Ja ku birimwo

12 NYAKANGA 2014
UBUDAGI

Ibirori vyo kwibuka Icabona ca Yehova yagandaguwe n’Abanazi

Ibirori vyo kwibuka Icabona ca Yehova yagandaguwe n’Abanazi

I SELTERS mu Budagi: Ku wa 16 Nyakanga 2014, ikigo cashinze icibutso kiri i Brandebourg caratunganije ibirori bidasanzwe vyo kwibuka imyaka 75 iheze August Dickmann agandaguriwe mw’ibohero ry’i Sachsenhausen, rikaba ari rimwe mu mabohero Abanazi bapfungiramwo abantu bunyamaswa. Ni we muntu wa mbere yishwe ku mugaragaro n’Abanazi mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, azira ko yanse kuja mu gisoda abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima.

August Dickmann, nko mu 1936.

Muri Gitugutu 1937, ni ho Dickmann yapfungirwa mw’ibohero ry’i Sachsenhausen ahorwa ko ari Icabona ca Yehova. Mu 1939, haciye imisi itatu Intambara ya kabiri y’isi yose itanguye, igipolisi c’iperereza citwa Gestapo caramuhamagaje, kimusaba gusinya ikarata yo kwinjira mu gisoda c’Ubudagi. Yaravyanse, baca bamupfungira ukwa wenyene. Umukuru w’ibohero yaciye asaba umukuru w’igipolisi uruhusha rwo kwicira Dickmann imbere y’abandi banyororo bose. Ku wa 15 Nyakanga 1939, Ivyabona vya Yehova amajana harimwo na mwenewabo Heinrich, barahaswe ngo baje kuraba ingene Dickmann agandagurwa. Haciye imisi ibiri ivyo bibaye, ikinyamakuru The New York Times caravuze ivyabaye mu Budagi giti: “Uwitwa August Dickmann w’imyaka 29, . . . yararashwe n’abasoda bajejwe kurasa abaciriwe urwo gupfa.” Ico kinyamakuru cabandanije kivuga ko yishwe azira kwanka kuja mu gisoda “ku bw’imvo z’ivy’idini.”

Ku wa 18 Nyakanga 1999, ni ho ku ruhome rw’ahahoze ibohero ry’i Sachsenhausen hashirwa icandikano co kwibuka Ivyabona vya Yehova barenga 890 bahapfungiwe. Harashizweho kandi n’ibuye ry’icibutso ku bwa Dickmann.

Ivyo birori vyo kwibuka umwaka ugira 75 Dickmann yishwe, vyatanguriye ku cibutso ciwe bibandaniriza ahahoze igikoni c’abanyororo. Harashikirijwe amajambo atandukanye harimwo n’ijambo nyamukuru ryashikirijwe na Detlef Garbe, umwanditsi akaba n’umuyobozi w’ikigo cashinze icibutso kiri ahahoze ibohero ry’i Neuengamme.

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél: +1 718 560 5000

Mu Budagi: Wolfram Slupina, tél: +49 6483 41 3110