Ja ku birimwo

Dukubitire i Warwick (Igice ca 2: Nyakanga—Kigarama 2014)

Dukubitire i Warwick (Igice ca 2: Nyakanga—Kigarama 2014)

Ivyabona vya Yehova bariko barubaka ahazokwimukira icicaro gikuru cabo. Ayo mafoto arerekana ibikorwa vyaranguwe kuri iyo shantiye kuva muri Nyakanga gushika muri Kigarama 2014.

Uko hazoba hameze nibaheza kuhubaka. Uhereye hejuru ibubamfu:

  1. Garaje

  2. Parikingi y’abashitsi

  3. Parikingi y’abahaba be n’aho kubungabungira ibikoresho

  4. Inyubakwa y’uburaro ya B

  5. Inyubakwa y’uburaro ya D

  6. Inyubakwa y’uburaro ya C

  7. Inyubakwa y’uburaro ya A

  8. Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Ku wa 11 Nyakanga 2014: Parikingi y’abashitsi

Bariko barakora amatanga y’ivyuma azoshirwa ku nyubakwa y’uburaro ya C.

Ku wa 18 Nyakanga 2014: Ishantiye y’i Warwick

Ifoto yafashwe n’uwuri mu bumanuko yerekeza ku Kiyaga c’Ubururu. Hariko harakoreshwa ijeke zitari musi ya 13. Aha imbere kw’ifoto, bariko barasuka ibeto y’umushinge w’inyubakwa y’uburaro ya B.

Ku wa 26 Nyakanga 2014: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Ivyo ni ivyuma vy’inkingi n’amatanga. Kuba hakoreshwa ivyuma, bituma ikibanza caguka kandi bigacungura umwanya.

Ku wa 9 Gitugutu 2014: Ishantiye y’i Warwick

Bariko baterateranya amatanga asakaye azoshirwa ku nyubakwa y’uburaro ya C. Ibubamfu na ho, bariko barakora igice c’igisenge.

Ku wa 15 Gitugutu 2014: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Abakozi b’amakompanyi y’ubwubatsi bariko barashira inkingi z’ivyuma ahazoja igikoni, icumba c’uburiro, imesuriro be n’iyindi mirimo.

Ku wa 15 Gitugutu 2014: Ishantiye y’i Warwick

Bahaye uburoso uwuriko ashiraho imiringoti itwara imyanda.

Ku wa 20 Gitugutu 2014: Ishantiye y’i Warwick

Ako ni agahome bubatse kugire bereke abubatsi bose harimwo na bashasha ingene amatafari apangwa, ibara ry’isima be n’uburyo bwo kujwenta bukoreshwa. Aho bariko barabomora nya gahome kubera ko ico bakubakiye carangiye.

Ku wa 31 Gitugutu 2014: Inyubakwa y’uburaro ya C

Ico ni igice c’igisenge kidugijwe aho kizoja. Kuba inyubakwa z’uburaro zifise igisenge c’imigongo ibiri bituma uwurabiye kure izo nyubakwa zose, abona ziteye igomwe.

Ku wa 7 Munyonyo 2014: Parikingi y’abahaba be n’aho kubungabungira ibikoresho

Bariko bashiraho itangi ijamwo amalitiro 95.000 y’igitoro. Ico gitoro ni co amamashini ashusha amazi azokoresha.

Ku wa 12 Munyonyo 2014: Inyubakwa y’uburaro ya C

Ifoto y’igice c’epfo c’iyo nyubakwa, iburyo hari ca Kiyaga c’Ubururu. Kuba hasizwe amabara adakaze ku rugero rumwe, bituma umuntu arabiye kure izo nyubakwa abona zisa neza cane.

Ku wa 21 Munyonyo 2014: Parikingi y’abahaba be n’aho kubungabungira ibikoresho

Umugabo n’umugore wiwe bariko bashiraho imiringoti imbere yuko basuka ibeto.

Ku wa 28 Munyonyo 2014: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Bariko barakuraho urubura ruri ku gisenge.

Ku wa 1 Kigarama 2014: Parikingi y’abahaba be n’aho kubungabungira ibikoresho

Abo ni umugabo n’umugore bariko barasuzuma imigero yerekana ingene ivy’amazi bizotunganywa muri iyo nyubakwa.

Ku wa 10 Kigarama 2014: Parikingi y’abahaba be n’aho kubungabungira ibikoresho

Hamwe bariko barimba, ahandi bariko barategura ahazoja ibeto, ahandi na ho bariko barasuka ibeto naho hariko haragwa urubura. Hejuru ibubamfu: ni igice c’inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo bapfukishije amashashe kugira babandanye ibikorwa bizirana n’ubukanye, nko gusuka ibeto no gushiraho ibikoresho birinda umuriro.

Ku wa 12 Kigarama 2014: Inyubakwa y’uburaro ya D

Imbere yuko bashiraho za mpome ziba zarakozwe, bariko bashira ku nkingi ibintu bituma hataba akabombera hagati ya nya mpome n’inkingi.

Ku wa 15 Kigarama 2014: Ishantiye y’i Warwick

Ifoto yafatiwe hejuru: inyubakwa z’uburaro ni zirya ziri haruguru. Irya nini yera na yo ni inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo. Iryo tongo ryose ringana n’amahegitari 100, ariko bubatse amahegitari adashika 20 kugira bakingire ishamba rihari.

Ku wa 15 Kigarama 2014: Ishantiye y’i Warwick

Ifoto yafatiwe hejuru: aho hepfo ni inyubakwa y’uburaro ya C n’iya D. Abakozi b’amakompanyi y’ubwubatsi bariko barasozera gusakara inyubakwa y’uburaro ya C.

Ku wa 25 Kigarama 2014: Inyubakwa y’uburaro ya C

Uwuriko arakora imbere mu cumba. Ku bijanye n’amakaro, irangi rizosigwa be n’itapi, hacaguwe imbere y’igihe ivy’ubwoko bune butandukanye. Rero muri buri cumba hazoshirwa ivy’ubwoko bumwe muri ubwo bune.

Ku wa  31 Kigarama 2014: Inyubakwa y’amabiro n’iyindi mirimo

Uwuriko aranora isima kugira amazi aze atembe.

Ku wa 31 Kigarama 2014: Inyubakwa y’uburaro ya C

Umufundi w’imyaka 77 ariko arashiraho intsinga za internet (fibre optique). Intsinga mwene izo zizokoreshwa zizoba zireha n’ibilometero 32.