UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Myandagaro 2013

Iyi nomero iraca irya n’ino ukuntu twoguma turi beranda kandi tukaguma turi kirumara mu gikorwa c’Imana, ukuntu twokwirinda kwegeka ku Mana ingorane zidushikira be n’ukuntu tworwanya ugucika intege.

Mwarejejwe

Suzuma ibintu bine vyodufasha kuguma turi beranda no kuguma turi kirumara mu murimo w’Imana.

Ibibazo vy’abasomyi

Vyoba bibereye ko ku makoraniro y’ishengero abavyeyi bakirisu bicarana n’umwana yaciwe?

INKURU Y’UBUZIMA

Yehova ‘anyikorerera umutwaro ku musi ku musi’

Ni igiki cafashije mushiki wacu umwe wo muri Namibiya gusukura ahimbawe ari umutsimvyi mu kiringo c’imyaka 20, naho yari afise ingorane z’amagara zikomeye?

Ntiwigere ‘ugirira ubushangashirwe Yehova’

Hari abashavuriye Imana mu mutima wabo. Bayegekako ingorane zibashikira. Twokwirinda gute uwo mutego?

Bavyeyi, nimwigishe abana banyu guhera mu buhinja

Kwigisha umwana bikwiye gutangura ryari? Ukwo kwigishwa gukwiye kuba kurimwo ibiki?

Twiyumvirane twongere turemeshanye

Dushobora gute gufashanya kugira ngo tugume dukorera Imana tudahemuka n’igihe nyene turi mu ngorane?

Murabe ukuntu mubwirizwa kumera

Shetani ntiyipfuza ko dushimwa n’Imana. Twokora iki kugira ngo dukingire ubucuti dufitaniye na Yehova?

Elisha yarabonye imikogote y’umuriro—Woba nawe uyibona?

Elisha yarizera Yehova bimwe bikomeye akongera akamwizigira aherejeko. Twokwigira iki ku karorero kiwe?

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Uwo mwami yarahimbawe cane!

Nusome ukuntu umwami umwe wo muri Swazilande yahimbawe no kwiga ukuri kwo muri Bibiliya.