Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Barazanye kuri stidiyo y’i Mt. Ebo ibilo birenga 27.500 vy’urucekeri kugira bikoreshwe mu gutunganya ico gikino gishingiye kuri Bibiliya

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Gutunganya amavidewo agize ihwaniro ryo mu 2020 ryataziriwe ngo ‘Mwame munezerewe’

Gutunganya amavidewo agize ihwaniro ryo mu 2020 ryataziriwe ngo ‘Mwame munezerewe’

10 MYANDAGARO 2020

 Amavidewo dukurikira ku mahwaniro yacu arakora ku mutima kandi aratuma turushiriza gutahura Ivyanditswe. Ihwaniro ryo mu 2020 ryataziriwe ngo ‘Mwame munezerewe’ ririmwo amavidewo 114. Muri ayo, harimwo insiguro 43 zatanzwe n’abavukanyi bo mu Nama Nyobozi be n’abari mu makomite afasha Inama Nyobozi. Woba urigera wibaza ibintu vyakozwe kugira ayo mavidewo atunganywe be n’uburyo vyatwaye?

 Abavukanyi na bashiki bacu nka 900 bo hirya no hino kw’isi baratanze umwanya wabo n’ubuhanga bafise mu gutunganya iyo programa. Dufatiye hamwe, bamaze nk’amasaha 100.000 mu kiringo c’imyaka ibiri bariko bakora iyo poroje. Muri ayo masaha, harimwo nk’ayashika 70.000 bamaze bariko baratunganya igikino gishingiye kuri Bibiliya c’iminuta 76 kivuga ngo Nehemiya: ‘Akanyamuneza ka Yehova ni igihome kidukingira.’

 Kandi nk’uko mushobora kuba muvyiyumvira, ivyo vyasavye amahera atari make kugira twitwararike abitanze bose, tubaronse ibikoresho vyose vyari bikenewe kugira ngo ico gikorwa kirangire, twongere dutunganye ibibanza vyo gukoreramwo.

 Uwitwa Jared Gossman akorera mu Rwego rujejwe amajwi n’amasanamu avuga ati: “Komite nshingwanyigisho y’Inama Nyobozi iripfuza cane ko amavidewo yacu yerekana ibibanza n’imico kama bitandukanye kubera ko umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Kugira ivyo tubishikeko, twakoze iyo poroje turi imigwi 24 ikorera mu bihugu cumi na kimwe. Kubera ko ico gikorwa cariko gikorwa n’abantu bari hirya no hino kw’isi, casavye uburyo bwinshi be no gutunganya ibintu neza mu buryo budasanzwe.”

 Menshi mu mavidewo dutunganya arakenera kandi ibikoresho bidasanzwe. Nk’akarorero, igikino ca Nehemiya catunganirijwe muri stidiyo y’i Mt. Ebo hafi y’i Patterson muri Amerika. Kugira bakoreshe neza amahera bari bafise ariko kandi ngo ivyerekanwa muri ico gikino bise n’uko vyari muri kahise, abo bavukanyi barubatse ibintu vyasa n’impome za kera z’i Yeruzalemu. Barubatse ibintu bimeze nk’ibihome vy’imetero zitandatu z’amahagarara bakoresheje imbaho, maze barabisiga irangi ku buryo biboneka nk’amabuye. Ivyo bintu barashobora kuvyunguruza kugira ngo bikoreshwe mu bice bitandukanye vy’ico gikino. Ivyo vyatumye batarinda kwubaka ibibanza vyinshi vyo gukiniramwo. Naho biri ukwo, kwubaka ibintu vyose vyari bikenewe kugira ngo ico gikino kirangire vyatwaye hafi amadolari 100.000 (amarundi arenga amamiliyoni 190). a

 Kumenya ivyo bintu vyose biratuma turushiriza gukenguruka programa y’ihwaniro ry’akarere ry’uyu mwaka. Turizigiye tudakeka ko utwigoro twose twakoreshejwe kugira ngo iyo programa itunganywe tuzotuma Yehova ashemezwa kw’isi yose. Turabakengurukiye cane ku ntererano mutanga ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose muciye kuri donate.pr418.com canke mukoresheje ubundi buryo.

a Igikino kivuga ngo Nehemiya: ‘Akanyamuneza ka Yehova ni igihome kidukingira’ catunganijwe imbere y’uko ikiza ca korona gitera. Rero ivyo kwegerana nta co vyari bitwaye.