Ja ku birimwo

Abanyeshure b’Ivyabona bari bankiwe kuronka amabilete kubera banse kuriha imperezwa

9 RUHESHI 2016
Rwanda

Urwanda rurwanya ikumirwa rishingiye ku madini mu mashure

Urwanda rurwanya ikumirwa rishingiye ku madini mu mashure

Leta y’Urwanda yarafashe ingingo yo gukuraho ikumirwa rishingiye ku madini mu mashure mu gushinga itegeko risaba kwubahiriza ivyo umunyeshure wese yemera. Ako ni agakuru keza ku banyeshure usanga ijwi ryabo ryo mu mutima ritabemerera gukora ibikorwa bimwebimwe vyo kw’ishure.

Mu Rwanda, amashure menshi usanga ayoborwa n’amadini ariko agashigikirwa na Leta. Abanyeshure bose baremererwa kwiyandikisha muri ayo mashure, ugaca usanga rero higa abana bo mu madini atandukanye. Ariko rero, hari abayobozi b’amashure bategeka abanyeshure kuja mu bikorwa vy’idini canke vyo kwihebera igihugu, kibure gutanga imperezwa. Abanyeshure usanga ukwemera kwabo kutabarekurira gukora ivyo bikorwa barahanwa. Umushikiranganji w’indero yo mu mashure matoyi n’ayisumbuye arerekana ingene abayobozi benshi babona ibintu. Avuga ko bibwira bati: “Abanyeshure bacu ntibemerewe gusenga mu buryo butandukanye n’uko twebwe dusenga.”

Itegeko rya Leta rishigikira uburenganzira bwo kwisunga ijwi ryo mu mutima

Abakuru bo mu ntwaro barakosoye iyo ngorane mu gusohora itegeko rigenewe gukuraho ikumirwa rishingiye kw’idini mu mashure. Ingingo ya 12 y’itegeko ry’igihugu No. 290/03, yatangajwe mu kinyamakuru ca Leta co ku wa 14 Kigarama 2015, ivuga ko ishure iryo ari ryo ryose rikwiye kwubahiriza umwidegemvyo w’abanyeshure rikabareka bagasenga bisunze ukwizera kwabo igihe idini barimwo riba ryemewe n’amategeko kandi bikaba bitabangamira ivyigwa kw’ishure.

Ishure iryo ari ryo ryose rikwiye kwubahiriza umwidegemvyo wo gusenga w’abanyeshure.—Itegeko No. 290/03, Ingingo ya 12

Iryo tegeko rirashigikira ingingo Sentare isubiramwo imanza y’i Karongi yafashe ku vyerekeye abanyeshure b’Ivyabona bari birukanywe kw’ishure ry’aho muri Rusama  2014. Abayobozi b’iryo shure bararwanije abanyeshure banse kugira uruhara mu bikorwa bijanye n’idini vyakorwa n’ishure. Sentare yarambitse izera abo banyeshure maze barabandanya kwiga.

Ikindi gihe, umuyobozi w’ishure riri mu karere ka Ngororero yaranse guha amabilete abanyeshure 30 bari banse gutanga imperezwa (izo mperezwa nta ho zari zihuriye n’amahera y’ishure). Igihe abavyeyi baza kubibaza uwujejwe indero y’amashure yo muri ako karere, uwo muyobozi yaratevye aremera guha amabilete abo banyeshure bose mu mpera z’umwaka w’ishure.

Abanyeshure b’Ivyabona baronka agahengwe

Umunyeshure w’Icabona yitwa Uwimbabazi Chantal yari yarirukanywe kw’ishure ry’i Ngororero kubera yari yanse kuja mu misa. Abanyeshure bigana baramutwenze kandi yaramaze umwaka wose atiga. Yahavuye aja kwiga ku rindi shure riri kure y’i muhira kandi bariha amahera menshi. Cari ikintu kitoroshe kuri mama wiwe w’umupfakazi yifitiye uburyo buke. Igihe Chantal yamenya ivy’iryo tegeko rishasha yarumvise aruhuriwe. Yavuze ati: “Ndibaza ko abandi banyeshure bari mu mashure ayobowe n’amadini bazoshobora gukurikirana ivyigwa uburenganzira bwabo butarinze guhonyangwa.”

Iryo tegeko rishasha rirahuye n’Ibwirizwa shingiro ry’Urwanda, iriha abantu umwidegemvyo mu vyo gusenga n’uburenganzira bwo kwiga. Abanyeshure b’Ivyabona vya Yehova be n’abavyeyi babo barashashaye kubona ikumirwa rishingiye ku madini rivuyeho. Barakenguruka ivyo Leta yakoze kugira ikingire umwidegemvyo wo gusenga w’abanyeshure.