BE MASO! Rusama 2013 | Niwikingire ubugizi bwa nabi!

Abantu benshi babona ko ubugizi bwa nabi ari ikintu kibaraje ishinga. raba ico wokora kugira ngo wikingire.

ICOFASHA UMURYANGO

Ingene wotoza indero umwana wawe w’umuyabaga

Gutoza indero bisobanura kwigisha. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirashobora kugufasha kwigisha umwana wawe w’umuyabaga kugamburuka aho kugarariza.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Niwikingire ubugizi bwa nabi!

Wokora iki kugira ngo wewe n’abawe murushirize kwikingira?

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA

Umuyahudikazi asigura icatumye asubira gusuzuma ivyo yemera

Ni ibimenyamenya ibihe vyatumye Racquel Hall ajijuka yuko Yezu yari we Mesiya yari yiteganye igishika?

KAHISE KATWIGISHA IKI?

Kuro Mukuru

Kuro yari nde, kandi ni ibiki vyari vyaravuzwe ku bimwerekeye imyaka nka 150 imbere y’uko avuka?

TWISUNZE BIBILIYA

Imana imeze gute?

Imana yoba ari inguvu itagira ubwenge? Ni mu buryo ki abantu baremwe mw’ishusho y’Imana?

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Agakoko gafise igikankara kibona

Niwirabire amakuru atangaje yerekeye ako gakoko ko mu bitandara vyo mu kiyaga.

Ibindi usanga kuri internet

Nobigenza gute mfise ingorane y’amagara? (Igice ca 1)

Abakiri bato bane baravuga ibibafasha kwihanganira ingorane bafise z’amagara no kuguma babona ibintu mu buryo bwiza.

Loti n’umuryango wiwe: Amashusho yigana inkuru

Voma aka gakorwa maze ubone ivyo ushobora kwigira kuri Loti n’umuryango wiwe.