BE MASO! Ruhuhuma 2014 | Ingene wokoresha neza umwanya wawe

Umwanya ugiye uba ugiye. Rimbura ibintu bine vyafashije abatari bake gukoresha neza umwanya wabo mu bintu bihambaye kuruta ibindi mu buzima.

Udukuru tw’irya n’ino

Muri utwo dukuru harimwo utwerekeye: amasenge y’inzovu ya forode muri Maleziya, ukutizigirwa kwa Ekleziya mu Butaliyano, indwara muri Afrika, n’abana bakina akamari muri Ostraliya.

TWISUNZE BIBILIYA

Ubupfumu

Abantu benshi baragerageza kuvugana n’abapfuye, ariko Bibiliya ibivugako iki?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ingene wokoresha neza umwanya wawe

Uburyo bumwe bwo gukoresha neza umwanya wawe ni ugusuzuma ubuzima bwawe ufatiye ku mice ibiri. Uti ni iyihe?

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA

Umuhinga mu vy’ibinyabuzima asigura icatumye yemera Imana

Ivyo Dogoteri Hans Kristian Kotlar yabonye mu gutohoza ivyerekeye ubushobozi umubiri ufise bwo kwirwanira vyatumye yibaza ibijanye n’inkomoko y’ubuzima. Kwiga Bibiliya vyamufashije gute kuronka inyishu z’ivyo bibazo?

KAHISE KATWIGISHA IKI?

Konsitantino

Raba ukuntu ivyo Konsitantino yakoze mu vya politike no mu vy’idini vyagize ico bihinduye ku nyigisho z’amadini menshi gushika n’uno musi.

ICOFASHA UMURYANGO

Wofasha gute umukobwa wawe w’umuyabaga arengewe n’umwitwarariko?

Abakobwa benshi b’imiyabaga bararengerwa n’amahinduka abashikira. Abavyeyi bofasha gute abakobwa babo kuvyifatamwo neza igihe barengewe n’umwitwarariko?

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Agatara k’uruzatsa rwitwa photuris

Ako gakoko kafashije gute abahinga kumenya ingene bokwongereza umuco wa twa dutara twitwa diodes électroluminescentes two mu vyuma vyinshi vya elegitoronike?

Ibindi usanga kuri internet

Woba urazwa ishinga cane n’uko usa?

Nimba udashima uko usa, ni igiki wokora kugira ubone ibikwerekeye ku rugero?

Umugenzi nyakuri ameze gute?

Biroroshe ko uronka abagenzi b’indyadya; none woronka gute umugenzi nyakuri?

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye n’ukurungikiranira ibiterasoni kuri telefone?

Woba uriko uragirwako umukazo wo kurungikiranira ibiterasoni kuri telefone? Ni ingaruka izihe ziva ku kubigira? Kwoba ari ukumenyerana mu vy’urukundo ata co gutwaye?