igisupanyoli ni ururimi mpuzamakungu ruvugwa n’abantu bo mu bihugu vyinshi kandi bafise imico itandukanye. Ihangiro ryacu ni uguhindura igisomwa mu buryo bukora ku mutima abasomyi bo mu mihingo yose, abize n’abatize, abakene n’abatunzi.” Kugira bashobore gukora ku mutima abo bantu batandukanye, uwo umugwi w’abahinduzi urimwo abo muri Arjantine, Gwatemala, Kolombiya, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Megizike, Porto Riko, Salvador, Uruguay, Venezuwela, tutibagiye na Espanye.

Ivyabona vya Yehova baramaze imyaka mirongo bahindura mu gisupanyoli bari muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bafashijwe n’abandi bari muri Arjantine, muri Megizike no muri Espanye. Ariko mu 1993, uwo mugwi w’abahinduzi warimukiye muri Porto Riko, bituma abahinduzi bose bakorera hamwe.

Muri Ntwarante 2012, harafashwe ingingo y’uko urwego rw’ubuhinduzi bw’igisupanyoli rwimurirwa ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova muri Espanye. Edward agira ati: “Turetse ko vyari bikenewe kwimura abantu n’ibintu vyabo hamwe n’ibikoresho, hari ikindi kintu kidasanzwe twategerezwa kwimukana, na co kikaba ari ububiko bw’ibitabu vy’ubuhinduzi.” Ubwo bubiko bugizwe n’ibitabu vyo kugiramwo ubushakashatsi bishika 2.500, aho hakaba harimwo impinduro amajana za Bibiliya ziri mu gisupanyoli.

Bakiranwa urweze muri Espanye

Ku wa 29 Rusama 2013, abagize uwo mugwi w’abahinduzi b’igisupanyoli ni ho bashika muri Espanye. Bakiranywe urweze n’abagize umuryango wa Beteli wo muri Espanye. Mu kuja muri Espanye, abahinduzi bajabutse ibahari Atlantike bari kumwe n’ibikoresho vyabo be n’ibitabu vy’ubushakashatsi. Abasomyi b’igisupanyoli bagumye baronka ibinyamakuru vyacu biri mu gisupanyoli kubera ko ico gikorwa co kwimuka cari catunganijwe neza kandi gikoranwa ubwira. Edward agira ati: “Igihambaye ni ubutumwa bwiza bwerekeye Ubwami bw’Imana. Ico twipfuza, ni uko ubwo butumwa busomwa n’abantu benshi bashoboka bavuga igisupanyoli.”