UMUNARA W’INDERETSI Munyonyo 2013 | Ibinyoma vyatumye abantu badakunda Imana

Ibinyoma bimaze ibinjana n’ibindi vyigishwa mu madini vyatumye abantu badakunda Imana kandi babona ko iri kure cane yabo. Twemezwa n’iki ko Imana itari kure yacu kandi ko itari ruburakigongwe?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Igituma bamwe bibagora gukunda Imana

Woba ubona ko Imana iri kure yawe? Imana yoba itabereye ko tuyikunda? Niwisomere igituma hari abakirisu bamye babibona gutyo.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko itagira izina

Abantu boba bashobora kumenya vy’ukuri izina ry’uruharo ry’Imana kandi bakarikoresha? Kubera iki bihambaye?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko ari amayobera

Inyigisho y’Ubutatu ni intambamyi mu bijanye no kumenya Imana vy’ukuri no kuyikunda. Vyoba vyoshoboka none ko ukunda vy’ukuri uwo udashobora kumenya canke gutahura?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko ari ruburakigongwe

Abantu benshi bemera ko Imana ihana abacumuzi ibihe bidahera. Imana yoba ikora ivy’ububisha? Bigenda gute vy’ukuri iyo umuntu apfuye?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ukuri kurashobora gutuma widegemvya

Ni ikintu ikihe Yezu yavuze twofatirako mu gusuzuma ko inyigisho z’idini kanaka ari iz’ukuri canke atari iz’ukuri?

IVYOTUMA MU RUGO HABA AGAHIMBARE

Nuganire n’umwana wawe w’umuyabaga mutarinze guharira

Umwana wawe w’umuyabaga ariko arishingira akaranga kiwe bwite kandi arakeneye kuronswa akaryo ko guserura ivyiyumviro vyiwe. Womufasha gute?

NIWIYEGEREZE IMANA

“Ihemba abayironderana ubwira”

Ni ukwizera bwoko ki guhimbara Yehova? Ahemba gute abamusenga babigiranye ukwizera

NIWIGANE UKWIZERA KWABO

‘Yiswe umugororotsi bivuye ku bikorwa’

Inkuru ya Rahabu yerekana gute yuko ata n’umwe muri twebwe Yehova adaha agaciro? Ukwizera kwiwe kutwigisha iki?

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Abeza bose boba bazoja mw’ijuru? Niwirabire ico Bibiliya ibivugako.

Ibindi usanga kuri internet

Ivyabona vya Yehova boba bemera ko idini ryabo ari ryo dini ryonyene ry’ukuri?

Yezu yoba yavuze ko hari inzira nyinshi zijana ku bukiriro?