Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Guhindura ihwaniro ry’akarere ryo mu 2020 ryataziriwe ngo ‘Mwame munezerewe’

Guhindura ihwaniro ry’akarere ryo mu 2020 ryataziriwe ngo ‘Mwame munezerewe’

10 MUKAKARO 2020

 Muri Mukakaro na Myandagaro 2020, ari bwo bwa mbere muri kahise, abavukanyi bo kw’isi yose bazokurikira insiguro zimwe z’ihwaniro ry’akarere kandi mu kiringo kimwe. Kugira ivyo bishoboke, vyasaba ko amavidewo y’insiguro z’iryo hwaniro ahindurwa mu ndimi zirenga 500. Mu bisanzwe, gutunganya ico gikorwa no kukirangiza vyosavye umwaka canke urenga. Ariko kubera ikiza ca korona, abahinduzi bari bafise amezi adashika kuri ane kugira babe barangije guhindura insiguro zose zigize iryo hwaniro.

 Urwego rujejwe gufasha abahinduzi rwarafashanije n’Urwego rwo kw’isi yose rujejwe kugura ibintu rukorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova mu gutunganya iyo poroje amahero. Urwego rujejwe gufasha abahinduzi rwarabonye ko imigwi myinshi y’abahinduzi yari ikeneye ibikoresho vyiyongereye, na canecane amamikoro abishoboye, kugira yitwararike ico gikorwa. Rero Urwego rwo kw’isi yose rujejwe kugura ibintu rwaraguze amamikoro 1.000 rwongera rurayarungika mu turere dushika nko ku 200.

 Kugira bakoreshe amahera make, ayo mamikoro bayaguriye hamwe nk’abarangura hanyuma barayagabura kugira arungikwe hirya no hino kw’isi. Kubera ko bayaguriye hamwe, ni nk’aho mikoro imwe yaguzwe amadorari nka 170 (nk’amarundi arenga 300.000), aho hakaba harimwo n’amahera yo kuyirungika. Ivyo vyatumye baziganya nk’ibice mirongo ibiri kw’ijana vy’amahera bari gukoresha iyo bagura imwimwe.

 Urwo rwego rujejwe kugura ibintu rwabwirizwa kugura no kurungika ayo mamikoro mu mezi ya Ndamukiza na Rusama, ayo nayo akaba yari amezi imangazini nyinshi zitariko zirakora neza bivuye kuri iki kiza ca korona. Naho vyari ukwo, mu mpera za Rusama vyinshi mu biro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene be n’ibiro vy’amashami vyari bimaze kuronka ivyo bikoresho.

 Jay Swinney ahagarikiye Urwego rwo kw’isi yose rujejwe kugura ibintu avuga ati: “Inzego zitandukanye za Beteli zarakoranye neza n’abo dushorera ibintu. Kuba twarashoboye gukora ico gikorwa mu buryo bwihuta kandi tugashobora gukoresha neza intererano zitangwa n’abavukanyi bacu, tubikesha impwemu ya Yehova.”

 Nicholas Ahladis akorera mu Rwego rujejwe gufasha abahinduzi avuga ati: “Abahinduzi bari bugaranywe kubera iki kiza bararemeshejwe no kuronka ivyo bikoresho. Naho wasanga umwe wese ari ukwiwe, barashoboye gukorana mu guhindura amavidewo y’insiguro, ibikino be n’indirimbo mu ndimi zirenga 500.”

 Ico gikorwa ni kimwe muri vyinshi vyaranguwe kugira ngo abavukanyi bari hirya no hino kw’isi bashobore gukurikirana ihwaniro ry’akarere ryo mu 2020 ryataziriwe ngo ‘Mwame munezerewe.’ Intererano mutanga mubikunze biciye kuri donate.pr418.com canke mu bundi buryo zaratumye bishoboka ko tugura ivyo bikoresho vyari bikenewe.