Ja ku birimwo

Ivyotuma mu rugo haba agahimbare

Niwigishe abana bawe ingingo zigenga inyifato runtu

Niwigishe abana bawe ingingo zigenga inyifato runtu

Loida, * inabibondo wo muri Megizike, avuga ati: “Udukingirizo dutangwa ku mugaragaro kw’ishure, abana bagaca bibaza yuko guhuza ibitsina ata co bitwaye, ngo bakire gusa kuba bikingiye.”

Nobuko, inabibondo wo mu Buyapani, avuga ati: “Narabajije umuhungu wanje ico yokora bishitse akaba ari kumwe n’umukobwa bakundana ari bonyene. Yanyishuye ngo: ‘Sinzi.’”

IGIHE umuhungu wawe canke umukobwa wawe yari aciga kwavura, woba waramukingira ibintu vyo mu nzu bishobora kumugirira nabi? Kumbure warapfuka harya bacomeka ibikoresho vy’umuyagankuba, ukanyegeza ibikoresho bitemana, ukongera ugashira ku ngazi z’inzu ikintu gitangira umuntu ngo ntatembe, ivyo vyose ukabigira urondera gukingira umwana wawe.

Ese iyo biba ari ico gusa bisaba kugira ukingire umwana wawe ageze mu buyabaga! Uribaza ibibazo bihambaye kuruta nk’ibi: ‘Umuhungu wanje yoba araba amashusho yerekana ubushegabo?’ ‘Umukobwa wanje yoba arungikira abandi amafoto yifotoje ateye isoni, akoresheje telefone?’ Uribaza n’iki kibazo giteye akoba uti: ‘Umwana wanje w’umuyabaga yoba ashurashura?’

Gucungana na bo ni ukwihenda

Abavyeyi bamwebamwe baragerageza gucungana n’abana babo b’imiyabaga amasaha 24 kuri 24 mu kubarereka no mu gushinga ijisho akantu kose bakora. Ariko benshi muri bo barateba bakabona ko ivyo ata kindi bishikako uretse gutuma uwo mwana w’umuyabaga akorera ibintu mu kinyegero. Umuhungu wabo canke umukobwa wabo aca aba umuhinga mu vyo kunyegeza twa tugeso nyene abavyeyi biwe bagerageza kumubuza.

Vy’ukuri, gucungana na bo si wo muti. Yehova Imana ubwiwe ntakoresha ubwo buryo kugira ngo atume ibiremwa vyiwe bimugamburukira, kandi nawe muvyeyi ntukwiye kubukoresha. (Gusubira mu vyagezwe 30:19) Ushobora gute none gufasha abana bawe b’imiyabaga gufata ingingo ziranga ubukerebutsi mu bijanye n’inyifato runtu?​—Imigani 27:11.

Ikintu c’ishimikiro wokora ni ukuyaga n’abana bawe udahengeshanya kandi ugatangura kuva bakiri bato. * (Imigani 22:6) Bamaze kugera mu buyabaga, na ho nyene nimubandanye muyaga. Wewe muvyeyi, ukwiye kubera umwana wawe w’umuyabaga isôko rya mbere ry’amakuru yo kwizigirwa. Umwigeme umwe wo mu Bwongereza yitwa Alicia avuga ati: “Abantu benshi bibaza ko abagenzi bacu ari bo dukwiye kuyagira ibijanye n’igitsina, ariko ivyo si vyo. Dushima kuronka ayo makuru tuyakuye ku bavyeyi bacu. Turizigira ivyo batubwira.”

Igituma ingingo zigenga inyifato runtu zikenewe

Uko abana bakura, barakenera kumenya n’ibindi ku bijanye n’igitsina uretse gusa kumenya ingene umuntu avuka. Birakenewe kandi ko “ububasha bwabo bwo gutegera bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi.” (Abaheburayo 5:14) Muri make, barakeneye ivyo bisunga, ni ukuvuga ingingo zigenga inyifato runtu zigizwe n’ibintu bemera badakeka ku bijanye n’igitsina, bagakenera kandi kubaho bahuza na vyo. Ushobora gute none kwigisha izo ngingo ngenderwako umwana wawe w’umuyabaga?

Nubanze urimbure ingingo zigenga inyifato runtu wewe ubwawe wisunga. Nk’akarorero, woshobora kuba wemera udakeka ko gusambana, ni ukuvuga uguhuza ibitsina kw’abatubakanye, ari bibi. (1 Abatesalonika 4:3) Birashoboka ko abana bawe bazi aho uhagaze ku bijanye n’ico kibazo; hari aho mbere boba bashoboye gusubiramwo imirongo yo muri Bibiliya ishigikira ivyo wemera. Umuntu ababajije, boshobora guca bishura yuko guhuza ibitsina imbere yo kwabirana ari bibi.

Ariko rero, harakenewe n’ibindi. Igitabu kimwe (Sex Smart) kirerekana yuko abakiri bato bamwebamwe bashobora kuvuga ku karimi gusa ko bashigikira ivyo abavyeyi babo bemera ku bijanye n’igitsina. Kivuga giti: “Usanga bafise amakenga menshi ku buryo bibagora kugira aho bahagaze. Igihe bashikiwe n’ikintu batari biteze maze bakabura ico bafata n’ico bareka, barazazanirwa maze bakaburanirwa.” Ni co gituma rero bakeneye ingingo zigenga inyifato runtu bisunga. Ushobora gute none gufasha abana bawe b’imiyabaga kugira ngo bagire izo ngingo zigenga inyifato runtu?

Nutomore ingingo zigenga inyifato runtu wisunga.

Woba wemera yuko uguhuza ibitsina gukwiye kuba hagati y’abubakanye gusa? Nubibwire rero umwana wawe w’umuyabaga utomora kandi kenshi. Nk’uko igitabu kimwe (Beyond the Big Talk) kibivuga, ivyatohojwe vyerekana ko “mu ngo aho abavyeyi beretse abana babo b’imiyabaga mu buryo butomoye ko badashima imiyabaga ihuza ibitsina, abo bana b’imiyabaga usanga bishoboka ko bateba kuja mu vyo guhuza ibitsina.”

Ego ni ko, nk’uko twamaze kuvyerekana, kuvuga gusa ingingo zigenga inyifato runtu wisunga ntibisobanura yuko umuhungu wawe canke umukobwa wawe azoca ahitamwo kubaho azisunga. Yamara rero, ingingo zigenga inyifato runtu ushaka ko umuryango wawe wisunga zizoba umushinge abana bashobora gushingirako izo ubwabo bisunga. Vyongeye, ivyigwa vyagizwe vyerekanye ko abakiri bato benshi bahava bakisunga ingingo zigenga inyifato runtu abavyeyi babo bisunga naho mu myaka y’ubuyabaga usanga umengo barazishize ku ruhande.

GERAGEZA IKI KINTU: Nukoreshe ikintu cavuzwe mu makuru kugira ngo utanguze ikiyago maze wereke umwana wawe ingingo zigenga inyifato runtu wisunga. Nk’akarorero, nimba hariho umuntu yakorewe amabi mu vy’igitsina avuzwe mu makuru, woshobora kuvuga uti: “Ndababazwa cane n’ukuntu abagabo bamwebamwe bafata nabi abakenyezi barondera inyungu zabo bwite. Wibaza ko ivyiyumviro bituma bakora ivyo babikura hehe?”

Nubabwire ukuri ku bijanye n’igitsina.

Kubagabisha birakenewe. (1 Abakorinto 6:18; Yakobo 1:14, 15) Ariko rero, ahanini Bibiliya yerekana ko amabanga mpuzabitsina ari ingabirano y’Imana, ntiyerekana ko ari umutego wa Shetani. (Imigani 5:18, 19; Indirimbo ya Salomo 1:2) Abana bawe b’imiyabaga ubabwiye gusa ibijanye n’ingeramizi z’uguhuza ibitsina, vyoshobora kubashiramwo ivyiyumviro bitari vyo kandi bidashingiye ku Vyanditswe ku bijanye n’ico kintu. Umukenyezi umwe akiri muto wo mu Bufaransa yitwa Corrina avuga ati: “Abavyeyi banje wasanga bashimika cane ku bijanye n’ubushegabo, kandi vyatumye nsigara mbona nabi ibijanye no guhuza ibitsina.”

Niwiyemeze neza ko abana bawe bazi ukuri ku bijanye n’igitsina. Inabibondo umwe wo muri Megizike yitwa Nadia avuga ati: “Ikintu namye ngerageza gufasha abana banje b’imiyabaga gutahura ni uko guhuza ibitsina ari ikintu gihimbaye kandi twaremanywe be n’uko Yehova Imana yabihaye abantu kugira babinezererwe. Ariko bikwiye kugirwa n’ababiranye. Birashobora gutuma duhimbarwa canke tugira ingorane, bivanye n’ingene tubikoresha.”

GERAGEZA IKI KINTU: Niwasubira kuyaga n’umwana wawe w’umuyabaga ibijanye n’igitsina, nusozerere ico kiyago ku bintu biremesha. Ntutinye kuvuga ko uguhuza ibitsina ari ingabirano ihimbaye iva ku Mana uwo mwana ashobora kuzonezererwa muri kazoza amaze kwubaka urwiwe. Niwereke umwana wawe w’umuyabaga yuko wizigiye ko azoshobora gushika ico gihe acumiye ku ngingo ngenderwako z’Imana.

Numufashe kurimbura ingaruka.

Kugira ngo imiyabaga ifate ingingo nziza ku kintu ico ari co cose cerekeye ubuzima, irakeneye kwiga kumenya ibintu bitandukanye yoshobora guhitamwo maze igashira ku munzane ivyiza n’ibibi biva ku co yohitamwo cose. Ntiwibaze yuko kumenya gusa iciza n’ikibi bihagije. Umukenyezi umwe mukirisu wo muri Ositaraliya yitwa Emma avuga ati: “Iyo nzirikanye ku makosa yo mu buto bwanje, ndashobora kuvuga yuko kumenya gusa ingingo ngenderwako z’Imana bidasobanura yuko uba uzemera. Gutahura ivyiza biva mu gukurikiza izo ngingo ngenderwako, tutibagiye n’ingaruka mbi ziva ku kuzihonyanga, birahambaye cane.”

Bibiliya irashobora kugira ico ifashije, kubera yuko menshi mu mategeko ari muri yo usanga ashigikiwe n’amajambo ashira ahabona ingaruka z’ugukora ibibi. Nk’akarorero, mu Migani 5:8, 9 harahimiriza abasore guhunga ubusambanyi kugira ‘ntibahe abandi iteka ryabo.’ Nk’uko iyo mirongo ivyerekana, abahuza ibitsina batarubaka hari ukuntu baba batakaje ubuntu, ntibabe bagitunganiye Imana kandi bakumva ko ata co bamaze. Ivyo bica bituma ata muntu afise iyo mico myiza yoba agishobora kubagomwa ngo bubakane. Kuzirikana ku ngaruka zo ku mubiri, mu mutima no mu vy’Imana ziva ku kutubaha amategeko y’Imana, birashobora gukomeza umwiyemezo umwana wawe w’umuyabaga afise wo kubaho ayisunga. *

GERAGEZA IKI KINTU: Nukoreshe ibigereranyo kugira ufashe umwana wawe w’umuyabaga kubona ubukerebutsi buri mu ngingo ngenderwako z’Imana. Nk’akarorero, woshobora kuvuga uti: “Umuriro wo mu ziko ni mwiza; ariko umuriro wa Nyakanga utema ugatongora ni mubi. Hari itandukaniro irihe hagati y’iyo miriro ibiri? None ivyo bihuye gute n’uturimbi Imana yashizeho ku bijanye n’igitsina?” Nukoreshe inkuru yo mu Migani 5:3-14 kugira ufashe umwana wawe w’umuyabaga gutahura ingaruka mbi z’ubusambanyi.

Uwitwa Takao wo mu Buyapani afise imyaka 18 avuga ati: “Ndazi yuko nkwiye gukora ibigororotse, mugabo nama ndiko ndarwana n’ivyipfuzo vy’umubiri.” Abakiri bato bumva bamerewe gutyo barashobora kuremeshwa n’uko atari bo bonyene bishikira. N’intumwa Paulo, uwari umukirisu ashikamye mu vy’Imana, yiyemereye ati: “Iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje.”​—Abaroma 7:21.

Imiyabaga vyoba vyiza imenye yuko kurwana intambara mwene iyo bitama ari bibi. Birashobora gutuma umuyabaga azirikana akibaza ati: ‘Nipfuza kuba umuntu ameze gute?’ Birashobora kumufasha guhangana n’iki kibazo: ‘Noba nshaka kwifatira mu minwe ubuzima bwanje maze nkamenyekana ko ndi umuntu afise ubuntu kandi atunganiye Imana, canke nipfuza kumenyekana ko ndi umuntu agira uko abandi bagize, yirekerana agatwarwa n’ivyipfuzo vyiwe?’ Umwana wawe w’umuyabaga niyaba afise ingingo zigenga inyifato runtu yisunga bizomufasha kwishura ico kibazo abigiranye ubukerebutsi.

^ par. 3 Bamwebamwe mu bavugwa muri iki kiganiro si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

^ par. 10 Ushaka ivyiyumviro ku bijanye n’ingene wotangura kuyaga n’abana bawe ivyerekeye igitsina be n’ingene wobihuza n’imyaka bafise, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2010, urupapuro rwa 12-14.

^ par. 22 Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikiganiro kivuga ngo “Urwaruka ruribaza . . . Guhuza ibitsina vyoba bizotuma turushiriza gukundana?” mu kinyamakuru Be maso! co muri Mukakaro-Nyakanga 2010 casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

NIWIBAZE UTI . . .

  • Ni ibiki binyereka ko umwana wanje w’umuyabaga afise ingingo zigenga inyifato runtu zikomeye yisunga?

  • Igihe nyaga n’umwana wanje w’umuyabaga ku bijanye n’igitsina, noba ahanini nerekana ko uguhuza ibitsina ari ingabirano y’Imana, canke nerekana ko ari umutego wa Shetani?