UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Nzero 2014

Iyi nomero iremeza ko Yehova yamye ari Umwami. Iratuma kandi turushiriza gukenguruka Ubwami bwa Mesiya be n’ivyo bwaranguye.

Baritanze babikunze—Muri Afrika yo mu Burengero

Ni igiki catumye Abanyaburaya bamwebamwe bimukira muri Afrika yo mu Burengero, kandi vyabagendeye gute?

Nusenge Yehova wa Mwami w’ibihe bidahera

Kumenya ukuntu Yehova yakoze nk’Umuvyeyi be n’ukuntu aganza bizotuma urushiriza kumwiyegereza.

Imyaka 100 Ubwami bumaze butegeka—Igira ico ikoze gute kuri wewe?

Twokwungukira gute ku butegetsi bw’Ubwami? Rimbura ukuntu Umwami Mesiya atyorora, akigisha akongera akungunganya abatwarwa biwe.

Nuhitemwo neza mu buto bwawe

Abakirisu bakiri bato benshi biyeguye bariko baribonera ibintu biteye akamwemwe mu gufasha abandi. Ushobora gute kugira uruhara mu buryo bumara akanyota kuruta mu murimo wa Yehova?

Nukorere Yehova imisi y’ivyago itaraza

Ni uturyo tudasanzwe utuhe abakirisu bitereye mu myaka bafise two kwagura ubusuku bwabo?

“Ubwami bwawe nibuze”—None buzoza ryari?

Ni kubera iki twokwizigira ko Umwami yarobanuwe n’Imana agiye kugira ibindi bintu akoze kugira ngo ukugomba kw’Imana gukorwe kw’isi bimwe bishitse?

Ico nahisemwo nkiri umwana

Agahungu gaturuka i Columbus muri Ohio muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kahisemwo kwiga igikamboje. Kubera iki? Iyo ngingo kafashe yagize ico ikoze gute kuri kazoza kako?