UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ntwarante 2014

Muri iyi nomero, numenye ingene wogumana agatima ko kwitanga kandi ukaguma ubona ibintu mu buryo bwiza. Twokwitwararika gute abo dusangiye ukwemera be n’incuti bageze mu zabukuru?

Ingene twoshikira umutima w’incuti zitemera

Ni igiki twokwigira ku kuntu Yezu yafata incuti ziwe? Dushobora gute kubwira ibijanye n’ukwizera kwacu abagize umuryango tudasangiye ukwemera canke batemera na gato?

Ingene twoguma dufise agatima ko kwitanga

Turahanganye n’umwansi yihishije ashobora kwonona agatima kacu ko kwitanga. Iki kiganiro kirerekana uwo mwansi uwo ari we be n’ukuntu dushobora gukoresha Bibiliya mu kumurwanya.

Ingene twoguma tubona ibintu mu buryo bwiza

Kubera iki abantu usanga babona ibintu mu buryo buca intege? Iki kiganiro kiratwereka ukuntu twokoresha Bibiliya kugira idufashe kuguma tubona ibitwerekeye mu buryo bwiza.

Ugusenga kwo mu muryango—Mwoba mwotuma kurushiriza kuryoha?

Raba ingene ugusenga kwo mu muryango kugirwa mu bihugu bitandukanye kugira ubone ibintu ngirakamaro bimwebimwe wogerageza.

Mutere iteka abageze mu zabukuru bari muri mwebwe

Nusuzume ukuntu Imana ibona abageze mu zabukuru. Ni amabanga ayahe abana bakuze bajejwe ku bavyeyi babo bageze mu zabukuru? Amashengero ashobora gute gutera iteka abageze mu zabukuru bari muri yo?

Twitwararike abageze mu zabukuru

Abavyeyi bageze mu zabukuru n’abana bakuze barashobora kuganira ivyo bokwiteguramwo n’ingingo zofatwa imbere y’uko “imisi y’ivyago” ishika. Bashobora gute gutsinda ingorane zimwezimwe?

Ijambo ryawe ryoba ari “Ego yamara ari Oya”?

Abakirisu b’ukuri bakwiye gushitsa ivyo basezeranye ntibigere bavuga “ego yamara ari oya.” Bite ho nimba dukeneye kwica isango? Niwigire ku karorero k’intumwa Paulo.